Ikigabane ca 5
Yohani abona Yezu uwaninahajwe
Iyerekwa rya 1—Ivyahishuwe 1:10–3:22
Ibivugwamwo: Yezu arasuzuma Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu hano kw’isi kandi akayiremesha abigiranye igishika
Igihe birangukirako: Ivyo bintu bijanye n’umusi w’Umukama vyerekeye ikiringo co kuva mu 1914 gushika uwa nyuma mu barobanuwe b’intahemuka apfuye maze akazurwa
1. Iyerekwa rya mbere rishikirizwa gute, kandi Yohani yerekanye gute igihe nyaco rizorangukirako?
IYEREKWA rya mbere ryo mu gitabu c’Ivyahishuwe ritangurana n’ikigabane ca 1, umurongo wa 10. Iryo yerekwa, cokimwe n’ayandi yo mu Vyahishuwe, ritangurwa n’amajambo avuga ko Yohani yumva canke abona ikintu kidasanzwe. (Ivyahishuwe 1:10, 12; 4:1; 6:1) Iryo yerekwa rya mbere rishikirizwa mu buryo buhuye n’ibiba mu kinjana ca mbere, aho ubutumwa bushikirizwa amashengero indwi yo mu gihe ca Yohani. Mugabo Yohani arerekana igihe nyaco rizorangukirako, mu kuvuga ati: “Biciye ku guhumekerwa nasanze ndi mu musi w’Umukama.” (Ivyahishuwe 1:10a) Uwo “musi” ni iki? Ibintu bikomeye biba muri iyi misi idurumbanye vyoba bifitaniye isano na wo? Nimba bifitaniye isano, turakwiye kwitwararika cane ubwo buhanuzi kuko bugira ico bukoze ku buzima bwacu, mbere no ku bukiriro bwacu.—1 Abatesalonika 5:20, 21.
Mu musi w’Umukama
2. Umusi w’Umukama watanguye ryari, kandi uzorangira ryari?
2 None uwo musi werekana ko ibivugwa mu Vyahishuwe bizoranguka ryari? Mbega nyene umusi w’Umukama ni iki? Intumwa Paulo avuga ko uwo musi ari igihe c’urubanza n’ic’iranguka ry’imihango y’Imana. (1 Abakorinto 1:8; 2 Abakorinto 1:14; Abafilipi 1:6, 10; 2:16) Uwo “musi” ushitse, imigambi ihambaye ya Yehova yociye itera igana kw’iranguka ryayo intambwe ku yindi ata gusubira inyuma. Uwo “musi” watanguye igihe Yezu yimikwa akaba Umwami mw’ijuru. N’igihe Yezu azoba amaze gucira urubanza isi ya Shetani, umusi w’Umukama uzobandanya gushika isi ihindutse Iparadizo n’abantu bakaba abatunganye, urangire igihe Yezu “azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se.”—1 Abakorinto 15:24-26; Ivyahishuwe 6:1, 2.
3. (a) Ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga ivy’“ibihe indwi” budufasha gute kumenya igihe umusi w’Umukama watanguriye? (b) Ni ibiki vyabaye kw’isi vyerekana ko umusi w’Umukama watanguye mu 1914?
3 Ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse buradufasha kumenya igihe umusi w’Umukama watanguriye. Nk’akarorero, Daniyeli yaravuze ibijanye n’ihagarikwa ry’ubutegetsi bw’abo mu muryango w’Umwami Dawidi. Haciye “ibihe indwi,” vyomenyekanye “ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu, kandi ko abuha uwo ashaka.” (Daniyeli 4:23, 24, 31, 32) Iranguka nyamukuru ry’ubwo buhanuzi ryatanguranye n’ugutemba kw’ubwami bw’Ubuyuda, Bibiliya ikaba yerekana ko ryarangiye muri Gitugutu 607 B.G.C. Mu Vyahishuwe 12:6, 14 herekana ko ibihe 3 n’igice bingana n’imisi 1.260. Ibihe indwi rero (ico gitigiri ukigwije kabiri) bingana n’imisi 2.520. Dufashe ko “umusi uhwana n’umwaka,” ivyo “bihe indwi” bica bingana n’imyaka 2.520. (Ezekiyeli 4:6) Kristu Yezu rero yatanguye kuganza mw’ijuru mu mpera z’umwaka wa 1914. Intambara ya mbere y’isi yose yadutse muri uwo mwaka yabaye “intango y’ububabare nk’ubw’ibise” bukibandanya gusesereza umuryango w’abantu. Emwe, ibikorwa vy’ugusesa amaraso vyabaye kw’isi kuva mu 1914 birerekana neza ko “umusi” w’ukuhaba kwa Yezu watanguye muri uwo mwaka!—Matayo 24:3-14.a
4. (a) Igitabu c’Ivyahishuwe ubwaco cerekana ko iyerekwa rya mbere riranguka ryari? (b) Iranguka ry’iyerekwa rya mbere rirangira ryari?
4 Iryo yerekwa rya mbere rero be n’impanuro zirimwo vyerekeye umusi w’Umukama watanguye mu 1914. Ivyo birashigikiwe n’inkuru ziganwa mu nyuma mu gitabu c’Ivyahishuwe, kuko zivuga ibijanye n’ishitswa ry’imanza z’ukuri kandi zigororotse z’Imana, ico kikaba ari igikorwa Umukama Yezu agiramwo uruhara ruhambaye. (Ivyahishuwe 11:18; 16:15; 17:1; 19:2, 11) Nimba iranguka ry’iyerekwa rya mbere ryatanguye mu 1914, none rizorangira ryari? Nk’uko ubwo butumwa ubwabwo buvyerekana, bushikirizwa ishengero ry’Imana rigizwe n’abakirisu barobanuwe bo kw’isi. Iranguka ry’iryo yerekwa rya mbere rero rizorangira uwa nyuma muri iryo shengero apfuye maze akazukira ubuzima bwo mw’ijuru. Ariko Umusi w’Umukama wowo, uwuzanira imihezagiro abagize izindi ntama ng’aha kw’isi, uzobandanya gushika ku mpera y’Ingoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi.—Yohani 10:16; Ivyahishuwe 20:4, 5.
5. (a) Ijwi Yohani yumva rimusaba gukora iki? (b) Ni kubera iki ikibanza “ya mashengero indwi” yarimwo catuma vyoroha kuyarungikira umuzingo?
5 Muri iri yerekwa rya mbere, imbere y’uko Yohani abona ikindi kintu ico ari co cose, hari ikintu yumva. Yigana ati: “Maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye nk’iry’urumbete, rivuga riti: ‘Ico ubona ucandike mu muzingo uheze ukirungikire ya mashengero indwi: i Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tiyatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodiseya.’” (Ivyahishuwe 1:10b, 11) Yohani yumva ijwi nk’iry’urumbete rimutegeka n’ububasha ngo yandikire “amashengero indwi.” Agira ahabwe ubutumwa bukurikirana aheze atangaze ivyo abona n’ivyo yumva. Wibuke yuko amashengero avugwa ng’aho yariho koko mu gihe ca Yohani. Yose yari muri Aziya Ntoya, hakurya y’izinga rya Patimo. Warashobora kuva muri rimwe uja mu rindi bitagoranye kubera amabarabara meza y’Abaroma yari muri ako karere. Nta ngorane intwarabutumwa yari kugira ikuye umuzingo mw’ishengero iwujana mu rindi. Ayo mashengero indwi twoyagereranya n’igihimba c’umuzunguruko w’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe.
6. (a) Imvugo ngo “ibiriho” isobanura iki? (b) Kubera iki tutoba twihenze tuvuze ko ibintu biba mw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe muri iki gihe bisa n’ivyariho mu gihe ca Yohani?
6 Bwinshi mu buhanuzi bwo mu Vyahishuwe bworangutse Yohani atakiriho. Buvuga ibintu ‘bizoba mu nyuma.’ Ariko impanuro zihabwa ayo mashengero indwi, zijanye n’ibintu “biriho,” ni ukuvuga ibintu vyariko biraba koko muri ayo mashengero ico gihe. Ubwo butumwa yari imfashanyo y’igiciro ihawe abakurambere b’abizigirwa bagenywe muri ayo mashengero indwi, eka mbere no mu yandi mashengero y’abakirisu barobanuwe b’ico gihe.b Kubera ko iryo yerekwa ryorangutse ahanini mu kiringo c’umusi w’Umukama, ivyo Yezu avuga birerekana ko ibintu nk’ivyo vyobaye biriho mw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryo muri iki gihe.—Ivyahishuwe 1:10, 19.
7. Yohani abona nde mw’iyerekwa ryiwe rya mbere, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye kandi bitweza umutima muri iki gihe?
7 Muri iryo yerekwa rya mbere, Yohani abona Umukama Yezu Kristu yakaka mu buninahazwa bwiwe bwo mw’ijuru. None ivyo ntibibereye ga yemwe, narirya ico gitabu kirimwo ubuhanuzi bujanye n’umusi uhambaye w’uwo Mukama yagenywe n’Imana? Vyongeye, hari ikindi coza kiturutira ico, twebwe tubayeho muri ico kiringo kandi tugamburuka itegeko atanze ryose? Bisubiye, ese ukuntu vyeza umutima ku bantu bashigikiye ubusegaba bwa Yehova, kwumva ko rwa Ruvyaro Mesiya ubu ari muzima mw’ijuru be n’uko yahawe ububasha bwo kurangura mu buryo buninahaye umugambi w’Imana uhambaye! Ivyo yarabishitseko aho amariye kwihanganira ibigeragezo vyose n’uruhamo yatejwe na Shetani maze arapfa rubi igihe yakomeretswa “igitsintsiri,” ubu hakaba haciye imyaka hafi 2.000.—Itanguriro 3:15.
8. Yezu ubu yiteguriye gukora iki?
8 Biragaragara ko Yezu ubu yiteguriye kugira ico akoze kubera ko ari Umwami yimitswe. Yaragenywe na Yehova ngo azoshitse urubanza ntabanduka Yehova yaciriye iyi si mbi ishaje be n’imana yayo ruburakigongwe, ari yo Shetani. Ari hafi kandi gucira urubanza abo mw’ishengero ryiwe ry’abarobanuwe be na bagenzi babo bagize isinzi rinini, tutibagiye iyi si.—Ivyahishuwe 7:4, 9; Ivyakozwe 17:31.
9. (a) Yohani adondora gute Yezu Kristu uwaninahajwe ari hagati y’ibitereko vy’amatara vy’inzahabu? (b) Ahantu hameze nko mu rusengero Yezu ari be n’impuzu yambaye, vyerekana iki? (c) Umukanda w’inzahabu yambaye usobanura iki?
9 Yohani arahindukira yumvise nya jwi rikomeye, maze akabona ibikurikira: “Mpindukira kuraba nya jwi ryariko rivugana nanje, mpindukiye mbona ibitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu.” (Ivyahishuwe 1:12) Mu nyuma Yohani aramenya ico ivyo bitereko vy’amatara indwi bigereranya. Ariko umuntu ari hagati yavyo ni we araba cane. Avuga ati: “Hagati ya nya bitereko vy’amatara mbona uwumeze nk’umwana w’umuntu, yambaye impuzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.” (Ivyahishuwe 1:13) Ng’aha, ico cabona gitekewe n’ubwoba ari we Yohani, Yezu “umwana w’umuntu” amwiyereka yisakaye ubwiza n’icubahiro. Aboneka afise ubwiza bwakaka hagati y’ibitereko vy’amatara vy’inzahabu bicanye. Aho hantu hameze nko mu rusengero haratuma Yohani atahura neza ko Yezu yashikiriye ibanga ryo kuba Umuherezi Mukuru ahambaye wa Yehova be n’uko yahawe ububasha bwo guca imanza. (Abaheburayo 4:14; 7:21-25) Impuzu ndende yambaye iraberanye n’ibanga ryiwe ry’ubuherezi. Nka kumwe kw’abaherezi bakuru b’Abayuda ba kera, yambaye umukanda w’inzahabu mu gikiriza, upfutse umutima. Ivyo vyerekana ko azoshitsa n’umutima wiwe wose igikorwa yashinzwe na Yehova Imana.—Kuvayo 28:8, 30; Abaheburayo 8:1, 2.
10. (a) Umushatsi wa Yezu wera nk’urubura n’amaso yiwe ameze nk’umuriro bigereranya iki? (b) Amaguru ya Yezu yakaka nk’umujumbu asobanura iki?
10 Yohani arabandanya kumudondora ati: “Vyongeye, umutwe wiwe n’umushatsi wiwe vyarera nk’ubwoya bw’intama bwera, nk’urubura, amaso yiwe na yo akaba yari ameze nk’urubeya rw’umuriro.” (Ivyahishuwe 1:14) Umushatsi wiwe wera nk’urubura ugereranya ubukerebutsi kubera imyaka n’iyindi amaze. (Gereranya n’Imigani 16:31.) Amaso yiwe asa n’urubeya rw’umuriro na yo yerekana ko arikanuye, ko ata kamuca mu ryahumye igihe hari ico yihweza canke asuzuma, kibure igihe aserura akababaro. Mbere n’amaguru ya Yezu, Yohani ntabura kuyatangarira. Avuga ati: “Kandi amaguru yiwe yari ameze nk’umujumpu uramuye igihe wakaka mw’itanure; kandi ijwi ryiwe ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi.” (Ivyahishuwe 1:15) Muri iryo yerekwa, amaguru ya Yezu ameze nk’umujumpu wakaka, usayangana. Ivyo birabereye kuko akorera Yehova n’umwete kandi akaba afise impagararo nziza imbere ya Yehova Imana. Vyongeye, muri Bibiliya ibintu vyerekeye Imana bikunda kugereranywa n’inzahabu, ivyerekeye abantu na vyo bikagereranywa n’umujumpu.c Rero, amaguru ya Yezu yakaka nk’umujumpu uramuye aratwibutsa ukuntu ibirenge vyiwe vyari “biteye igomwe” igihe yagendagenda kw’isi yamamaza inkuru nziza.—Yesaya 52:7; Abaroma 10:15.
11. (a) Ibirenge bininahaye vya Yezu bitwibutsa iki? (b) Kuba ijwi rya Yezu “ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi” vyerekana iki?
11 Ego cane, kubera ko Yezu yari umuntu atunganye, yari afise ugukayangana kubonwa n’abamarayika be n’abantu. (Yohani 1:14) Amaguru yiwe na yo nyene aratwibutsa ko agenda ahonyora ku butaka bweranda mw’ishirahamwe rya Yehova, aho ari Umuherezi Mukuru. (Gereranya na Kuvayo 3:5.) Vyongeye, ijwi ryiwe rirasana nk’umuturagaro ukamengo ni amazi menshi asuma cane. Riratangaje kandi rirateye ubwoba, ivyo bikaba bibereye uwitwa mu buryo bwemewe ko ari Jambo w’Imana aje “[gu]cira urubanza isi mu bugororotsi.”—Ivyakozwe 17:31; Yohani 1:1.
12. “Inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe” isobanura iki?
12 “Kandi yari afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi, mu kanwa kiwe hasokorokamwo inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo. Aho ndamuboneye, ngwa nk’uwapfuye imbere y’ibirenge vyiwe.” (Ivyahishuwe 1:16, 17a) Yezu ubwiwe mu nyuma aratanga insobanuro y’izo nyenyeri indwi. Ariko rero, raba igisohoka mu kanwa kiwe: “Inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe.” Mbega igikoresho kibereye! Nakare, Yezu ni we yagenywe ngo asome imanza ntabanduka Yehova yaciriye abansi biwe. Ingingo zisohoka mu kanwa ka Yezu zivamwo ugutikizwa kw’ababisha bose.—Ivyahishuwe 19:13, 15.
13. (a) Ukuba mu maso ha Yezu hakayangana bitwibutsa iki? (b) Wumvise ukuntu Yohani adondora Yezu, uca ubona iki muri rusangi?
13 Ukuba mu maso ha Yezu hakayangana biratwibutsa ukuntu mu maso ha Musa harekura imishwarara igihe Yehova yari ahejeje kuvugana na we ku Musozi Sinayi. (Kuvayo 34:29, 30) Niwibuke kandi ko ‘mu maso ha Yezu hakayanganye nk’izuba, impuzu ziwe zo hejuru na zo zigaca ibibatsi nk’umuco’ igihe yahinduka ukundi imbere y’intumwa ziwe zitatu, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000. (Matayo 17:2) Ubu na ho, muri iryo yerekwa aho Yezu aboneka ku musi w’Umukama, mu maso hiwe harasubira hagakayangana nk’ah’umuntu yamanye na Yehova. (2 Abakorinto 3:18) Nkako, wumvise ukuntu Yohani amudondora muri iryo yerekwa, muri rusangi uca ubona ubuninahazwa bwakaka. Imishatsi yiwe irera nk’urubura, amaso yiwe agaca ibibatsi nk’urubeya, mu maso hiwe hagasayangana, amaguru yiwe na yo akaba yakaka: emwe, iryo ni iyerekwa rihebuje ry’umwe ubu aba “mu muco utegerwa”! (1 Timoteyo 6:16) Iryo yerekwa rirakora ku mutima cane ku buryo Yohani yumva arengewe. None aca akora iki? Iyo ntumwa itubwira iti: “Aho ndamuboneye, ngwa nk’uwapfuye imbere y’ibirenge vyiwe.”—Ivyahishuwe 1:17.
14. Gusoma ivyo Yohani yeretswe bijanye na Yezu uwaninahajwe bikwiye gutuma dukora iki?
14 Muri iki gihe, ivyo bintu bitandukanye kandi vy’ido n’ido Yohani yeretswe biratuma abasavyi b’Imana bakenguruka bimwe bivuye ku mutima. Haraheze imyaka irenga 90 umusi w’Umukama utanguye, kandi iryo yerekwa ribandanya kuranguka mu buryo buhimbaye. Yezu ubu ari ku ngoma, si ibintu twiteze muri kazoza. Birabereye rero ko twebwe abatwarwa b’intahemuka b’ubwo Bwami turindirana umushasharo ivyo Yohani adondora muri iryo yerekwa rya mbere kandi tugatega yompi amajambo Yezu Kristu uwaninahajwe avuga.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka insobanuro ziyongereye, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ku rupapuro rwa 88-92, 215-218, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Mu kinjana ca mbere, igihe intumwa yandikiye ikete ishengero, amashengero yaca arihanahana ku buryo bose bungukira ku mpanuro ziri muri ryo.—Gereranya n’Abakolosayi 4:16.
c Ibisharizo n’ibikoresho vy’imbere mu rusengero rwa Salomo vyari bikozwe mu nzahabu canke vyometsweko inzahabu, umujumpu na wo ukaba wakoreshwa ku vyo hanze mu kigo.—1 Abami 6:19-23, 28-35; 7:15, 16, 27, 30, 38-50; 8:64.
[Amafoto ku rup. 23]
Ivyacukuwe mu bisagara ayo mashengero indwi yarimwo biremeza ko Bibiliya ivuga ukuri. Aho ni ho abakirisu bo mu kinjana ca mbere baronkeye ubutumwa bwa Yezu buremesha, kandi n’ubu buraremesha ishengero rikwiye kw’isi yose
PERUGAMO
SIMURUNA
TIYATIRA
SARUDI
EFESO
FILADELUFIYA
LAWODISEYA