Kuvayo
31 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 2 «Ehe raba natoye* Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri umuhungu wa Huru wo mu muryango wa Yuda+. 3 Nzomwuzuza impwemu y’Imana kugira aronke ubukerebutsi, ugutegera n’ubumenyi mu buhinga bw’ubwoko bwose, 4 kugira ategure ibikorwa vy’ubuhinga, acure ibintu mu nzahabu, mw’ifeza no mu mujumpu, 5 kugira abaze amabuye yongere ayatere+ no kugira ahingure ibintu vy’ubwoko bwose bikorwa mu biti+. 6 Nagenye kandi Oholiyabu+ umuhungu wa Ahisamaki wo mu muryango wa Dani kugira amufashe. Vyongeye, nshize ubukerebutsi mu bantu bose b’abahinga kugira bazokore ibintu vyose nagutegetse+, 7 ni ukuvuga rya hema ry’ibonaniro+, ya sandugu y’isezerano*+ n’umufuniko+ uri kuri yo, vya bikoresho vyose vy’ihema, 8 ya meza+ n’ibikoresho vyayo, kimwe baterekako amatara c’inzahabu itavanze n’ibikoresho vyaco vyose+, ca gicaniro c’imibavu+, 9 ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ n’ibikoresho vyaco vyose, ca kibesani* n’ico bagiterekako+, 10 za mpuzu zijishe neza, za mpuzu nyeranda za Aroni umuherezi, za mpuzu abahungu biwe bazokwambara bariko bakora igikorwa c’abaherezi+, 11 ya mavuta meranda* hamwe na ya mibavu imota neza y’ahantu heranda+. Bazokora ibintu vyose nagutegetse.»
12 Yehova yongera kubarira Musa ati: 13 «Bwira Abisirayeli uti: “Muze mwitwararike kwubahiriza amasabato yanje+, kuko ari ikimenyetso kiri hagati yanje namwe, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, kugira mumenye ko jewe Yehova ndiko ndabeza. 14 Mutegerezwa kwubahiriza isabato kuko ari nyeranda kuri mwebwe+. Umuntu wese atazoyubahiriza* ategerezwa gupfa. Uwuzokora igikorwa ico ari co cose kuri uwo musi abwirizwa kwicwa*+. 15 Muzokora ibikorwa imisi itandatu, ariko umusi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+. Ni mweranda kuri Yehova. Umuntu wese azokora ku musi w’isabato ategerezwa kwicwa. 16 Abisirayeli bategerezwa kwubahiriza isabato. Bategerezwa kuyubahiriza uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. Ni isezerano ryamaho. 17 Ni ikimenyetso camaho hagati yanje n’Abisirayeli+, kuko jewe Yehova naremye ijuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma ku musi ugira indwi ndahagarika, ndaruhuka+.”»
18 Imana igiheza kuvugana na Musa ku musozi Sinayi, ica imuha ibisate bibiri biriko amabwirizwa*+, ibisate vy’amabuye yanditseko n’urutoke rwayo+.