Ururirimbo rwa 63
Reka umuco wake
1. ’Mana yategetse
Ng’umuc’ubeho,
Umwiza ku bantu
Uhez’uveho.
Mu ngoro y’Imana
Ni ’mishwarara
Yo kuduh’umuco
Wayo ntahara.
2. Inkuru y’Ubwami
Dukwiragiza
Abagandaye bo
Irabahoza.
’Nguvu dukoresha
Ziva ku Mana
’Gikorwa dukora
Kirumvikana.
3. Tuguma dukora
Tudahemuka
Eka ntitwipfuza
Gutirimuka.
Twe basavyi bayo
Dushemagize
Izina ry’Imana
Yehova tweze.