IGICE CA 13
Dutegerezwa gukora iki kugira ngo duhimbare Imana?
Niwirinde ikibi. 1 Abakorinto 6:9, 10
Nimba dukunda Yehova, ntituzokora ibintu yanka.
Yehova ntiyipfuza ko twiba, tuborerwa, canke dufata ku biyayuramutwe.
Imana iranka ukwica, ugukorora inda hamwe n’ukuryamana kw’abasangiye ibitsina. Ntiyipfuza ko tuba abanyamwina canke ko turwana.
Ntidukwiye gusenga ibigirwamana canke gukora ivy’ubupfumu.
Mw’Iparadizo yo kw’isi igiye kuza, ntihazoba hariyo abantu bakora ibibi.
Nukore iciza. Matayo 7:12
Kugira ngo duhimbare Imana dutegerezwa kugerageza kumera nka yo.
Nugaragarize abandi urukundo mu kuba umunyabuntu no mu gutanga cane.
Nube inzirabugunge.
Nube umunyakigongwe kandi uharire abandi.
Nubwire abandi ivyerekeye Yehova n’inzira ziwe.—Yesaya 43:10.