ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 52
  • Gideyoni n’Abantu Biwe 300

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gideyoni n’Abantu Biwe 300
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • ‘Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Gideyoni atsinda Abamidiyani
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yemwe bakurambere, nimwigane akarorero ka Gideyoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yehova ni we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 52

INKURU YA 52

Gideyoni n’Abantu Biwe 300

IBIRIKO biragirwa ngaha urabibona? Izo ni ingabo zose z’Abisirayeli. Abo bunamye, bariko banywa amazi. Umucamanza Gideyoni ni uyo abegereye, ariko araba ingene bayanywa.

Raba neza ukuntu bayanywa mu buryo butandukanye. Bamwe barumitseyo umunwa. Umwe gusa ni we ariko ayanywesha urushi, kugira ngo abone ivyoba hambavu yiwe. Ivyo ni vyiza, kubera ko Yehova yabwiye Gideyoni ngo atore abanywa amazi bagavye bonyene, abasigaye abarungike i muhira. Reka turabe igituma.

Abisirayeli bari basubiye kugwa mu kaga, kubera ko bari bagabiye Yehova. Abamidiyani bari babarushije inguvu, batangura kubagirira nabi. Batakambira Yehova, na we arabumviriza.

Yehova abwira Gideyoni ngo akoranye ingabo, akoranya abantu 32 000. Abarwana n’Abisirayeli na bo bari 139 000. Yehova abwira Gideyoni ati: ‘Abasoda ufise ni benshi cane.’ Ivyo yabivugiye iki none?

Kwari ukugira ngo ni batsinda, ntibiyumvire ko batsinze ku bwabo. Bari kwiyumvira ko batari bakeneye imfashanyo ya Yehova. Aca abwira Gideyoni ati: ‘Bwira abanyabwoba bose batahe.’ Gideyoni abivuze, abantu 22 000 barataha, asigarana abantu 10 000 gusa, bo kurwana n’abasoda 135 000.

Umve nawe! Yehova avuga ati: ‘Uracari n’abantu benshi.’ Aca abwira Gideyoni ngo abajane ku ruzi, abaza kunywa amazi barumitseyo umunwa bose, abarungike i muhira. Yehova amuraganira ati: ‘Ku bwanje uratsinda uri kumwe n’abantu 300 banywa amazi bagavye!’

Igihe c’indwano kiragera, abantu ba Gideyoni 300 abagaburamwo imirwi itatu. Umwe umwe wese amuha inzamba n’agakarabo karimwo urumuri. Igicugu cegereje, ikambi y’abasoda b’abansi barayizunguruka. Bose hamwe bavuza inzamba, bamena twa dukarabo kandi bavuza induru bati: ‘Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!’ Ba basoda b’abansi bazanzamutse, bagira ubwoba bwinshi batangura guhunga. Abisirayeli baba baratsinze.

Abacamanza ikigabane ca 6-8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika