Ikigabane ca 88
Umutunzi na Lazaro
YEZU yariko araganira n’abigishwa biwe ku kuntu bokoresha neza ubutunzi, arasigura yuko tudashobora kujakarira ivyo bintu ngo tujakarire n’Imana. Abafarizayo na bo nyene bariko barumviriza, hanyuma batangura gushinyurira Yezu kubera ko bo ari inkunzi z’amahera. Ni kwo kubabwira ati: “Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’igisesema mu nyonga z’Imana.”
Igihe kirashitse c’uko ibintu bihindukana abantu batunze ibintu vyo mw’isi, abafise ububasha mu vya politike, n’abafise ububasha mu vy’idini. Bagiye gushirwa hasi. Ariko rero, abantu bamenya ko bakeneye ivy’impwemu ni bo bazoshirwa hejuru. Yezu aradoma urutoke kuri mwene iryo hinduka igihe abandanya kubwira Abafarizayo ati:
“Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana [Umubatizi]: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira. Icoroshe n’ukw ijuru n’isi vyovaho, hakw akazatsa na kamwe kova ku nyuguti imwe yo mu vyagezwe.”
Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo barishima kubera bavuga ko bumira ku Vyagezwe vya Musa. Uribuka yuko igihe Yezu yahumura umuntu umwe ku gitangaro i Yeruzalemu, biyemeye bavuga ngo “tweho tur’abigishwa ba Mose. Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose.” Ariko ubu Ivyagezwe vya Musa vyarashikije ico vyari vyaragenewe, ni ukuvuga gushikana abantu bicisha bugufi ku Mwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kirisitu. Mu ntango y’igikorwa ca Yohani rero, abantu b’ubwoko bwose, canecane abicisha bugufi n’aboro, barinanata ngo bazobe abatwarwa b’Ubwami bw’Imana.
Kubera ko Ivyagezwe vya Musa ubu biriko biraranguka, ibwirizwa ry’ukuvyubahiriza rigiye gukurwaho. Ivyagezwe birarekura ukwahukana bivuye ku mpamvu zitari zimwe, ariko Yezu ubu avuga ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akābīra uwundi, aba asambanye; kandi n’uwābīra umugore yahukanye n’umugabo wiwe aba asambanye.” Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba ashavuza abo Bafarizayo, narirya barekura ukwahukana ku mvo nyinshi!
Yezu mu kubandanya ivyo abwira Abafarizayo, yigana ikigereranirizo kivuga abantu babiri, abo ibibanza barimwo, canke ukuntu ivyabo vyifashe, amaherezo birahindurwa bimwe vy’agatangaza. Woba ushobora kumenya abagereranywa n’abo bantu hamwe n’ico ihinduka ry’ivyabo risigura?
Yezu asigura ati: “Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose. Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe. Yifuza guhāzwa n’udukorokera musi y’ameza y’uno mutunzi; kand’imbga na zo zāraza zikamurigata ibisebe.”
Yezu ngaha akoresha umutunzi kugira agereranye indongozi z’idini y’Abayuda, atari gusa Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe, ariko kandi n’Abasadukayo be n’abaherezi bakuru nyene. Baratunze mu kuba bafise agateka ko mu buryo bw’impwemu, bakaba banashoboye kubishikira, kandi bakigenza nk’uwo mutunzi. Bambara impuzu z’inyambarabami zigereranya ikibanza bafise c’ubutoni, hanyuma izera nziza zabo na zo zikagereranya ukuntu bibona ukugororoka.
Aboro, banyarucari, uwo mugwi w’abatunzi ubarabana akagaye kabi, ukabita ngo ni ba ‛am ha·’aʹrets, canke abantu b’ivu. Wa musezi Lazaro rero agereranya abo bantu indongozi z’idini zima ibifungurwa n’uduteka vyo mu vy’impwemu bibereye. Gutyo, nk’uko Lazaro yuzuweko n’ibisebe, abo bantu banyarucari barabirwa hasi nk’abarwaye mu vy’impwemu, kandi ko bakwiriye gusa gusanishwa n’imbwa. Yamara, abo mu mugwi wa Lazaro barasonza bakanyoterwa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bigatuma bama kw’irembo, barondera kuronka utuvunji utwo ari two twose two ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu twokoroka tuva ku meza ya wa mutunzi.
Yezu ubu abandanya adondora amahinduka yo mu vy’ukuntu uwo mutunzi na Lazaro bamerewe. Ayo mahinduka ni ayahe, kandi agereranya iki?
Ivya wa Mutunzi na Lazaro Bihinduka
Wa mutunzi agereranya indongozi z’idini zatewe uduteka two mu vy’impwemu kandi zigashobora kubishikira, hanyuma Lazaro na we agereranya abantu banyarucari bashonje imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu. Yezu arabandanya inkuru yiwe, akadondora ihinduka ry’agatangaza riba mu vy’ukuntu ivy’abo bantu babiri vyifashe.
Yezu avuga ati: “Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga. Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.”
Kubera ko uwo mutunzi na Lazaro atari abantu babayeho ariko bakaba bagereranya imigwi y’abantu, bica vyumvikana ko n’ugupfa kwabo nyene ari ukw’ikigereranyo. None ugupfa kwabo kugereranya iki?
Yezu ni ho agiheza kwerekana ihinduka ry’ukuntu ibintu vyifashe mu kuvuga yuko ‘Ivyagezwe bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana vyabayeho gushitsa igihe ca Yohani Umubatizi, ariko yuko uhereye ico gihe ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buvugwa.’ Ni co gituma ukwigisha kwa Yohani n’ukwa Yezu Kirisitu ari ryo shingiro ry’ugupfa kw’uwo mutunzi na Lazaro, mu buryo bw’ukuntu ivyabo vyari vyifashe canke mu kuntu bari bamerewe.
Abantu bicisha bugufi kandi bigaya bagize umugwi wa Lazaro, barapfa ku vy’ukuntu bari bameze mu vy’impwemu kwononekaye hanyuma bakaja mu kibanza c’ubutoni. Naho imbere yaho bari bahanze amaso indongozi z’idini ngo baronke utwokoroka tuvuye ku meza yo mu buryo bw’impwemu, ubu ukuri kwo mu Vyanditswe gutangwa na Yezu kurabamara inyota. Barazanwa rero mu gikiriza, ari co kibanza c’ubutoni, ca Aburahamu Mukuru, Yehova Imana.
Ku rundi ruhande rero, abagize umugwi wa nya mutunzi, Imana irabikunkumura kubera ko bagumye banka kwakira ubutumwa bw’Ubwami bwigishwa na Yezu. Ku bw’ico rero barapfa mu kuva mu kibanza barimwo gisa n’ic’ubutoni. Kukaba nkako, bavugwa ko bariko barababazwa mu buryo bw’ikigereranyo. Ubu na ho umviriza wa mutunzi igihe avuga:
“Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nseserejwe mur’uru rubeya.” Ubutumwa bukaze bw’Imana bumenyeshwa n’abigishwa ba Yezu ni bwo bubabaza abantu bo mu mugwi w’uwo mutunzi. Bashaka ko abo bigishwa basigaho kumenyekanisha ubwo butumwa, gutyo bagasa n’ababahaye agahengwe muri ukwo kubabazwa kwabo.
“Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa. Mber’ukūye n’ivyo, hagati yacu namwe harih’imanga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira abagomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi.”
Ese ingene ari ivy’ubutungane kandi bibereye ko ihinduka nk’iryo ry’agatangaza ry’ibintu riba hagati y’abo mu mugwi wa Lazaro n’umugwi wa nya mutunzi! Iryo hinduka ry’ibintu rishitswa inyuma y’amezi makeyi kuri Pentekote mu 33 G.C., igihe isezerano ry’Ivyagezwe rya kera risubirirwa n’isezerano rishasha. Maze bica bitomoka neza yuko abagirirwa ubutoni n’Imana atari Abafarizayo n’izindi ndongozi z’idini. Iyo “manga ihambaye” nini itandukanya uwo mutunzi w’ikigereranyo n’abigishwa ba Yezu rero igereranya urubanza rw’Imana rudahindurwa kandi rutunganye.
Nya mutunzi mu nyuma arasaba “Aburahamu muvyeyi” ati: “[N]umurungike [Lazaro] mu rugo kwa data, kuko mfise bene mama batanu.” Uwo mutunzi rero arivugiye yuko afitaniye ubucuti n’uwundi se, mu vy’ukuri akaba ari Shetani wa Mucokoranyi. Uwo mutunzi asaba Lazaro ko yosuka utuzi ku butumwa bw’urubanza rw’Imana, kugira ngo ntibushire “[aho] hantu ho kubabarizwa” ‘abavukanyi biwe batanu,’ bakaba ari abo bifatanije mu vy’idini.
“Aburahamu aramubgira, ati Bafise ivya Mose n’ivy’abāvugishwa n’Imana, ni babumvire.” Egome, nimba abo ‘bavukanyi biwe batanu’ bashaka gukira ukubabazwa, ico bakwiye gukora ni ukwumvira ivyanditswe vya Musa n’Abahanuzi vyerekana Yezu ko ari we Mesiya, kandi bagacika abigishwa biwe. Ariko wa mutunzi aranka, ati: “Oyaye, Aburahamu muvyeyi, ariko ni hājayo ūvuye mu bāpfuye, bazokwihana.”
Ariko rero, abwirwa ati: “Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’umuntu yozuka mu bāpfuye.” Imana ntizotanga ibimenyetso bidasanzwe canke ngo ikore ibitangaro kugira ijijure abantu. Bategerezwa gusoma no gukurikiza Ivyanditswe nimba bashaka kugirirwa ubutoni na yo. Luka 16:14-31; Yohana 9:28, 29; Matayo 19:3-9; Ab’i Galatiya 3:24; Ab’i Kolosayi 2:14; Yohana 8:44.
▪ Ni kuki ugupfa kwa wa mutunzi na Lazaro gutegerezwa kuba ari ukw’ikigereranyo, kandi ukwo gupfa kwabo kugereranya iki?
▪ Aho igikorwa ca Yohani gitanguriye, ni ihinduka irihe Yezu yerekana ko riba?
▪ Ni igiki cokuweho Yezu amaze gupfa, kandi ni mu buryo ki ivyo biri n’ico bikora ku kibazo c’ivy’ukwahukana?
▪ Mu kigereranirizo ca Yezu, ni bande bagereranywa na wa mutunzi be na Lazaro?
▪ Imibabaro ishikira wa mutunzi ni imiki, kandi asaba ko botabarwa hakoreshejwe ubuhe buryo?
▪ Ya “manga ihambaye” igereranya iki?
▪ Se nyawe wa nya mutunzi ni nde, abavukanyi biwe batanu na bo bakaba bande?