ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 26 rup. 217-224
  • Intambara y’Ugukora Ibigororotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intambara y’Ugukora Ibigororotse
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • URASHOBORA GUTSINDA
  • GUKEBURWA N’AMAKOSA Y’ABANDI
  • IMFASHANYO UKENEYE KUGIRA NGO UTSINDE
  • Ingene tworwanya ivyipfuzo bibi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Turashobora kuguma tutanduye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Niwigane ukwizera kwa Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • “Wame urwana intambara nziza yo kwizera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 26 rup. 217-224

Ikigabane ca 26

Intambara y’Ugukora Ibigororotse

1. Ibintu bibiri abakirisu bategerezwa kurwanya ni ibiki?

IGIHE COSE iyi si ya Shetani izoba ikiriho, abakirisu bategerezwa kurwana kugira ngo ntībigarurire. Intumwa Paulo yanditse iti: “Mwambare [ibirwanisho] vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bwa wa Murwanizi.” (Abanyefeso 6:11-18) Muri iyo ntambara ntiturwana na Shetani hamwe n’iyi si yayo gusa, turwana kandi n’ivyipfuzo bibi bitwosha gukora icaha biri muri twebwe. Bibiliya ivuga iti: “Imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bwana bwabo.” — Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12.

2. (a) Ni kuki kenshi twama twipfuza gukora ikibi? (b) Ni kuki dutegerezwa kurwanya ivyipfuzo bibi?

2 Kubera icaha twanduye ku muntu wa mbere Adamu, imitima yacu irashobora guhurumbira ikibi. Tutihagarayeko tukareka uko kwipfuza kukatuganza, ntituzohabwa ubuzima budahera mw isi nshasha y’Imana. Ni co gituma dukwiye kurwana kugira ngo twame dukora ibigororotse. N’intumwa Paulo na yo nyene yararwana nk’uko ivyivugira iti: “Igihe nipfuza gukora iciza, ikibi kiba kiri kumwe nanje.” (NW) (Abaroma 7:21-23) Hari aho na wewe nyene wosanga iyo ntambara ikomeye. Hari aho igihe kimwe, uzosanga uriko urarwana n’ikibi kiri muri wewe. Uzofata ingingo iyihe none?

3. (a) Ni igiki abantu benshi barwanya kiri muri bo nyene? (b) Kubera ko abantu benshi bakora ibibi kandi bipfuza gukora ivyiza, ivyo bigaragaza ukuri ukuhe kuri muri Bibiliya?

3 Uramaze kumenya umuhango w’agatangaza w’Imana, werekeye kubaho ibihe bidashira kw isi izoba yatunganijwe rwose. Uremera uwo muhango; kandi uripfuza kuwushikīra nawe. Ko ari uko rero, ukorera Imana kugira ngo uronke imigisha yamaho. Ico ntikibuza ko umutima wawe ushobora kwipfuza ivyo wewe uzi ko ari bibi. Hari igihe wokwumva wipfuje gusambana, kwiba canke gukora ikindi kibi. Bamwe bamwe mu biga iki gitabu, barashobora kumogorera ibibi nk’ivyo, kandi bazi ko vyankwa n’Imana. Kubera ko bakora ikibi kandi bipfuza gukora iciza, ivyo vyerekana ko Bibiliya itabesha igihe ivuga iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, kandi urwaye indwara itavurwa.” — Yeremiya 17:9.

URASHOBORA GUTSINDA

4. (a) Kunesha canke kuneshwa muri iyo ndwano biva kuri nde? (b) Ni igiki gikenewe kugira ngo utsinde mu ntambara yo gukora ibigororotse?

4 Ivyo si ukuvuga ko umuntu adashobora kwihagararako ngo arwanye ivyipfuzo bimukwegera mu kibi. Ubishatse, urashobora kwigumya ugaca mu nzira igororotse; ariko ivyo biva kuri wewe. (Zaburi 26:1, 11) Nta muntu n’umwe wundi ashobora kurwana iyo ntambara mu gishingo cawe. Ica mbere na mbere rero, bandanya kurahura ubwenge burimwo ubuzima, buri muri Bibiliya. (Yohani 17:3) Ariko hariho ikindi gikenewe ndetse kubwinjiza mu mutwe gusa: butegerezwa no gushinga imizi mu mutima wawe, gushika aho wiyumvamwo ko wipfuza gukora ibihwanye n’ivyo uriko uriga.

5. Wogira iki kugira ngo umutima wawe ushime amategeko y’Imana?

5 Wogira iki none kugira ngo umutima wawe ushime amategeko y’Imana? Ukwiye kuyitondera ukayatohoza. Akarorero, urashobora kwibaza uti: Kugamburukira Imana bifise akamaro gaki? Hanyuma rāba abantu babayeho batababaye amategeko y’Imana uko bamerewe: umwigeme w’imyaka 19 yanditse ati: “Nanduye indwara gatatu kose, kuri ubwo bugira gatatu nsigara ndi ingumba, kubera ko bāmbāze mu nda bakurayo icicaro c’umwana.” Birateye umubabaro koko witegereje ukuntu abantu bari mu marushwa, kubera ko batubaha amategeko y’Imana. (2 Samweli 13:1-19) Raba ivy’umugore umwe yasambanye, yavuganye agahinda kenshi: “Ntaco bimaze ubigereranije n’intuntu n’amaganya bitera; n’ubu ndacababaye.”

6. (a) Ni kuki umunezero uzanwa n’ugukora ikibi utagira akamaro? (b) Musa yari kubaho amerewe ate mu Misiri?

6 Ariko uzokwumva abantu bavuga ko ubusambanyi, kuborerwa n’ukunywa urumogi ari ukwinezereza. Ariko ico bita umunezero kimara akanya gato. Ntuhendwe ngo ukore icokunyaga umunezero wawe wamaho. Ibuka Musa yari yarezwe nk’“umwana w’umukobwa wa Farawo.” Yakuriye mu bitayega mu ngoro ibwami, muri Misiri ya kera. Ariko Bibiliya ivuga ngo amaze guca ubwenge, “ahitamwo kugirirwa nabi ari kumwe n’abantu b’Imana, kuruta kwinezereza akanya gato mu caha.” (NW) (Abaheburayo 11:24, 25) Ubushakanyi canke ubuhumbu busa n’ubwari mu kigo c’umwami w’i Misiri, butegerezwa kuba bwarazana umunezero. Ni kuki none Musa yakuye meza ata uwo munezero?

7. Ni kuki Musa yakuye meza ata “umunezero w’akanya gato uzanwa n’icaha,” wari mu kigo ibwami mu Misiri?

7 Ni uko Musa yari yizeye Imana Yehova; kandi akaba yari azi ko hariho ikintu kiruta kure n’iyo umunezero uzanwa n’icaha, yoronkeye mu kigo c’umwami w’i Misiri. Bibiliya ivuga ko yari “ahanze amaso impēra azohabwa.” Musa yararimbūye umuhango Imana yari yatanze; kandi yari yizeye wa mugambi w’Imana wo gushinga isi nshasha y’ubutungane. Yari yaranyuzwe n’urukundo rwinshi hamwe n’ubuntu Yehova agirira abantu. Musa ntiyari yasomye ivyerekeye Yehova canke ngo yumve avugwa. Bibiliya ivuga ko “yagumye akomeye, nk’aho yoba yariko abona utaboneka.” (Abaheburayo 11:26, 27, NW) Yehova n’umuhango w’ubuzima budashira yatanze, kuri Musa nticari igihendwabana.

8. (a) Dukeneye iki kugira ngo dutsinde igihe turwana ngo dukore ibigororotse? (b) Ni ivyiyumviro ibihe natwe dukwiye kugira vyaseruwe n’umusore umwe?

8 Ivyo na wewe ubona ko ari ivy’ukuri? Yehova umubona nk’umuntu nyakuri; nk’umuvyeyi agukunda? Igihe usoma ivyerekeye umuhango yatanze wo guha abantu ubuzima budahera mw iparadizo ngaha kw isi, uhora wibona ko uri muri yo, uriko winovora iyo migisha? (Raba ikigabane ca 156-162) Kugira ngo dutsinde mu ntambara y’ibitugobera gukora icaha, dutegerezwa gucudika na Yehova bimwe bishitse. Bikwiye kandi ko tugira nka Musa, “tugahanga amaso impera tuzohabwa.” Umusore umwe w’imyaka 20 yariko aroshwa ngo asambane, yīyumviriye nk’uko Musa yīyumvīra. Raba ivyo yavuze: “Ubuzima budashira nari nizigiye, bwari bufise igiciro kinini cane gushika aho ntashobora kubukaba n’ubusambanyi bw’igihe gito.” Uko si ko umuntu akwiye kwigenza none?

GUKEBURWA N’AMAKOSA Y’ABANDI

9. Umwami Dawidi yatsinzwe ate mu rugamba rwo gukora ibigororotse?

9 Ntuze wigere uhirahira ngo utenzure muri urwo rugamba nk’uko Umwami Dawidi yagize. Umusi umwe yari hejuru ku ngoro yiwe, atereza amaso abona umugore w’akaranga Batisheba ariko yisukura ari wenyene. Aho yovuniyeko rumwe ngo ace araba ahandi ivyiyumviro bibi bitaramuzamwo, abandanya kumutamarira. Aca aramushaka cane gushika aho amutumako ngo amusange mu ngoro. Munyuma Batisheba amaze gusama imbanyi; bitagishoboka guhisha ko barenze ibigo, aca ategura uburyo bwo kwicisha umugabo wiwe mu rugamba. — 2 Samweli 11:1-17.

10. (a) Icaha ca Dawidi yagihaniwe ate? (b) Ni igiki cari kubuza Dawidi kurenga ibigo?

10 Ico ni igicumuro c’agacamutwe, na Dawidi nyene caramubabaje koko. Ntiyatewe umubabaro mwinshi n’icaha yakoze gusa; ariko Yehova na we yaramuhanye, amuteza ivyago mu rugo rwiwe imisi yose yari asigaje ahumeka. (Zaburi 51:3, 4; 2 Samweli 12:10-12) Umutima wa Dawidi waramudendereje atavyikeka; ukwipfuza kubi kuramutsinda. Munyuma yavuze ati: “Raba! Navyawe mu mubabaro mvukana amakosa, kandi mawe yasamiye inda yanje mu caha.” (Zaburi 51:5, NW) Ico kibi Dawidi yakoze na Batisheba, nticari ikidashobora guhungwa. Icamubereye intambamyi, ni uko yagumye amushinze ijisho, ntiyahunga ibishaka kumuvyurira ukwipfuza umugore w’abandi.

11. (a) Ivyashikiye Dawidi vyodukebura bite? (b) Wewe wibaza ko ari ibiki vyoshobora kukuvyurira “inambu y’umubiri”? (c) Nk’uk’umuhungu umwe yavuze, umuntu w’ubwenge yohunga ryari?

11 Dukwiye kurabira kuri ivyo vyashikiye Dawidi, kugira ngo twame turikanuye, turwanye ivyo vyose bishaka kutwosha gushakana mu buryo butabereye. Akarorero, vyogenda gute nk’igihe wosoma ibitabu; ukarorēra iteleviziyo canke isenema yerekana cane cane ivy’ubusambanyi? Hari aho ukwipfuza kwawe kuzoca kuvyuka. Tinyira kure rero ico cose wokora, canke ukwinezereza vyokuvyurira “inambu y’umubiri.” (Ab’i Kolosayi 3:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-5; Abanyefeso 5:3-5) Ntugumane n’uwundi muntu ahantu hotuma mushakana. Raba aya majambo y’ubwenge, yavuzwe n’umuhungu w’imyaka 17: “Hari uwovuga ngo ‘turazi aho tugarukira.’ Ego ni ko umuntu yoshobora kumenya aho agarukira; ariko ni bangahe bahora bagarukira aho? Vyoba vyiza cane umuntu ahunze hakiri kare.”

12. Ni akarorero ka Yozefu akahe dukwiye kwamiza ku muzirikanyi?

12 Iyo Dawidi agumiza ku muzirikanyi akarorero ka Yozefu, ntaba yarakoreye Imana icaha kingana gityo cose. Mu Misiri, Yozefu yari yashinzwe ivyo mu rugo kwa Potifari. Igihe Potifari yari yandurutse, umugore wiwe yakunda cane guhurahura, yama agerageza kwosha Yozefu umusore w’akaranga amubwira ngo: “Ingo turyamane.” Ariko Yozefu yama yanka. Umusi uri izina, aramusumira ashaka ko baryamana, ariko Yozefu aca ata umwambaro arahunga. Iciyumviro c’ukutimara inambu y’umubiri ariko ugakora ibigororotse mu maso y’Imana ni co catumye agumya umutima. Raba uko yibajije: “Noshobora nte gukora icaha kingana gityo, ngacumura ku Mana?” — Itanguriro 39:7-12.

IMFASHANYO UKENEYE KUGIRA NGO UTSINDE

13, 14. (a) Hakenewe iki kugira ngo dutahane intsinzi muri iyo ndwano? (b) Abāyobokeye ubukirisu i Korinto bātaye imigenzo iyihe; kandi ni igiki cābafashije? (c) Paulo na Tito ubwa mbere bari abantu bameze bate?

13 Kugira ngo ushobore gutsinda, utegerezwa kunyurwa n’inyigisho za Bibiliya, gushika aho umutima wawe wama ushimishwa n’ugukora ibihwanye na zo. Ariko bikwiye kandi ko wifatanya n’abantu b’Imana, nawe ugaharūrwa mw ishirahamwe rya Yehova riboneka.Rigufashije, n’aho woba waramogoreye ikibi bingana gute, urashobora guhinduka. Ku vyerekeye abantu bāba i Korinto kera, intumwa Paulo yabandikiye ibi bikurikira: “Ntimuzimizwe; abasambanyi, abasenga ibigirwamana, abarenga ibigo, abagabo bakoreshwa mu gutururuza inambu y’umubiri uko Imana itabiremye, abagabo basambanya abandi, ibisuma, abipfuza nabi, imborerwa, abatukana n’abambuzi, ntibazoragwa ubwami bw’Imana. Kandi bamwe muri mwebwe ni ko mwari mumeze. Ariko mwaruhagiwe murezwa.” — 1 Ab’i Korinto 6:9-11, NW.

14 Iyumvīre ivyo nawe! Bamwe mu bakirisu ba mbere bari abasambanyi, bararenga ibigo, abagabo barasambanya abandi, bari ibisuma kandi bari imborerwa; ariko ishengero ry’abakirisu ryarabafashije barahinduka. Intumwa Paulo na yo nyene yari yarigeze gukora ibibi. (1 Timoteyo 1:15) Yandikiye Tito umukirisu mugenziwe ati: “Kuko natwe nyene kera twari ibipfu, turi intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwipfuza n’ukwinezereza kw’uburyo bwinshi.” — Tito 3:3.

15. (a) Ni igiki cerekana ko Paulo atari abangukiwe n’ugukora ibigororotse? (b) Akarorero Paulo yatanze kadufitiye akamaro gaki?

15 None Paulo aho abereye umukirisu vyaramworoheye gukora ibigororotse? Haba namba! Igihe cose yama arwanya ivyipfuzo bibi hamwe n’ibiryohera umubiri vyari vyarigeze kumugira umuja. Raba uko yanditse: “Ndwanya umubiri wanje nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe.” (1 Ab’i Korinto 9:27) Paulo yaribabaza we nyene. Yarihāta gukora ibigororotse n’aho umubiri wiwe wipfuza gukora ibibi. Nawe nyene ukurikije akarorero kiwe, woshobora gutsinda muri urwo rugamba.

16. Ni uburorero ubuhe bwo muri iki gihe bushobora kudufasha gutsinda mu ntambara yo gukora ibigororotse?

16 Ni wabona ko bikugumiye gutsinda imigenzo imwe imwe wamenyereye, shika kw ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ryegereje. Nta gukeka, uzotangazwa n’imigenzo myiza hamwe n’urweze vy’abo uzohasanga. Ariko benshi muri bo bāri ab’iyi si irimwo abantu basambana, barenga ibigo, baborerwa, irimwo abagabo basambanya abandi, abanywi b’itabi n’abanywarumogi, ibisuma, abangushi, abanyuruza ibidandazwa n’abatera urusimbi ataco binona. Benshi muri bo barigeze gukora ivyo bintu. (1 Petero 4:3, 4) Bisubiriye, ni wifatanya udatinze n’Ivyabona vya Yehova mu makoraniro mato mato agirirwa mw ishengero, uzoba ushitse mu bantu bāniganye kugira ngo batsinde imigenzo n’ukwipfuza nk’ivyo nawe woba uriko urarwanya ubu. Gumya umutima! Ko baguma batsinda mu rugamba rwo gukora ibigororotse; nawe ufashijwe n’Imana ntuzobura kunesha.

17. (a) Dukwiye kwifatanya na bande ni twaba dushaka gutsinda muri iyo ntambara? (b) Ni bande twokwirukira kugira ngo badufashe mu bitugoye?

17 Ni waba ubu umaze igihe wiga Bibiliya hamwe n’Ivyabona vya Yehova, nta gukeka uramaze gushika mu makoraniro agirirwa mu Ngoro y’Ubwami. Shika muri ayo makoraniro udahengeshanya. Twese turakeneye kuremeshwa n’amakoraniro y’abakirisu nk’ayo. (Abaheburayo 10:24, 25) Menyana n’“abashingantahe b’ishengero” canke abazezwashengero. Igikorwa bāshinzwe, ni “ukuragira ishengero ry’Imana.” (1 Petero 5:1-3; Ivyakozwe n’intumwa 20:28) Ntutinye kuja kubasaba imfashanyo ukeneye kugira ngo ushobore gutsinda imigenzo idahuye n’amategeko y’Imana. Uzosanga bakundana, bagira ubuntu kandi bakubabaye. — 1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8.

18. Ni icizigiro ikihe kiduhumuriza muri iyo ntambara?

18 Ibidukwegera mu vyaha si isi ya Shetani gusa, na kamere yacu y’ivyaha ntitwoyibagira. Kugira ngo ntiduhemuke ku Mana rero, dutegerezwa kurwana intambara ya misi yose. Ese ukuntu duhumurizwa n’uko iyo ntambara itazokwamaho! Ntibitevye Shetani izobohwa, isi yayo mbi na yo itikire. Hanyuma mw isi nshasha y’Imana yegereje, ubutungane buzotuma tworoherwa mu nzira turimwo buzosasagara. Amaherezo ya vyose, ivyaha bizozimangana, iyi ntambara ikomeye y’ugukora ibigororotse na yo ntizoba igikenewe.

19. Ni kuki wogerageza gushimisha Yehova utidoga?

19 Gumiza ku muzirikanyi imigisha tuzoronkera muri iyo si nshasha. Egome, “twambare nk’inkofero ukwizigira agakiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:8) Ese ivyiyumviro vyawe vyomera nk’ivy’uyu mugore yavuze ati: “Ndibuka ivyo Yehova yangiriye vyose n’umuhango yampaye. Ntiyampevye, yarampezagiye mu buryo bwinshi. Ndazi ko ashaka ineza yanje gusa, nanje nipfuza kumuhimbara. Ubuzima budahera, birakwiye ko umuntu abwigorera.” Dukurikiranye ukugororoka ntiduhemuke, ‘umuhango w’ivyiza vyose Yehova yaduhaye,’ uzohangurirwa abo bose bamukunda. — Yosuwa 21:45.

[Ifoto ku rup. 219]

Ko mbona kera hāriho ibinezereza vyinshi mu buzima bw’abanyamisiri, ni kuki none Musa yakuye meza?

[Amafoto ku rup. 220, 221]

Dawidi yagumye ashinzeyo ijisho ntiyahunga, ni co gituma yarenze ibigo

[Ifoto ku rup. 222]

Yozefu yarahunze inyosha z’ubushirasoni z’umugore wa Potifari

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika