ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 38
  • Abatasi 12

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abatasi 12
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Abagabo 12 bagiye gusuma urusaku
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yosuwa Aba Indongozi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Musa Akubita Ikibuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Rahabu Ahisha Abatasi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 38

INKURU YA 38

Abatasi 12

RABA ivyo vyamwa abo bantu bareruye. Raba ukuntu uyo musoko w’inzabibu ari munini. Abagabo 2 ni bo bashobora kuwutwara bawutungiye ku giti. Raba izo nsukoni n’ayo makomamanga. Ivyamwa vyiza nk’ivyo vyavuye he? I Kanani. Ibuka ko ari hamwe Aburahamu, Isaka na Yakobo baba, ariko kubera amapfa, Yakobo n’abiwe bakimukira mu Misiri. Musa ariko abasubiza i Kanani, inyuma y’imyaka 216. Aha bari mu bugaragwa, ahitwa Kadeshi.

I Kanani haba abantu babi. Musa rero atuma abatasi 12 ababwira ati: ‘Genda murabe abantu bahaba uko bangana, murabe kandi ko bakomeye. Murabe n’uko hamera ivyokurya. Ntimwibagire kuzana ivyamwa vyaho.’

Abatasi bagarutse i Kadeshi babwira Musa bati: ‘Ni igihugu ciza cane.’ Mu kuvyemeza bamwereka ivyamwa vyaho. Ariko cumi muri bo bavuga bati: ‘Abantu bahaba ni barebare kandi barakomeye, ni twaja kuhafata bazotumara.’

Abisirayeli bavyumvise baratinya, bati ‘iyo dupfuma tugwa mu Misiri canke mu bugararwa. Bazotwica, bace banyaga abagore n’abana bacu. Ni muze twitorere iyindi ndongozi atari Musa, twisubirire i Misiri!’

Abatasi babiri bizeye Yehova, baragerageza kubatururuza. Amazina yabo ni Yosuwa na Kalebu. Bati ‘ntimutinye turi kumwe na Yehova, ntibizotugora kuhafata.’ Ivyo ntibavyumva, mbere bashaka no kwica Yosuwa na Kalebu.

Yehova biramushavuza cane, aca abwira Musa ati: ‘Nta n’umwe muri bo amaze imyaka 20 n’uwuyirengeje, azokwinjira i Kanani. Barabonye ibitangaro nakoreye mu Misiri no mu bugaragwa, ariko n’ubu ntibanyizeye. Bazoyerera mu bugararwa, gushika uwa nyuma muri bo apfuye. Yosuwa na Kalebu gusa ni bo bazoshika i Kanani.

Guharūra 13:1-33; 14:1-38.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika