ICIGWA CA 14
Abakunzi b’Imana Baririnda Ibibi
Shetani arosha abantu gukora ibintu bibi. Uwushaka kuba umukunzi w’Imana akwiye kwanka ivyo Yehova yanka. (Zaburi 97:10) Raba ibintu bimwebimwe abakunzi b’Imana birinda:
Ivyaha bijanye n’igitsina. “Ntugasambane.” (Kuvayo 20:14) Kumarana inambu y’umubiri n’umuntu imbere y’uko mwubakana na vyo nyene ni bibi.—1 Ab’i Korinto 6:18.
Akaborerwe. “Imborerwa, . . . nti[zi]zoragwa ubgami bg’Imana.”—1 Ab’i Korinto 6:10.
Ubwicanyi, Ugukorora Inda. “Ntukice.”—Kuvayo 20:13.
Ubusuma. “Ntukibe.”—Kuvayo 20:15.
Ukubesha. Yehova aranka “ururimi rw’ibinyoma.”—Imigani 6:17.
Ubukazi n’Ishavu Ritagira Akarimbi. “Ūkunda umuryano, umutima [wa Yehova] ura[mw]anka.” (Zaburi 11:5) “Ibikorwa vy’akameremere [birimwo] . . . uburake.”—Ab’i Galatiya 5:19, 20.
Gukina Akamari. ‘Ntimwivange . . . n’uwifuza.’—1 Ab’i Korinto 5:11.
Inzanko Zifatiye kw’Ibara ry’Urukoba no ku Bwoko. “Mukunde abansi banyu, musabire ababahama.”—Matayo 5:43, 44.
Ibintu Imana itubwira ni ku bw’ineza yacu. Ntivyama vyoroshe kwirinda gukora ibintu bibi. Yehova agufashije kandi ugafashwa n’Ivyabona vyiwe, urashobora kwirinda gukora ibintu bidahimbara Imana.—Yesaya 48:17; Ab’i Filipi 4:13; Abaheburayo 10:24, 25.