Imana izosubira guhonya abanyakibi?
22 N’ubu abantu bamogoreye gukora ikibi. Ni ibihe bibi bakora?
23 Bamwe bica abandi. Imana ivuga ngo ntiwice.—Kuvayo 20:13; 1 Yohani 3:11, 12
24 Bamwe bariba Imana ivuga ngo ntiwibe.—Kuvayo 20:15; Ab’i Efezo 4:28
25 Abagabo bamwe babīra abagore benshi. Abandi nabo bakararaguza. Hari n’abacikiza. Ivyo vyose birahushanye n’ivyo Bibiliya yigisha.—Matayo 19:4-6; 1 Ab’i Korinto 7:1-4; 1 Timoteyo 3:1, 2
26 Uribuka kw’Imana yahaye Adamu umugore umwe gusa ata wundi?—Itanguriro 2:22, 24
27 Bamwe basenga ibigirwamana. Imana ivuga ko dutegerezwa kudakoresha ibigirwamana canke ibishusho mu kuyisenga.—Kuvayo 20:4, 5; Yesaya 44:9-17; 1 Yohani 5:21
28 Yehova azoyogeza abanyakibi badashaka guhinduka.—Zaburi 37:9,10; Luka 13:5; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10