ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 31 rup. 78
  • Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yosuwa n’Abanyagibeyoni
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ab’i Gibeyoni Bakerebutse
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Izuba Rihagarara
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 31 rup. 78
Abanyagibeyoni bambaye impuzu z’imishire bari imbere ya Yosuwa n’abasoda biwe

ICIGWA CA 31

Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Ivyabaye i Yeriko vyaramenyekanye mu bindi bihugu vy’i Kanani. Abami b’ivyo bihugu baciye baja hamwe kugira barwanye Abisirayeli. Ariko Abanyagibeyoni bobo bari bafise ikindi ciyumviro. Baraje kuraba Yosuwa bambaye impuzu zatabaguritse, bamubwira bati: ‘Tuvuye mu gihugu ca kure. Twarumvise ivyerekeye Yehova n’ibintu vyose yabakoreye mu Misiri n’i Mowabu. Twemerere ko mutazodutera, natwe tuzoca tuba abakozi banyu.’

Yosuwa yaremeye ivyo bamubwiye, aca arabemerera ko atazobatera. Haheze imisi itatu, yaramenye ko batari abo mu gihugu ca kure. Bari ab’i Kanani. Yosuwa yaciye ababaza ati: ‘Kubera iki mwaduhenze?’ Na bo bamwishura bati: ‘Twaratinye! Turazi ko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira. Ntimutwice.’ Yosuwa yarabaretse, ntiyahindura ivyo yari yabemereye.

Haciye imisi mikeyi, abami batanu b’i Kanani n’abasoda babo baraje gutera Abanyagibeyoni. Yosuwa n’abasoda biwe baraye baragenda ijoro ryose bagiye kubatabara. Bukeye mu gatondo, intambara yaciye itangura. Abanyakanani barahunze barashwiragira. Ariko iyo birukira hose, Yehova yaca abakororerako ibibuye bininibinini vy’urubura. Yosuwa yaciye asaba Yehova ngo izuba rihagarare. Kubera iki yasavye ico kintu kandi kitari bwigere kiba? Ni kubera yizigira cane Yehova. Uwo musi wose izuba ntiryigeze rirenga, gushika Abisirayeli batsinze ba bami b’Abanyakanani n’abasoda babo.

Yosuwa arangamije ariko asaba Yehova ngo izuba rihagarare

«‘Ego’ yanyu nibe ego, ‘oya’ yanyu na yo nibe oya, kuko ikirenze kuri ivyo kiva kuri wa mubisha.»​—Matayo 5:37

Ibibazo: Ni igiki Abanyagibeyoni bakoze kugira Abisirayeli ntibabatere? Yehova yafashije gute Abisirayeli?

Yosuwa 9:1–10:15

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika