Ururirimbo rwa 217
Kuronka ubugenzi bwa Yehova
1. Ni nde ga Yehova wober’umugenzi?
Ni nde azobamw’ihema ryawe bwa mushitsi?
N’urya agutinya Kand’atihumanya
Uwuvug’ukuri, mu mutim’akitunganya.
Ni nde ga Yehova we wokwikundira?
Ni nd’azoba ku musozi wawe umwe wera?
N’umuntu yicunga atavyonga abandi mu vy’avuga.
(Icitabirizo)
2. Ni nde ga Yehova azobana nawe?
Ni nde none yocik’umugenzi wawe nyawe?
S’uwuvuga maze Ngo yirahuruze,
Akor’ivyiza kand’ukuri ni kw’akenyeje.
Mana, ubugenzi bwawe turipfuza.
Rya Jambo ryawe ivy’usaba riratwibutsa.
Tuzitwararika ivy’ushaka ng’ub’Umugenz’ashika.
(Icitabirizo)
3. Iwawe Yehova twumva twohaguma.
Amahoro wew’utanga vyos’arabisumba.
Insengo y’ukuri Yaraj’aho turi,
Biciye kuri Yez’abagusenga ni ’ndiri.
Ku bw’ivyo, Rugira, twe tuzogumana
Ubugenzi bwawe tukuyobokere, Mana.
Tuzoja ku murwa utarutwa, hamwe wew’usengerwa
(Icitabirizo)
Tugire, Mana we,
Abagenzi bawe.