ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 1 rup. 5-7
  • Umwitwarariko ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwitwarariko ni iki?
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMWITWARARIKO MWIZA NA MUBI
  • Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Woba ufise umwitwarariko?
    Be maso!—2020
  • Wokora iki ufise umwitwarariko?
    Be maso!—2020
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 1 rup. 5-7
Umunyakazi ari mu gisagara ariko agenda yiruka aja mu nyubakwa y’amabiro.

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Umwitwarariko ni iki?

Umwitwarariko ni ukuntu umubiri wakira ibintu bitoroshe bibaye. Ubwonko buratuma hahingurwa inkabuzo nyinshi (hormones) zigashwara umubiri wose. Ivyo bica bituma umutima utangura gutera cane, bikongereza umurindi w’amaraso, ugahezagirika canke impemu zigahera, imitsi na yo ikadadarara. Umuntu ataranamenya neza ibiriko biraba, umubiri uba wamaze kwitegurira urugamba. Igihe ibintu bishusha umutwe birangiye, umubiri uca ureka gutabaza, ugaturura.

UMWITWARARIKO MWIZA NA MUBI

Umwitwarariko ni ikintu ndemanwa kidufasha kwitegurira guhangana n’ibintu bigoye canke biteye akaga. Ivyo bitangurira mu bwonko. Umwitwarariko mwiza uradufasha kugira ico dukoze tudatebaganye. Urashobora no kugufasha gushikira imigambi yawe canke gukora ikintu neza, nk’igihe ukora ikibazo, igihe wishura ibibazo kugira uronke akazi canke igihe uri mu rukino kanaka.

Ariko rero, umwitwarariko w’igihe kinini, urenze urugero canke udahera urashobora kukugirira nabi. Igihe umubiri w’umuntu wama uriko uratabaza, yoshobora gutangura gusinzikara ku mubiri, mu mutima no mu bwenge. Inyifato yiwe, ushizemwo n’ukuntu afata abandi, vyoshobora kuza birahindagurika. Umwitwarariko udahera urashobora kandi gutuma atangura kuborerwa, kunywa ibiyayuramutwe, gukoresha nabi imiti, kutigerera ivyo afungura, kunywa itabi be n’izindi ngeso mbi. Woshobora no gutuma afatwa n’akabonge, akamana uburuhe canke akiyumvira ivyo kwiyahura.

Naho twese tutagira umwitwarariko cokimwe, urashobora kuduteza indwara zitandukanye. Vyongeye, urashobora kubangamira buri gihimba c’umubiri.

INGENE UMWITWARARIKO UGIRA ICO UKOZE KU MUBIRI

Ubwonko n’udutsi nsozabwenge.

Umugabo yifashe mu ruhanga, aremerewe n’ingaruka z’umwitwarariko.

Ubwonko buratuma umubiri urekura inkabuzo, nk’izitwa adrenaline na kortizole. Zica zituma umutima utera cane, zikongereza umurindi w’amaraso n’urugero rw’isukari mu maraso. Ivyo vyose biratuma umuntu agira ico akoze ningoga igihe hari akaga. Umwitwarariko urenze urugero urashobora gutuma umuntu:

  • akaza ishavu, agira amaganya, akabonge, ameneka umutwe, abura itiro

Imitsi n’amagufa.

Iyo hari ikije kibangamira umubiri wacu, imitsi irikwegura kugira idukingire. Umwitwarariko urenze urugero urashobora gutuma:

  • ubabara kandi ugatonekara mu ngingo, ukumva umenetse umutwe cane, ukadadarara imitsi

Ibihimba vy’ihemero.

Turahema ningoga kugira twinjize ogisijeni yiyongereye. Umwitwarariko urenze urugero urashobora gutuma umuntu:

  • ahemagirika canke akabura impemu, hari n’uwuhahamuka

Umutima n’imiheha y’amaraso.

Umutima uratera ningoga kandi cane kugira urungike amaraso mu mubiri wose. Imiheha y’amaraso iraguka canke ikituna kugira iyobore amaraso aho umubiri uyakeneye kuruta, nko mu mitsi. Umwitwarariko urenze urugero urashobora guteza:

  • ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’umutima, ukwononekara kw’imitsi yo mu bwonko

Ibihimba bihingura inkabuzo.

Umubiri urahingura inkabuzo adrenaline na kortizole, zikaba ziwufasha kumenya ingene uvyifatamwo mu gihe c’imyitwarariko. Igitigu gica congereza urugero rw’isukari bigatuma umuntu aronka inguvu ziyongereye. Umwitwarariko urenze urugero urashobora guteza:

  • diyabete, igabanuka ry’abasoda b’umubiri, kurwaragurika, guhindagurika mu nyiyumvo, kuvyibuha birenze

Umushishito n’amara.

Ukuntu umubiri uhingura ivyo dufungura kurahungabana. Umwitwarariko urenze urugero urashobora gutuma umuntu:

  • agira iseseme, adahwa, acibwamwo, agumirwa

Ibihimba vy’irondoka.

Umwitwarariko urashobora kugira ingaruka ku cipfuzo co kurangura amabanga y’abubatse no ku kuntu ibihimba vy’irondoka bikora. Umwitwarariko urenze urugero urashobora gutuma umuntu:

  • ataba akibasha, ataba akija mu butinyanka nk’uko bisanzwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika