Ururirimbo rwa 195
Uyu ni umusi wa Yehova
1. Nguy’umusi wa Ya. Azohor’aganza.
Yashinze i Siyoni rya Buye.
H’impund’iyo Mana, Kandi munezerwe.
Ubwami bwa Yehova ni bwo twizeye.
(Icitabirizo)
2. Krist’ubu n’Umwami, Har’maged’iraje.
Isi ya Shetan’igir’ihere.
Vuge bwa butumwa; Fashe abitonda,
Imana maze bayigamburukire.
(Icitabirizo)
3. Turashim’Umwami yagenywe n’Imana.
N’ubutegetsi bwiwe ntitwanka.
Ja mu rusengero! Takambir’Imana,
Ugume muri bwa busuku bw’iteka.
(Icitabirizo)
Uzozan’iki ga wa Bwami?
Hazojah’ubutungane.
Be n’iki kandi ga wa Bwami?
Kubaho ata ngorane.
Nimushemeze Segaba
N’umwizerwa, mwigine.