ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/6 rup. 25-29
  • “Bari barongowe n’impwemu nyeranda”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Bari barongowe n’impwemu nyeranda”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI MU BURYO KI “BARONGOWE N’IMPWEMU NYERANDA”?
  • IBIMENYAMENYA VY’UKO BIBILIYA YAKOMOTSE KU MANA
  • IBIMENYAMENYA VYAJIJUYE ABANTU BENSHI
  • “IJAMBO RYAWE NI ITARA RY’IKIRENGE CANJE”
  • Bibiliya—Yoba koko ‘yahumetswe n’Imana’?
    Be maso!—2017
  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubukerebutsi mw’«Ijambo ry’Imana»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/6 rup. 25-29

“Bari barongowe n’impwemu nyeranda”

“Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”​—2 PET. 1:21.

IVYIYUMVIRO VYO KUZIRIKANA

Ubutumwa bw’Imana bwashikiriye gute abanditsi ba Bibiliya biciye ku mpwemu nyeranda?

Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko Bibiliya yahumetswe n’Imana?

Wokora iki buri musi kugira ngo ugume ukenguruka Ijambo ry’Imana?

1. Ni kubera iki dukeneye Ijambo ry’Imana ryahumetswe?

DUKOMOKA he? Kubera iki turi ng’aha kw’isi? Turiko tuja he? Kubera iki isi imeze uku? Bitugendera gute iyo dupfuye? Hirya no hino kw’isi, abantu baribaza ivyo bibazo. Twari kumenya gute inyishu z’ivyo bibazo hamwe n’ibindi bihambaye iyo tutaba dufise Ijambo ry’Imana ryahumetswe? Iyo tutaba dufise Ivyanditswe Vyeranda, ahanini twogiye turigira ku bidushikira. Tugiye turigira ku bidushikira, twoba twokwigera twiyumva nk’uko umwanditsi w’amazaburi yiyumva ku bijanye n’“itegeko rya Yehova”?​—Soma Zaburi 19:7.

2. Ni igiki kizodufasha kuguma dukenguruka Bibiliya mu kubona ko ari ingabirano y’agaciro iva ku Mana?

2 Ariko rero, birababaje kubona bamwebamwe bararetse urukundo bahora bakunda ukuri kwo muri Bibiliya rugakanya. (Gereranya n’Ivyahishuwe 2:4.) Ntibakigenda mu buryo buhimbara Yehova. (Yes. 30:21) Si ngombwa ngo ivyo bidushikire. Turashobora kwihatira kuguma dukenguruka Bibiliya n’inyigisho ziri muri yo, kandi turakwiye kubigira. Bibiliya ni ingabirano ihambaye iva ku Muremyi wacu munyarukundo. (Yak. 1:17) Ni igiki kizodufasha kurushiriza gukenguruka “ijambo ry’Imana”? Ikintu kizobidufashamwo ni ukuzirikana ukuntu abanditsi ba Bibiliya bayobowe kugira bandike Ivyanditswe. Ivyo bisaba ko twibuka bimwebimwe mu bimenyamenya umuyoro vyerekana ko yahumetswe. Kubigenza gutyo bikwiye kutuvyurira umutima wo gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi no gushira mu ngiro impanuro ritanga.​—Heb. 4:12.

NI MU BURYO KI “BARONGOWE N’IMPWEMU NYERANDA”?

3. Ni mu buryo ki abahanuzi n’abanditsi ba Bibiliya bari “barongowe n’impwemu nyeranda”?

3 Abagabo nka 40 batandukanye ni bo banditse Bibiliya mu kiringo c’imyaka 1.610, ni ukuvuga kuva mu 1513 B.G.C. gushika mu 98 G.C. Bamwe muri bo bari abahanuzi bari “barongowe n’impwemu nyeranda.” (Soma 2 Petero 1:20, 21.) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kurongorwa” risobanura “kuvana ikintu ahantu ukakijana ahandi,” kandi “rirashobora guhindurwa mu buryo butandukanye ngo: gusunikwa, kuvyurirwa umutima wo kugira ico ukoze, kureka ugasunikwa.”a Mu Vyakozwe 27:15 hakoresha iryo jambo mu kudondora ubwato bwari bwafashwe n’umuyaga maze ubusunikira, ni ukuvuga ubutwara mu nzira yinaka. Abahanuzi bavugwa muri Bibiliya hamwe n’abanditsi bayo bari “barongowe n’impwemu nyeranda” mu buryo bw’uko Imana yavugana na bo, ikabavyurira umutima wo kugira ico bakoze ikongera ikabayobora biciye ku nguvu zayo zikora. Ku bw’ivyo, banditse ivyiyumviro vy’Imana, ntibanditse ivyabo. Rimwe na rimwe, abahanuzi n’abanditsi bahumekerwa n’Imana ntibamenya mbere insobanuro y’ivyo bavuga canke ivyo bandika. (Dan. 12:8, 9) Egome, “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana” kandi nta vyiyumviro vy’abantu tugisangamwo.​—2 Tim. 3:16.

4-6. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yashikirije ubutumwa bwiwe abanditsi ba Bibiliya? Tanga akarorero.

4 Mugabo none, ubutumwa bw’Imana bwashikiriye gute abanditsi ba Bibiliya biciye ku mpwemu nyeranda? Boba barabwiwe amajambo kanaka canke bahawe ivyiyumviro gusa bashikiriza mu majambo yabo bwite? Rimbura ukuntu umugwizatunga yoshobora kwandika ikete. Igihe biba bihambaye ko akoresha amajambo kanaka, ariyandikira iryo kete canke akaza arabwira umunyamabanga wiwe ivyo abwirizwa kwandika. Uwo munyamabanga araryandika maze uwo mugwizatunga akarishirako umukono. Mu bindi bihe, aratanga gusa ivyiyumviro nyamukuru maze uwo munyamabanga agategura iryo kete akoresheje amajambo yiwe bwite. Uwo mugwizatunga yoshobora guca asuzuma iryo kete maze agasaba uwo munyamabanga guhindura ibintu vyose bikeneye guhindurwa. Iryo kete rirangiye, nya mugwizatunga ararishirako umukono maze rikabonwa ko rivuye kuri we.

5 Muri ubwo buryo nyene, ibice bimwebimwe vyo muri Bibiliya vyanditswe “n’urutoke rw’Imana.” (Kuv. 31:18) Yehova yarabwira kandi abantu ivyo bandika igihe vyaba bihambaye cane ko hakoreshwa amajambo kanaka. Nk’akarorero, muri Kuvayo 34:27, dusoma duti: “Yehova yongera kubwira Musa ati: ‘Niwiyandikire aya majambo, kuko ngiranye koko isezerano nawe be na Isirayeli hisunzwe aya majambo.’” Yehova yarabwiye kandi umuhanuzi Yeremiya ati: “Niwiyandikire mu gitabu amajambo yose nkubwira.”​—Yer. 30:2.

6 Ariko rero, akatari gake abanditsi ba Bibiliya barashirwa ivyiyumviro mu mutima no mu muzirikanyi mu buryo bw’igitangaro aho kubwirwa amajambo kanaka, bakemererwa kwihitiramwo amajambo bokoresha mu guserura ivyo vyiyumviro. Mu Musiguzi 12:10 hagira hati: “Umukoranyashengero yarondeye gutora amajambo aryoshe no kwandika amajambo y’ukuri atagira amakosa.” Umwanditsi w’Injili Luka ‘yarakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango, afata ingingo yo kuvyandika mu rukurikirane rwumvikana.’ (Luka 1:3) Imana yarakoresheje impwemu yayo kugira yiyemeze neza yuko abo bantu badahindura ubutumwa bwayo kubera agasembwa kabo.

7. Ubukerebutsi bw’Imana bubonekera gute mu kuba yarakoresheje abantu mu kwandika Bibiliya?

7 Ubukerebutsi buhambaye bw’Imana burabonekera mu kuntu yakoresheje abantu mu kwandika Bibiliya. Amajambo ntatanga gusa amakuru ariko kandi araserura inyiyumvo. Vyari kugenda gute iyo Yehova akoresha abamarayika mu kwandika Bibiliya? Boba bari gushobora guserura inyiyumvo abantu benshi bakunda kugira, nk’ubwoba, intuntu n’ukuvunika umutima? Mu kureka abantu b’abanyagasembwa bakihitiramwo amajambo bakoresha mu guserura ivyiyumviro baronka biciye ku mpwemu nyeranda, Imana yarashikirije ubutumwa bwayo mu buryo bugaragaramwo inyiyumvo z’abantu!

IBIMENYAMENYA VY’UKO BIBILIYA YAKOMOTSE KU MANA

8. Ni kubera iki twovuga yuko Bibiliya ata ho isa isana n’ikindi gitabu ico ari co cose c’ivy’idini?

8 Ibimenyamenya vy’uko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe ni vyinshi. Bibiliya iradufasha kumenya Imana kuruta ikindi gitabu ico ari co cose c’ivy’idini. Nk’akarorero, ivyandikano vy’idini ry’Abahindu birimwo ibitabu vy’indirimbo bakoresha mu vy’ugusenga, ibirori bagira, inyigisho zabo zishingiye kuri filozofiya zitwa Upanishad, inkuru zabo z’ibitito zitwa Ramayana na Mahabharata. Igitabu citwa Bhagavad Gita, kino kikaba kirimwo inyigisho zigenga ikibereye n’ikitabereye, kiri mu bigize Mahabharata. Kimwe mu bitabu bitatu vy’idini ry’Ababuda vyitwa Tipitaka (ni ukuvuga Ibiseke bitatu) kivuga ahanini ivyerekeye amategeko agenga abagabo n’abagore baba mu bigo vyabo vy’abihebeye Imana. Ikindi gitabu kirimwo ahanini inyigisho z’Ababuda. Igitabu kigira gatatu kirimwo inyigisho zatanzwe ku munwa za Buda. Buda ubwiwe ntiyigeze avuga ko yari imana, kandi yavuze ibintu bike cane ku vyerekeye Imana. Ibitabu vy’Abakomfisiyusi ni uruvangi rw’inkuru z’ivyabaye, ingingo ngenderwako zigenga ikibereye n’ikitabereye, amajambo ajanye n’amageza, be n’indirimbo. Ego ni ko, igitabu ceranda c’idini ry’Abisilamu kirigisha ibijanye no kwemera Imana imwe izi vyose kandi imenya ibintu imbere y’uko biba, mugabo ntigihishura izina ry’Imana ari ryo Yehova, iriboneka incuro ibihumbi muri Bibiliya.

9, 10. Bibiliya itwigisha iki ku vyerekeye Imana?

9 Mu gihe vyinshi mu bitabu nyamukuru vyerekeye idini usanga bivuga bike ku vyerekeye Imana canke ugasanga nta co biyivugako, Bibiliya yoyo iradufasha kumenya Yehova Imana n’ibikorwa vyiwe. Iradufasha gutahura kamere ziwe nyinshi. Bibiliya ntihishura gusa yuko Imana ishoboye vyose, ifise ubukerebutsi n’ubutungane, ariko kandi irahishura ko ari Imana idukunda. (Soma Yohani 3:16; 1 Yohani 4:19.) Vyongeye, Bibiliya itubwira iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyak. 10:34, 35) Kuba abantu bashobora kuronka Bibiliya birerekana ko ivyo ari ukuri. Abahinga mu vy’indimi bavuga ko mu ndimi nka 6.700 zivugwa mw’isi muri iki gihe, hafi 100 muri zo zivugwa n’abantu bangana n’ibice 90 kw’ijana vy’ababa kw’isi. Naho ari ukwo, Bibiliya iramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 2.400, yaba yose canke igice cayo. Abantu nka bose bo kw’isi barashobora kuronka n’imiburiburi igice cayo.

10 Yezu yavuze ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.” (Yoh. 5:17) ‘Kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, Yehova ni Imana.’ Iyumvire rero ibintu vyose yaranguye! (Zab. 90:2) Bibiliya ni yo yonyene idufasha kumenya ivyo Imana yakoze muri kahise be n’ivyo ikora ubu ikongera igahishura ivyo izokora muri kazoza. Ivyanditswe biratwigisha kandi ibiyihimbara n’ibitayihimbara, bikongera bikatwereka ingene dushobora kuyiyegereza. (Yak. 4:8) Nimuze ntitureke ngo ibikorwa vyacu canke imyitwarariko yacu bitume tuja kure yayo.

11. Ni ubukerebutsi bw’akaburarugero kandi bwo kwizigirwa ubuhe dusanga muri Bibiliya?

11 Ubukerebutsi bw’akaburarugero kandi bwo kwizigirwa dusanga muri Bibiliya, na bwo nyene burerekana ko ico gitabu kiva kw’Isôko rirengeye umuntu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova, ngo amwigishe?” (1 Kor. 2:16) Uwo murongo ushingiye ku vyo umuhanuzi Yesaya yabajije abo mu gihe ciwe ati: “Ni nde yapimye ingero z’impwemu ya Yehova, kandi ni nde ashobora kumumenyesha ikintu bwa muhanuzwajambo wiwe?” (Yes. 40:13) Birumvikana ko ata n’umwe. Ni co gituma gushira mu ngiro impanuro Ivyanditswe bitanga ku bijanye n’umubano w’abubatse, abana, ukwisamaza, abo twifatanya, ukugira umwete, ukuba inzirabugunge be n’inyifato runtu, bivamwo ivyiza ntangere! Bibiliya ntiyigera iduha impanuro mbi. Abantu bobo ntibafise ubukerebutsi buhagije bwo gutanga impanuro zama zitugirira akamaro. (Yer. 10:23) Impanuro batanga zama zisubirwamwo maze zigahuzwa n’igihe, iyo babonye ko izo baba baratanze zirimwo agahaze. Bibiliya ivuga iti: “Ivyiyumviro vy’abantu, [ni] nk’impemu zisohotse.”​—Zab. 94:11.

12. Abantu bagerageje gute kuzimanganya Bibiliya mu myaka amajana iheze?

12 Ikindi kimenyamenya c’uko Bibiliya ikomoka ku Mana y’ukuri, tugisanga mu vyo kahise gahishura ku bijanye n’ukuntu abantu bagerageje kuzimanganya ubutumwa buri muri yo. Mu 168 B.G.C., Umwami w’Umusiriya Antiochus wa kane yaragerageje kurondera ibitabu vyahumetswe vy’Itegeko kugira ngo abiturire. Mu 303 G.C., Umwami w’abami w’Umuroma Dioclétien yaratanze itegeko ryo kubomora ibibanza vyose abakirisu bakoraniramwo no guturira Ivyanditswe bakoresha. Ivyo vyamaze imyaka nka cumi. Inyuma y’ikinjana ca 11, abapapa barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bahagarike ikwiragizwa ry’ubumenyi bwo muri Bibiliya, mu kurwanya ivyo guhindura Ivyanditswe mu ndimi zavugwa n’abantu basanzwe. Naho Shetani n’abakozi biwe bagize utwo twigoro twose, Bibiliya yararusimvye. Yehova ntiyaretse ngo hagire umuntu n’umwe azimanganya iyo ngabirano yahaye abantu.

IBIMENYAMENYA VYAJIJUYE ABANTU BENSHI

13. Ni ibimenyamenya ibihe twotanga vyerekana ko Bibiliya yahumetswe?

13 Hariho ibindi bimenyamenya vy’uko Bibiliya yahumetswe, na vyo bikaba ari ibi: Ukuba ibiri muri yo bivuga rumwe, ukuba itihenda igihe ivuga ivya siyansi, ubuhanuzi buri muri yo bwarangutse, ukuvugisha ukuri kudasanzwe kw’abayanditse, ububasha ifise bwo guhindura ubuzima, ukuba ivuga ibijanye na kahise mu buryo butagiramwo amakosa be n’ukuba itanga inyishu zimara akanyota kuri vya bibazo biri mu ngingo ya 1. Reka turimbure ivyafashije abantu bamwebamwe kubona yuko Bibiliya ikomoka ku Mana.

14-16. (a) Ni ibiki vyajijuye Umwisilamu, Umuhindu n’uwakekeranya ko Imana ibaho, yuko Bibiliya ikomoka ku Mana? (b) Ni ibimenyamenya ibihe vy’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana ukunda gukoresha mu busuku?

14 Uwitwa Anwarb yakuze ari Umwisilamu mu gihugu kimwe co mu karere k’ibihugu vy’Abarabu. Igihe yaba muri Amerika ya Ruguru, Ivyabona vya Yehova baramugendeye. Avuga ati: “Ico gihe nabona nabi amadini y’abakirisu kubera za ntambara z’amadini (Croisades) be na ya Sentare ya gatolika. Ariko rero, kubera ko nsanzwe ndi umuntu yipfuza kumenya utuntu n’utundi, naremeye kwiga Bibiliya.” Haciye igihe gito, Anwar yarasubiye mu gihugu c’amavukiro maze ntiyasubira kubonana n’Ivyabona. Haciye imyaka, yarimukiye mu Buraya, aho yasubiye kwiga Bibiliya maze ashika ku ciyumviro kigira giti: “Ukuba ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwararangutse, ukuba ibiri mu Vyanditswe Vyeranda vyunganirana, ukuba Bibiliya itivuguruza be n’urukundo rurangwa mu basavyi ba Yehova, vyaranjijuye ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.” Anwar yabatijwe mu 1998.

15 Uwitwa Asha w’imyaka 16 akomoka mu muryango w’Abahindu ukunda cane ivyo gusenga. Avuga ati: “Nasenga igihe gusa naba ngiye ku rusengero canke igihe naba ndi mu ngorane, mugabo sinigera niyumvira Imana igihe ivyanje vyaba vyifashe neza.” Abandanya ati: “Ariko rero igihe Ivyabona vya Yehova badodora ku muryango w’inzu yanje, ubuzima bwanje bwarahindutse rwose.” Asha yarize Bibiliya maze aramenya Imana ku buryo imubera Umugenzi. Ni igiki camujijuye yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana? Asigura ati: “Bibiliya yarishuye ibibazo vyose nari mfise. Yaramfashije kwizera Imana ntarinze kuyibona, ni ukuva ntarinze kuja mu rusengero kwunamira ikigirwamana.”

16 Uwitwa Paula yarerewe mu muryango w’Abagatolika, mugabo amaze gukura, yarakekeranya ko Imana ibaho. Mu nyuma hariho ikintu cabaye. Yigana ati: “Narahuye n’umugenzi hari haciye amezi atari make tutabonana. Hari mu gihe c’abahipi (hippies), aho wasanga abantu benshi bafise ibishati birebire kandi banywa ibiyayuramutwe. Igihe nabona ukuntu yari yarahindutse, amoye umushatsi kandi ahimbawe, namubajije nti: ‘Ni ibiki vyagushikiye, kandi wahora he?’ Yavuze yuko yari amaze igihe yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, aca atangura kumbwira inkuru nziza.” Kwibonera ukuntu ukuri kwo mu Vyanditswe kugira ububasha nk’ubwo, vyatumye uwo muntu yari yahoze akekeranya ko Imana ibaho akwegerwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya, maze aremera ko yahumetswe n’Imana.

“IJAMBO RYAWE NI ITARA RY’IKIRENGE CANJE”

17. Gusoma Ijambo ry’Imana buri musi no kuzirikana ivyo rivuga bishobora kugufasha gute?

17 Bibiliya ni ingabirano nziza igitangaza Yehova yatanze biciye ku mpwemu nyeranda yiwe. Nuhimbarwe no kuyisoma buri musi, maze urukundo uyikunda be n’urwo ukunda uwo ikomokako ruzokwongerekana. (Zab. 1:1, 2) Igihe cose ugomba kuyiga, nubanze gusenga usaba impwemu y’Imana kugira iyobore ivyiyumviro vyawe. (Luka 11:13) Bibiliya irimwo ivyiyumviro vy’Imana. Uzirikanye rero ivyo ivuga, urashobora kwiga kwiyumvira nk’uko Imana yiyumvira.

18. Ni kubera iki wipfuza kubandanya kwiga Bibiliya?

18 Uko urushiriza kugira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nubeho wisunga ivyo wiga. (Soma Zaburi 119:105.) Gusoma Ivyanditswe birashobora kugereranywa no kwiraba mu cirore. Nimba rero ubonye ko ukwiye kugira ivyo uhinduye, nubigire. (Yak. 1:23-25) Nukoreshe Ijambo ry’Imana nk’inkota kugira ngo uburanire ivyo wemera no kugira ngo ucagagure inyigisho z’ikinyoma uzikure mu mitima y’abantu batekereza. (Ef. 6:17) Igihe ukoresha Bibiliya, nukenguruke kuba abahanuzi be n’abandi bantu bakoreshejwe mu kwandika ubutumwa buri muri yo bari “barongowe [vy’ukuri] n’impwemu nyeranda.”

[Utujambo tw’epfo]

a Bivugwa n’inyizamvugo imwe (Dictionnaire grec-anglais du Nouveau Testament et autres écrits du christianisme primitif).

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 29]

Nusome Bibiliya buri musi, maze urwo ukunda uwo ikomokako ruzokwongerekana

[Ifoto ku rup. 26]

Ikete ribonwa ko ryanditswe na nyene kurishirako umukono

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika