ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 34 rup. 84-rup. 85 ing. 2
  • Gideyoni atsinda Abamidiyani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gideyoni atsinda Abamidiyani
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • ‘Inkota ni iya Yehova na Gideyoni!’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yari afise umutima rugabo kandi akiyubara
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Gideyoni n’Abantu Biwe 300
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yemwe bakurambere, nimwigane akarorero ka Gideyoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 34 rup. 84-rup. 85 ing. 2
Gideyoni n’abantu biwe baravuza inzamba, bakamena imibindi, bakazungagiza ibimuri maze bagakoma induru

ICIGWA CA 34

Gideyoni atsinda Abamidiyani

Abisirayeli barasubiye guheba Yehova bongera gusenga ibigirwamana. Abamidiyani baramaze imyaka indwi babiba ibitungwa bongera bonona imirima yabo. Kugira bahunge Abamidiyani, Abisirayeli baca baja kwinyegeza mu bibuye bininibinini no mu misozi. Baratakambiye Yehova ngo abakize. Yehova yaciye atuma umumarayika ku musore yitwa Gideyoni. Uwo mumarayika yamubwiye ati: ‘Yehova yagutoye ngo ube umusoda akomeye cane.’ Gideyoni yaciye amubaza ati: ‘Jewe noshobora kurokora Abisirayeli? Nta co maze.’

None Gideyoni yari kumenya gute ko Yehova yamutoye? Yarashize ubwoya hasi, aca abwira Yehova ati: ‘Ejo mu gitondo ninasanga ubu bwoya bukanye ariko hasi humutse, nzoca menya yuko ushaka ko ndokora Abisirayeli.’ Bukeye yasanze bwa bwoya bukanye ariko hasi humutse! Mugabo Gideyoni yaciye asaba Yehova ko bukeye yosanga ubwoya bwumutse ariko hasi hakanye. Igihe yasanga vyagenze ukwo nyene, yaciye amenya neza ko Yehova yari yamutoye. Yaciye akoranya abasoda kugira baje kurwanya Abamidiyani.

Yehova yabwiye Gideyoni ati: ‘Nzotuma Abisirayeli batsinda. Ariko kubera mufise abasoda benshi, mwohava mwiyumvira ko mwatsinze kubera inguvu zanyu. Bwira uwufise ubwoba wese yisubirire muhira.’ Abasoda 22.000 baciye basubira muhira, hasigara 10.000. Yehova yarongeye kumubwira ati: ‘N’ubu baracari benshi. Bajane ku ruzi ubabwire banywe amazi. Abanywa amazi bariko bararaba ko ata mwansi abatera, abe ari bo gusa usigarana.’ Abasoda 300 gusa ni bo banyoye amazi muri ubwo buryo. Yehova yavuze ko abo basoda bakeyi bari gutsinda abasoda b’Abamidiyani 135.000.

Muri iryo joro, Yehova yabwiye Gideyoni ati: ‘Harageze ko mutera Abamidiyani!’ Gideyoni yaciye aha abasoda biwe inzamba n’imibindi mininiminini irimwo ibimuri. Yababwiye ati: ‘Mundabe, uko ngira abe ari ko mugira.’ Gideyoni yaravugije inzamba, aramena wa mubindi, arazungagiza ca kimuri, aca arasemerera ati: ‘Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!’ Ba basoda 300 bose baciye bagira ukwo nyene. Abamidiyani baragize ubwoba baca barashwiragira. Bariko barahunga, bagenda baricana hagati yabo. Yehova yari asubiye gufasha Abisirayeli gutsinda abansi babo.

Abasoda b’Abamidiyani batekewe n’ubwoba

«Ngo ububasha burengeye ubusanzwe bube ubw’Imana, ntibube ubuva kuri twebwe.»​—2 Abakorinto 4:7

Ibibazo: Ni gute Yehova yeretse Gideyoni ko yari yamutoye? Kubera iki Gideyoni yasigaranye abasoda 300 gusa?

Abacamanza 6:1–16; 6:36–7:25; 8:28

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika