ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 3 rup. 3
  • Bibiliya—Yoba koko ‘yahumetswe n’Imana’?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya—Yoba koko ‘yahumetswe n’Imana’?
  • Be maso!—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI MU BURYO KI ‘YAHUMETSWE N’IMANA’?
  • “Bari barongowe n’impwemu nyeranda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
Ibindi
Be maso!—2017
g17 no. 3 rup. 3
Umutegetsi ariko abwira umunyamabanga wiwe ivyo yandika mw’ikete

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WEMEZWA N’IKI KO BIBILIYA IVA KU MANA?

Bibiliya​—Yoba koko ‘yahumetswe n’Imana’?

WOBA wemera ko Bibiliya iva ku Mana? Canke wibaza ko ari igitabu cuzuyemwo ivyiyumviro vy’abantu gusa?

Ivyo bibazo, mbere n’abavuga ko ari abakirisu ntibabihurizako. Nk’akarorero, mu 2014 itohoza ryagizwe muri Amerika n’ishirahamwe ryitwa Gallup ryerekanye ko abakirisu batari bake bemera ko “Bibiliya iva ku Mana.” Ku rundi ruhande, nk’umuntu 1 kuri 5 mu babajijwe, yabona ko Bibiliya ari igitabu “c’imigani n’ibitito, inkuru za kahise be n’amabwirizwa yanditswe n’abantu.” Ivyo vyiyumviro bidasa biratwereka ko abantu badatahura neza inkomoko ya Bibiliya. None imvugo ngo “icanditswe cose cahumetswe n’Imana” dusanga muri Bibiliya, isobanura iki?​—2 Timoteyo 3:16.

NI MU BURYO KI ‘YAHUMETSWE N’IMANA’?

Bibiliya igizwe n’ibitabu 66 bitobito, vyanditswe n’abantu nka 40 mu myaka nka 1.600. None ko Bibiliya yanditswe n’abantu, kubera iki ivuga ko ‘yahumetswe n’Imana’? Muri make, imvugo ngo “icanditswe cose cahumetswe n’Imana” isobanura ko Imana ari yo Sôko ry’amakuru dusanga muri ico gitabu. Bibiliya ivuga iti: “Abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:21) Mu yandi majambo, Imana yakoresheje inguvu zayo zitaboneka, ni ukuvuga impwemu nyeranda, kugira imenyeshe abo banditsi ubutumwa bwayo. Twobigereranya n’umutegetsi ariko abwira umunyamabanga wiwe ivyo yandika mw’ikete. Nyeneryo si uwuryandika ahubwo ni uwo atanga ivyiyumviro.

Hari abanditsi ba Bibiliya wasanga bumva ijwi ry’umumarayika ababwira ubutumwa buvuye ku Mana. Abandi barerekwa n’Imana. Mu bihe bimwebimwe, hari abo Imana yamenyesha ubutumwa bwayo biciye mu ndoto. Naho hari igihe Imana yareka abo banditsi bagakoresha amajambo yabo bwite mu kwandika ubutumwa yabahaye, hari aho yababwira idomako amajambo bakwiye kwandika. Muri ivyo bihe vyose, abo banditsi banditse ivyiyumviro vy’Imana ntibanditse ivyabo.

Twokwemezwa n’iki ko Imana ari yo yayoboye abanditse Bibiliya? Ehe raba ibimenyamenya bitatu vyotuma twemera ko Bibiliya ikomoka ku Mana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika