Ikigabane ca 5
Ivuka rya Yezu—Ryabereye Hehe Kandi Ryari?
UMWAMI W’ABAMI w’Inganji y’Abaroma, Kayisari Augusito, yavumereye yuko umuntu wese ategerezwa gusubira mu gisagara yavukiyemwo kugira ngo asansumwe. Nuko Yozefu afata urugendo aja iyo yavukiye, mu gisagara c’i Betelehemu.
Abantu benshi bari i Betelehemu kwisansumisha, kandi ahantu honyene gusa Yozefu na Mariya bashoboye kuronka bacumbika ni mu ruhongore. Ngaho, aho indogoba n’ibindi bitungwa bigumizwa, ni ho Yezu avukira. Mariya amworosa mu twahi hanyuma amuryamika mu bwato, ahaja ivyokurya vy’ibitungwa.
Bitegerezwa kuba vyayobowe n’Imana ngo Kayisari Augusito atange itegeko ry’uko hagirwa rusansuma. Ivyo vyatumye Yezu ashobora kuvukira i Betelehemu, igisagara Ivyanditswe vyari vyaramenyesheje kera yuko cobaye ivukiro ry’umutware w’isezerano.
Ese ukuntu iryo ari ijoro rihambaye! Hanze mu maragiriro, umuco ukayanganira umugwi w’abungere irya n’ino. Ni ubuninahazwa bwa Yehova! Hanyuma umumarayika wa Yehova ababwira ati: “Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bgiza bg’akanyamuneza kenshi kazoba ku bgoko bganyu bgose. Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami. Iki ni co kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriwekw impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bgato bg’inka.” Buno nyene abandi bamarayika benshi baraseruka, bararirimba bati: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.”
Bano bamarayika bahavuye, ba bungere barabwirana bati: “Ngo rero tuje i Betelehemu, turābe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.” Bagenda amaguru adakora hasi, bansanga Yezu ha handi nyene umumarayika yababwira ko bamusanga. Ba bungere bamaze kwigana ivyo umumarayika yababwiye, abavyumvise bose barajorerwa. Mariya agumya ayo majambo yose, arayazigama neza mu mutima.
Abantu benshi muri iki gihe bemera ko ngo Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama. Ariko i Betelehemu muri Kigarama haba ari igihe c’imvura, gikonje. Abungere ntibobaye bari hanze mu maragiriro mw’ijoro bari kumwe n’amasho yabo muri ico gihe co mu mwaka. Kandi, n’uwo Kayisari w’Umuroma bisa n’uko atosavye igisata c’abari bamaze kugomba kumugarariza ngo bagire urwo rugendo muri urwo rushana rw’agakongataza ngo baje kwisansumisha. Biboneka ko Yezu yavutse nko mu gatasi k’uwo mwaka. Luka 2:1-20; Mika 5:2.
▪ Ni kubera iki Yozefu na Mariya bagize urugendo baja i Betelehemu?
▪ Ni ikintu gitangaje ikihe kiba mw’ijoro Yezu avuka?
▪ Tuzi gute ko Yezu atavutse ku wa 25 Kigarama?