ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 44
  • Rahabu Ahisha Abatasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rahabu Ahisha Abatasi
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Rahabu yarizera Yehova
    Niwigishe abana bawe
  • Rahabu yarateze ugutwi amakuru abwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • ‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 44

INKURU YA 44

Rahabu Ahisha Abatasi

ABO bagabo ubona bari mu kaga. Ni batahunga baraza kwicwa. Ni abatasi b’abisirayeli. Uyo mugore ariko abafasha na we ni Rahabu, aba mu nzu ifatanye n’urugo rw’igisagara c’i Yeriko. Reka turabe igituma bari mu kaga.

Abisirayeli bari hafi yo kujabuka ngo binjire i Kanani. Imbere yo kujabuka, Yosuwa abanza gutuma abatasi babiri, ababwira ati: ‘Genda murabe igihugu, hamwe n’igisagara Yeriko.’

Bashitse i Yeriko baja kwa Rahabu. Umuntu aja kubwira umwami w’i Yeriko ati: ‘Ejo abisirayeli baraje gutata igihugu cacu.’ Umwami avyumvise atuma abantu kwa Rahabu. Bashitseyo bamubwira bati: ‘Abo bantu bari mu nzu basohore!’ Rahabu yari yabahishije mw idari, aca abishura ati: ‘Hari abantu baje ngaha, ariko sinamenye iyo bavuye. Bagiye bumaze kugoroba batarugara amarembo y’igisagara. Mwihuse mwobafata!’ Baca baragenda kubahiga.

Bahavuye, Rahabu yurira n’ingoga mw idari, ati ‘ndazi ko Yehova azobaha iki gihugu. Twarumvise ingene yumishije Ikiyaga Gitukura igihe mwava i Misiri, n’ingene mwishe umwami Sihoni na Ogi. Ko ndabagiriye ubuntu, namwe rero ni mundahire ko muzobungirira, mukize data na mama n’abo tuvukana bose.’

Nya batasi bamubwira ko ari uko bazogira, ariko abanje kugira ikintu kimwe. Bati ‘fata uyu mugozi utukura uwuzirike mw idirisha, hanyuma ukoranirize umuryango wawe wose mu nzu yawe. Ni twaza gutera Yeriko tuzowubona mw idirisha, iwawe nta n’umwe tuzokwica.’ Nya batasi bashitse kwa Yosuwa, bamwiganira ivyabaye vyose.

Yosuwa 2:1-24; Abaheburayo 11:31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika