Ikigabane ca 76
Asangira n’Umufarizayo
YEZU amaze kwishura abamunegura bafise amazinda kw’isôko ry’ububasha yakoresheje mu gukiza umuntu atari ashoboye kuvuga, sinzi Umufarizayo amutumiriye ibifungurwa. Imbere y’uko bafungura, ba Bafarizayo baja mu vya wa mugenzo wabo wo gukaraba gushika mu nkokora. Ivyo babigira imbere n’inyuma yo gufungura, eka no hagati y’ugufungura. Naho uwo mugenzo wabo utarenga ivyagezwe vyanditswe vy’Imana, urarenga ku co Imana isaba mu vyerekeye ukwisukura kw’ukwihinguza.
Nyene kumutumira abonye Yezu adakurikije uwo mugenzo, biramutangaza. Naho mbere ukwo gutangara kwiwe adashoboye kuguserura mu majambo, Yezu arabibona hanyuma avuga ati: “Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi. Mwa bijuju mwe, iyaremye urukoba si yo yaremye n’imbere?”
Ngaho Yezu ashize ku kabarore uburyarya bw’Abafarizayo bihinguza mu gukaraba ariko ntibabashe kwoza imitima yabo ngo bikure ububi. Ahanura ati: “Mutange ibir’imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’umve, vyose bizobabera ibiziruwe.” Ugutanga kwabo gukwiye guterwa n’umutima w’urukundo, ntibikwiye guterwa n’icipfuzo c’ugutangaza abandi, biyemeza ngo baragororotse.
Yezu arabandanya ati: “Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.” Ivyagezwe Imana yahaye Isirayeli bisaba kuriha ibigiracumi vy’umwimbu wo mu mirima. Imbwija n’isogi ni ibiterwa bitobito bikoreshwa mu guha akanovera ibifungurwa. Abafarizayo baratanga bavyitondeye ikigiracumi c’ivyo vyatsi mbere bitagira n’ico bivuze, ariko Yezu akabagiriza ko birengagiza igisabwa gihambaye kuruta ari co kugaragaza urukundo, kugira ubuntu, no kwicisha bugufi.
Mu kwongera kubanegura, Yezu avuga ati: “Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mukunda intebe z’icubahiro mu masinagogi, no kugirwako bgakeye mu tuguriro. Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.” Ubuhumane bwabo ntibwibonekeza. Idini y’Abafarizayo inyuma iboneka neza ariko imbere ata kintu! Ishimikiye ku buryarya.
Umutohozamategeko umwe, umuhanga mu Vyagezwe vy’Imana, aho yumviye ukwo gucirwako iteka, aridoga ati: “Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse.”
Abo bahanga mu Vyagezwe na bone Yezu abavuga yuko bari n’ico bagirizwa, ati: “Namwe abigisha ivyagezwe muzobona ibara, kuko mwikoreza abantu imitwaro itokwikorerwa, namwe ubganyu iyo mitwaro ntimuyikozek’urutoke na rumwe. Muzobona ibara, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, ba sogokuruza banyu ari bo bābīshe.”
Imitwaro Yezu avuga ni imigenzo yagiye irahanahanwa ku munwa, ariko abo batohozamategeko ntiboruha banagerurako ibwirizwa ritoyi na rimwe ngo borohereze abantu. Yezu arabahishurira yuko mbere baja inama y’ukwica abahanuzi. Hanyuma abura ati: “Amaraso y’abāvugishwa n’Imana bose yavishijwe, uhereye ku kuremwa kw’isi, [azoronderwa] [“kuri iri yaruka,” NW], uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yīciwe hagati y’igicaniro n’ahēra h’urusengero: ni koko, ndababgire, azoronderwa [“kuri iri yaruka,” NW].”
Isi y’abantu bashobora gucungurwa yatanguye aho Adamu na Eva bavyariye abana; muri ubwo buryo, Abeli yabayeho mu gihe co “kuremwa kw’isi.” Inyuma y’aho Zakariya yiciwe nabi, inteko z’Abashuri zarayogeje Yudaya. Ariko Yezu aba arabamenyesha ko hobayeho iyogezwa ribi kuruta ry’abarutse mu gihe ciwe kubera ububi bwabo burushirije. Ukwo kuyogezwa kwashitse inyuma y’imyaka 38, ni ukuvuga mu 70 G.C.
Mu kubandanya kubanegura, Yezu avuga ati: “Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’[ubumenyi]: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.” Abo bahanga mu Vyagezwe bashinzwe gusigurira abantu Ijambo ry’Imana, bakabashirira ahabona insobanuro yaryo. Mugabo barananirwa no kubikora, mbere bakima n’abantu akaryo ko kuritahura.
Ba Bafarizayo hamwe n’abahanga bemewe bararakarira Yezu kubera ko abashize ku kabarore. Avuye kuri iyo nzu, batangura kumurwanya bimwe bikaze no kumucucagira ibibazo. Baragerageza kumutega umutego ngo avuge ikintu cobaha uburyo bwo kumufata. Luka 11:37-54; Gusubira mu Vyagezwe 14:22; Mika 6:8; 2 Ngoma 24:20-25.
▪ Ni kuki Yezu yaciriye urubanza Abafarizayo n’abahanga mu Vyagezwe?
▪ Ni imitwaro iyihe abatohozamategeko bashira ku bantu?
▪ “Ukuremwa kw’isi” kuvugwa kwabaye ryari?