ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 70 rup. 166-rup. 167 ing. 2
  • Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Avukiye mu Kigango c’Inka
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivuka rya Yezu—Ryabereye Hehe Kandi Ryari?
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu Kristu​—Ni igiki ukwiye kwibuka ku bijanye na we?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 70 rup. 166-rup. 167 ing. 2
Abamarayika bamenyesha abungere ivuka rya Yezu

ICIGWA CA 70

Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Sezari Ogusito, umutware w’inganji y’Uburoma, yarategetse ko Abayuda bose baja kwiyandikisha mu bisagara bavukamwo. Yozefu na Mariya baciye baja i Betelehemu, aho Yozefu yari yaravukiye. Mariya yari mu kuvyara.

Bashitse i Betelehemu barabuze aho barara, baca baja kurara mu ruhongore rw’ibitungwa. Aho ni ho Mariya yavyariye Yezu. Yaciye amuzingira mu dutambara maze amuryamika mu bwato ibitungwa vyariramwo.

Hafi y’i Betelehemu hariho abungere barara hanze bacunze ibitungwa vyabo. Bagiye babona umumarayika ahagaze imbere yabo, umuco w’ubwiza bwa Yehova uca urakayangana irya n’ino yabo. Baragize ubwoba, ariko uwo mumarayika aca ababwira ati: ‘Ntimutinye. Ndabazaniye inkuru nziza. Uno musi Mesiya yavukiye i Betelehemu.’ Abo bungere baciye babona abandi bamarayika benshi mw’ijuru bariko bavuga ngo: ‘Haninahazwe Imana mw’ijuru, kw’isi na ho habe amahoro.’ Abo bamarayika baciye bakamangana. None abo bungere baciye bakora iki?

Baciye babwirana bati: ‘Tugende i Betelehemu ubu nyene.’ Baranyarukiyeyo, basanga Yozefu na Mariya muri rwa ruhongore bari kumwe n’uwo mwana yavutse.

Abantu bose baratangara bumvise ivyo umumarayika yari yabwiye abo bungere. Mariya ntiyigeze yibagira ivyo uwo mumarayika yavuze. Abo bungere barasubiye inyuma kuraba ibitungwa vyabo, bagenda barashimira Yehova kubera ivyo bari babonye n’ivyo bari bumvise vyose.

«Navuye ku Mana, nkaba ndi ng’aha kubera yo. Sinaje ndavyibwiye, ahubwo ni yo yantumye.»​—Yohani 8:42

Ibibazo: Abamarayika bamenyesheje gute ivuka rya Yezu? Ni bande ba bungere basanze i Betelehemu?

Luka 2:1-20; Yesaya 9:6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika