ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 2 rup. 8-9
  • Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma bihambaye ko turonka inyishu
  • Iyumvire iki kintu:
  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 2 rup. 8-9
Umugabo yicaye muri salo, afise itabi mu kuboko kumwe, hamwe n’agacupa k’akayoga mu kundi kuboko.

2. Twoba Ari Twe Twikwegera Imibabaro Idushikira?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Nimba inyishu ari ego, twoba rero dushoboye kugabanya imibabaro idushikira.

Iyumvire iki kintu:

Ibi bintu biteza imibabaro, abantu babifisemwo uruhara ku rugero rungana gute?

  • Agashusho kariko igipfunsi, kagereranya amabi.

    Amabi.

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga ko umuntu 1 kuri 4 usanga yarakorewe amabi mu kiringo kanaka c’ubwana bwiwe be n’uko umugore 1 kuri 3 mu kiringo kanaka c’ubuzima bwiwe akubagurwa ku mubiri canke mu vy’igitsina (canke bikamubako vyompi).

  • Agashusho kariko imva, kagereranya itongo ry’abapfuye.

    Kubura.

    Raporo imwe yo mu 2018 yatanzwe na OMS igira iti: “Abantu bashika 477.000 baragandaguwe kw’isi yose mu 2016.” Abo biyongera ku bantu 180.000 bivugwa ko bishwe mu ntambara canke mu ndyane muri uwo mwaka.

  • Agashusho kerekana ingene umutima utera, kagereranya indwara.

    Indwara.

    Mu kiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe (National Geographic), umwanditsi Fran Smith avuga ati: “Abantu barenga umuliyaridi baranywa itabi, kandi rirasongera isibe mu bintu bitanu nyamukuru bihitana abantu ari vyo: indwara y’umutima, indwara ifatira mu bwonko (bita AVC), indwara zo mu bihimba vy’ihemero, indwara idakira izibira impemu mu mahaha be na kanseri yo mu mahaha.”

  • Agashusho kariko umunzane uhengamye, kagereranya ubusumbane mu kibano.

    Ubusumbane mu kibano.

    Umuhinga mu vy’inyifato y’abantu yitwa Jay Watts agira ati: “Ubukene, ubusumbane mu kibano, ikumirwa rifatiye ku bwoko canke ku gitsina, kwangazwa, be n’agatima ko guhiganwa, vyose birashobora gutuma abantu barushiriza kurwara intuntu n’akabonge.”

    MENYA N’IBINDI

    Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana yaremye isi?

Bibiliya ibivugako iki?

Wa mugabo twavuga kare, arwariye mu bitaro. Umugore wiwe aravye ku ruhande igihe umuganga amubwiye amakuru ababaje ajanye n’ukuntu umugabo wiwe amerewe.

Ingorane nyinshi ziriho ubu ziterwa n’abantu.

Nyinshi muri zo ziterwa n’intwaro z’agahotoro zituma ubuzima bw’abantu buba amananiza kandi ari bo zivuga ko zikorera.

“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​— UMUSIGUZI 8:9.

Turashobora kugabanya imibabaro idushikira.

Impanuro zo muri Bibiliya ziradufasha kugira amagara meza no kubana neza n’abandi.

“Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama, mugabo ishari ni ububore ku magufa.”​—IMIGANI 14:30.

“Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.”​—ABANYEFESO 4:31.

Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?

Bibiliya ivuga ko “ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Imibabaro imwimwe usanga ari twebwe tuyikwegera. Ni co gituma abaganga baremesha abantu kwihereza imfungurwa ntungamagara, kwinonora imitsi no kwirinda ingeso zonona, nko kunywa itabi. Ariko rero, twoba twihenze duciye tuvuga ko imibabaro yose iterwa n’abantu. Abantu benshi barashikirwa n’masanganya, ivyago vy’ivyaduka canke ibindi vyago kandi ata ruhara babigizemwo.

Ni kubera iki none abantu beza bashikirwa n’imibabaro?

Raba ikibazo ca 3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika