ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/15 rup. 10-11
  • Barigisha Bibiliya be no gusoma no kwandika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barigisha Bibiliya be no gusoma no kwandika
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ukuntu Imana yitaho abaragi
    Ibindi biganiro
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Be maso!—2015
g 8/15 rup. 10-11
Icabona ca Yehova ariko arigisha abantu gusoma no kwandika

Agatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika karafasha abantu kwiga gusoma no kwandika. Haramaze gusohorwa utwo dutabu amamiliyoni mu ndimi zirenga 100

Barigisha Bibiliya be no gusoma no kwandika

“Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kwiga gusoma no kwandika ico kikaba ari ikintu gituma atera imbere, imiryango be n’ibihugu na vyo bikabona gutera imbere.”​—UNESCO.a

AMARAPORO yerekana ko kw’isi yose abantu barenga imiliyoni 700 bafise imyaka 15 n’iyirenga batazi gusoma no kwandika. Ivyo bituma batamenya ibintu vyinshi, harimwo n’ibiri muri Bibiliya “vyanditswe kugira bitwigishe,” bidufasha kugira ingeso nziza no kwiyegereza Imana. (Abaroma 15:4) Ni co gituma mu bihugu vyinshi, igihe Ivyabona vya Yehova bigisha abantu Bibiliya babigisha kandi gusoma no kwandika, ivyo bakaba babigira ku buntu. None hari iciza vyavuyemwo?

Reka dufate akarorero k’Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike, ico kikaba ari igihugu kirimwo abantu benshi bavuga igisupanyoli. Kuva mu 1946, Ivyabona baramaze kwigisha gusoma no kwandika abantu barenga 152.000, benshi muri abo bakaba na bo nyene mu nyuma bigisha abandi. Leta yarandikiye Ivyabona amakete atari make kugira ibashimire ku bw’ico gikorwa. Ikete rimwe ryagira riti: “Ibiro bikuru biraba ivy’indero birashima ingene mushigikira umugambi wo kwigisha abakuze gusoma no kwandika.”

Abato n’abakuze barungukiye kuri ivyo vyigwa. Nk’akarorero, Josefina yari afise imyaka 101 igihe yatangura ivyo vyigwa. Mu myaka ibiri yari amaze kumenya gusoma no kwandika.

Naho ururimi nyamukuru muri Megizike ari igisupanyoli, ivyo vyigwa biragirwa no mu zindi ndimi. Mu 2013, abantu bavuga indimi kavukire umunani barize gusoma no kwandika mu ndimi zabo.

Mu vy’ukuri, kumenya gusoma no kwandika ni ikintu gihambaye gituma umuntu amenya ibintu vyinshi. Ariko igihambaye kuruta biratuma abantu b’uburyo bwose bashobora gusoma Bibiliya, ico kikaba ari igitabu canditswe bivuye ku Mana gishobora gutuma abantu bava mu buja bw’ibintazi, inyigisho z’ikinyoma be n’ingeso mbi.​—Yohani 8:32.

a UNESCO ni Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, ubuhinga n’imico kama.

YARATANGAJE UMURYANGO WIWE

Umuragi yitwa Daniel ariko arandika, hafi yiwe hari akuma kerekana ividewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Megizike

Daniel yarize ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Megizike akoresheje amavidewo

Kubera ko Daniel ari umuragi kenshi yaratwarwa n’ishavu agakarira cane abo mu muryango wiwe. Igihe yari afise nk’imyaka 23, hari Icabona w’umuragi yitwa Josué yatanguye kumwigisha Bibiliya. Mu ntango yakoresha ibimenyetso n’ibicapo. Mu nyuma Daniel yarize ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Megizike akoresheje amavidewo.b

Kubera ko Daniel yashira mu ngiro ivyo yiga muri Bibiliya, yaratanguye kugaragaza ico Bibiliya yita “umuntu mushasha,” akaba agizwe n’ingeso nziza nk’“impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Abakolosayi 3:10, 12) Daniel kandi yarakurikije impanuro Bibiliya itanga yo kwubaha abavyeyi no kubatera iteka. (Abanyefeso 6:1, 2) Umuryango wiwe waratangaye cane! Nyina wa Daniel yarakoroye amosozi mu gushimira Josué kubona yarigishije umwana wiwe ivyerekeye Imana. Mu 2007, Daniel yarabatijwe aba Icabona ca Yehova.

b Muri Megizike ibitabu 46 vy’Ivyabona vya Yehova biraboneka nk’amavidewo kuri DVD mu rurimi rw’ibimenyetso. Ku muhora wacu ari wo jw.org, hariyo amakuru yo mu ndimi z’ibimenyetso nka 80. Harategurwa n’ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi ku bwo gufasha abatabona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika