Utegerezwa gukora iki?
50 Uripfuza kuba imyaka yose muri iyo paradizo?
Ni kwaba ari uko, ukwiye kumenya ibindi vyinshi Imana ivuga. Gerageza kwiga gusoma Bibiliya.—Yohani 17:3; Ivyahishuriwe Yohani 1:3
51 Ni wige vyinshi vyerekeye Yezu.—Gusubira mu vyagezwe 18:18, 19; Yohani 3:16; Ivyakozwe n’intumwa 3:19-23
52 Ni wite ku rutare, kugira ngo wame ukora ibitunganye, kandi ugamburukira Yehova.—Abaroma 6:17, 18, 22
53 Ntiwibagire! Yehova avuga ngo ntitwice umuntu n’umwe.—Kuvayo 20:13; 1 Yohani 3:11, 12
54 Ntidukwiye gutwara ivyo abandi.—Kuvayo 20:15; Ab’i Efezo 4:28
55 Umugabo ntategerezwa gusambana, canke kubana n’umugore atari uwiwe.—Kuvayo 20:14, 17; 1 Ab’i Tesalonike 4:3
56 Uribuka igitigiri c’abagore Imana yemerera umugabo kw’atarenza? Umugabo ategerezwa kugumana n’umugore wiwe igihe kingana iki?—Itanguriro 2:22, 24; Matayo 19:5, 6; 1 Ab’i Korinto 7:2, 10, 11
57 Uribuka kandi ko dutegerezwa gusenga Yehova we nyene?—Matayo 4:10; 1 Ab’i Korinto 8:6
58 Ibigirwamana n’ibishusho bisengwa ntibishobora kudufasha. Kubera iki?—1 Ab’i Korinto 8:4
Ni vyiza gutunga ibigirwamana?—Gusubira mu vyagezwe 27:15; 1 Yohani 5:21
59 Ni kuki ari bibi gutunga ibimazi no kwishimira ibiheko?—Gusubira mu vyagezwe 18:10-13; Ivyahishuriwe Yohani 21:8
60 Amashetani ari yo bamarayika babi baragararije Imana. Akoresha ba nyamuragura mu guhenda abantu.—Ivyakozwe n’intumwa 16:16
61 Dutegerezwa kwambaza Imana. Ni ukuvuga kuyiganira ko dushaka kuyikorera no kuyisaba imfashanyo.—Ab’i Filipi 4:6, 7
62 Dutegerezwa kwumvira Yezu no kumwizera.—Abaheburayo 5:9; Yohani 3:16
63 Ntiwibagire ko yapfuye kugira ngw’adukize.—Abaroma 5:8
64 Zirikana ko Yezu ari Umwami wacu ataboneka. Dutegerezwa kumugamburukira.—Ab’i Filipi 2:9-11; Ivyahishuriwe Yohani 19:16
65 Yezu yavuze ko wari ukwiye kumenyesha abandi ivyiza wiga, kandi ko abashaka gukorera Imana bategerezwa kubatizwa.—Matayo 28:19, 20; Yohani 4:7-15
66 Ushobora rero kwiganira abagenzi ivyo vyiza.—Matayo 10:32
67 Wize gusoma ushobora kumenya ibindi bintu vyinshi kandi uzobasha gufasha abandi neza cane.—2 Timoteyo 2:15
68 Yezu yigishije kandi abana bato kwubaha Imana. Ntiyigeze abura umwanya wo kugānīra nabo.—Matayo 19:13-15
69 Abavyeyi bari bakwiye imisi yose kwigisha abana babo kwubaha no gukunda Imana.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Imigani 6:20-22; Ab’i Efeso 6:4
70 Hari amadini menshi. Vyinshi mu vyo yigisha ntibiva muri Bibiliya. Yehova atubwira ngo duhebe amadini atigisha ukuri.—Ivyahishuriwe Yohani 18:4; Yohani 4:23, 24
71 Yehova arifitiye abasavyi kw’isi bashobora kukwigisha vyinshi bimwerekeye. Urazi abo basavyi abo ari bo?—Ivyakozwe n’intumwa 15:14; Abaroma 10:14, 15
72 Ni Ivyabona vya Yehova. Amahoro ari hagati yabo. Urazi igituma? Kubera ko bakundana.—Yesaya 43:10-12; Yohani 13:34, 35
73 Kubera ko bakunda na Yehova bāremeye baribizwa mu mazi (kubatizwa). Uko ni ko berekana icese ko bātaye imigenzo yabo itabereye, kandi ko bashaka gukorera Imana igihe cose bazoba bagihema.—Ivyakozwe n’intumwa 2:41
74 Ivyabona vya Yehova vyizigiye kuba mw’iparadizo nshasha y’akaroruhore.—Zaburi 37:9-11, 29
Wogira iki ngo nawe uze uyibanemwo nabo?—Yakobo 1:22, 25; 2:20-26
75 Ni wikoranirize hamwe nabo, kugira ngo wige gukorera Yehova. Bakunda Yehova na Yezu Kristu kandi bakabagamburukira. Wewe urakunda Imana na Yezu? Woba ushima gufasha abandi kumenya Imana?—Yohani 6:45-47
76 Yehova na Yezu Kristu baragukunda, kandi bagomba ko woba mw’iparadizo imyaka yose.—Yohani 3:16
Ivyo wize mu kwihweza amashushanyo y’aka gatabu hamwe n’amajambo ajanirana nayo, nta gukekereza vyatumye wipfuza kuba kw’isi mu gahimbare ibihe bidashira. Woba ushaka kumenya menshi yerekeye ico cizigiro? N’umenyeshe umwe mu Vyabona vya Yehova aba hafi y’aho uba. Urashobora kandi kwandikira ibiro bikwegereya, canke ukinginga uwukwandikira. Ni wihweze urutonde rw’ibihugu biri ku rupapuro rwa kabiri rw’aka gatabu.