ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g24 no. 1 rup. 13-15
  • Kubera iki abantu bataciyubaha?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu bataciyubaha?
  • Be maso!—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA KWIYUBAHA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA
  • Ivyogufasha
    Be maso!—2020
  • Kubera iki abantu batubaha abo mu muryango?
    Be maso!—2024
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
Ibindi
Be maso!—2024
g24 no. 1 rup. 13-15
Umugore ashavuye ariko ariraba mu cirore.

Kubera iki abantu bataciyubaha?

IGITUMA KWIYUBAHA BIHAMBAYE

Abantu biyubaha usanga bihanganira ingorane zibashikira babigiranye icizigiro. Ntibapfa gutana n’akabando.

  • Ubushakashatsi bwerekanye ko abantu babona ko ata co bamaze, bakunze kugira amaganya, akabonge n’ingorane zijanye no gufungura. Usanga kandi bashobora kuja mu vyo kunywa inzoga nyinshi n’ibiyayuramutwe.

  • Abantu biyubaha ntibigereranya n’abandi. Ivyo bituma boroherwa no kubana neza n’abandi, bakaronka n’abagenzi. Ariko abantu batiyubaha usanga batora amahinyu abandi, ivyo bigatuma hama ukutumvikana.

  • Abantu biyubaha naho baba bari mu ngorane ntibihebura. Naho hoba hari ibitagenda neza, ntibareka ngo bibabuze gushikira imigambi yabo. Ariko abantu batiyubaha, akenshi n’igihe bashikiwe n’akagorane gatoya, baca bihebura bagaca batana n’akabando.

IVYO WOKORA

Nurondere abagenzi beza bakuremesha. Niwifatanye n’abantu bubaha, barazwa ishinga n’ineza yawe vy’ukuri kandi bakuremesha.

«Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»—Imigani 17:17.

Nufashe abandi. Ugaragaje umutima mwiza ugafasha n’abandi, harimwo n’abatagira ico bagusubiza, uragira umunezero nyakuri uva ku gutanga. Uragira uwo munezero naho abandi batoba babona ivyo ukora.

«Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»—Ivyakozwe 20:35.

Nufashe abana bawe kugira bamenye kwiyubaha. Bumwe mu buryo wobigira, ni ukubareka bakitunganiriza ingorane zabo ku rugero bashikanako. Ivyo birafasha abana kwihanganira ingorane canke kuzitorera umuti. Ivyo bituma bumva ko biyubashe, kandi bizobafasha n’igihe bazoba bamaze gukura.

«Niwigishe umwana inzira akwiye gucamwo. Azorinda asaza atarayivamwo.»—Imigani 22:6.

Icabona ca Yehova ariko arigisha Bibiliya umukenyezi umwe aho banywera agakawa.
Icabona ca Yehova ariko arigisha Bibiliya umukenyezi umwe aho banywera agakawa.

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA

Amakoraniro Ivyabona vya Yehova bagira na programa bafise yo kwigisha Bibiliya, birafasha abantu kuryohora ubuzima bwabo gutyo bakaba abantu biyubashe.

AMAKORANIRO TUGIRA BURI NDWI

Ku makoraniro tugira buri ndwi, turumviriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya, akenshi zikaba zirimwo ivyiyumviro vyodufasha kubona ingene twoba abantu biyubashe. Kwitaba amakoraniro yacu ni ku buntu kandi uwo ari we wese arashobora kuyitaba. Nk’akarorero, ku makoraniro yacu uzobona . . .

  • igituma Imana ibona ko uri uw’agaciro

  • ingene wogira ubuzima bufise intumbero

  • ingene woronka abagenzi beza kandi ukabagumana

Uzohahurira kandi n’abagenzi nyakuri ‘bitwararikana.’—1 Abakorinto 12:​25, 26.

Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’amakoraniro yacu, nurabe kuri jw.org akavidewo kagufi kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga.

PROGRAMA YO KWIGISHA ABANTU BIBILIYA

Turigisha abantu Bibiliya ku buntu dukoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera. Ico gitabu kirimwo ivyanditswe nyamukuru, ivyiyumviro bitomoye, ibibazo ngirakamaro, amavidewo akora ku mutima, n’amafoto meza cane. Iyo programa yo kwigisha Bibiliya irafasha abantu kwumva ko bafise agaciro no kuryohora ubuzima bwabo.

Kugira ubone ingene kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova bishobora kukugirira akamaro, nurabe kuri jw.org akavidewo kagufi kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Israel Martínez.

MENYA N’IBINDI

Israel Martínez yigereranije n’abandi yabona ko ata co amaze kubera yari akenye kandi atize amashure menshi. Nurabe kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Sinkibona ko nteye isoni» kugira ubone ingene kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova no kwiga Bibiliya vyamufashije kwumva ko yiyubashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika