Ururirimbo rwa 182
‘Umuti wo gusomōra i Gileyadi’
1. Har’umut’i Gileyadi;
Natwe twowumenya.
Imitim’uraruhura,
’Ntunt’ukagabanya.
Uturuhura turushe,
Iyo twihebuye,
Canke iyo twe twabuze
Uwacu yapfuye.
2. ‘Imana n’inyarukundo’
Y’ukuri n’ubwenge.
Itang’ivyo dukeneye
Ngw’itubungabunge.
Niwame rer’uyitura,
Uyisenge cane,
Yibwire vyos’udahisha;
Yitur’ingorane.
3. Ibuka yukw’ivyabaye
Kera vyanditswe ngo
Twirurwe kandi twizere
Mur’iki kiringo.
Wemey’imfashany’uhabwa
N’abaciy’uruma
Ni ho uzokwihangana
Vyongey’ukarama.
4. Wob’uzirikana yuko
Har’abatuntuye?
N’abandi kutadohoka
Bitaboroheye?
Barondere, ubirure,
Bashir’amaganya.
Ububasha bwa nya muti
Naw’uzobumenya.