ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 49
  • Izuba Rihagarara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuba Rihagarara
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yosuwa n’Abanyagibeyoni
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yipfuza ko twererwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 49

INKURU YA 49

Izuba Rihagarara

EHE RABA Yosuwa. Ariko avuga ngo: ‘Zuba hagarara!’ Rica rirahagarara, riguma mu kirere umusi wose. Yehova ni we yabigize. Reka turabe igituma Yosuwa yashaka ko izuba riguma ryaka.

Aho ba bami babi batanu bamariye gutera ab’i Gibeyoni, baciye batuma umuntu kwa Yosuwa bati: ‘Tebuka ngwino udukize! Abami bo mu misozi bose baje gutera abasuku bawe.’

Yosuwa n’ingabo ziwe zose baca barahaguruka, barara baragenda. Bashitseyo, abasoda b’abo bami batanu baratinya, batangura guhunga. Yehova aca akorora ibibuye binini binini biva mu kirere. Abasoda bishwe n’ivyo bibuye bari benshi kuruta abishwe n’ingabo za Yosuwa.

Yosuwa abona izuba rigiye kurenga, buce bwira abasoda b’abo bami bahunge. Aca asaba Yehova ati: ‘Zuba hagarara!’ Izuba riguma ryaka, Abisirayeli babandanya kurwana baratsinda.

I Kanani hariho abandi bami banka abantu b’Imana. Mu myaka itandatu ni ho Yosuwa n’ingabo ziwe bashoboye gutsinda abami 31. Amaze kubanesha, igihugu c’i Kanani aca akigaburira imiryango y’Abisirayeli yari ikeneye amatongo.

Imyaka myinshi irahera, Yosuwa arapfa. Yari amaze imyaka 110. Igihe we hamwe na bagenziwe bari bakiriho, abantu barubaha Yehova. Ariko abo bantu beza bamaze gupfa, Abisirayeli batangura gukora ibibi, ivyago bica bibagwako. Ni co gituma baguma bakeneye ko Imana ibafasha.

Yosuwa 10:6-15; 12:7-24; 14:1-5; Abacamanza 2:8-13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika