INKURU YA 85
Avukiye mu Kigango c’Inka
URWO ruyoya urazi urwo ari rwo? Ni Yezu avukiye mu ruhongore. Uruhongore ni ahantu inka zirara. Mariya ariko aramuryamika mu bwato inka n’ibindi bitungwa biriramwo. Ni kuki none Mariya na Yozefu bari kumwe n’ivyo bitungwa? Aho si ahantu ho kuvyarira umwana, si ko?
Eka ntihabikwiye. Igituma bari ngaha ngiki: Kayisari Ogusito umwami w’i Roma, yashinze itegeko ngo umuntu wese asubire ku murambi yavukiyeko, yandikishe izina ryiwe mu gitabu. Yozefu yari yavukiye ngaha i Betelehemu. Bahashitse ntibaronse aho basaba indaro, baca bāza ngaha muri ivyo bitungwa. Uwo musi nyene Mariya avyara Yezu. Ariko urabona nawe ko akomeye.
Urabona abo bungere baje kuraba Yezu? Bāri mu rwuri mw ijoro bacunze intama zabo, baza babona umuco ubakiyeko. Yari umumarayika! Baratinya cane. Na we ati: ‘Ntimutinye! Ndabazaniye agakuru keza. Uyu musi i Betelehemu havukiye Kirisitu Umwami, azokiza abantu! Mumusanga mu bwato bw’inka yambaye uturemo.’ Haca haza abamarayika benshi batangura gushemeza Imana. Buno nyene ba bungere baja kumurāba, ngabo baramubonye.
Urazi igituma Yezu atari umwana nk’abandi? Uramuzi koko? Ibuka ko mu nkuru itangura iki gitabu, twavuze ivyerekeye Umwana w’Imana. Uwo mwana yafadikanije na Yehova kurema ijuru, isi n’ibindi biremwa. Ni uwo Yezu nyene!
Yehova yimuriye ubuzima bw’umwana wiwe muri Mariya, umwana atangura kumukuriramwo nk’uko abandi bana bakurira mu nda z’abavyeyi babo. Ariko urwo ruyoya rwari Umwana w’Imana. Munyuma Yezu avukira ngaha i Betelehemu mu ruhongore. Ubu uramenye igituma abamarayika bāshimishijwe cane no kubwira abantu ko Yezu yavutse?