ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 43-rup. 46
  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo Gutegura Ikigabu Gisaba Ugusoma
  • Gukorera ku Mutwe w’Ikiganiro be no ku Kiringo Gifatirwako
  • Igihe Inshikirizo Yawe Izoba Ari nk’Insiguro
  • Gukoresha Amayagwa Yatanzwe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Inyobozo Zihabwa Abacungezi b’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 43-rup. 46

Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure

KU KIGABU cose uhawe mw’ishure haba habonetse akaryo ko gukura. Nukijeko ubishizeko umutima, ni ho iterambere ryawe rizoza riribonekeza kuri wewe, ribonekere n’abandi. (1 Tim. 4:15) Iryo shure rizorushiriza kugufasha gutsimbataza ubushobozi bwawe bimwe bishitse.

Woba uhagarika umutima iyo witeze kuvugira imbere y’ishengero? Ivyo ni ibisanzwe, n’ubwo woba umaze igihe kinaka muri iryo shure. Ariko rero, hari ibintu bimwebimwe bishobora kugufasha kugabanya urugero rw’umwitwarariko ugira. I muhira, nuze uragira akamenyero ko gusoma n’ijwi ryumvikana kenshi. Ku makoraniro y’ishengero, nuze uratanga insasanuro incuro nyinshi, kandi nimba uri umwamamaji, nuze uraja mu murimo wo mu ndimiro udahorereza. Ivyo bizogucisha uruma mu vy’ukuvugira imbere y’abandi. Vyongeye, nutegure hakiri kare ibigabu wahawe bwa munyeshure, kandi wimenyereze kubishikiriza n’ijwi ryumvikana. Uribuka yuko uzoba uriko uravugira imbere y’abumviriji bakubereye nk’abagenzi. Imbere yo gutanga insiguro iyo ari yo yose, nusenge Yehova. Araha impwemu yera abasavyi biwe bayimusaba abigiranye urweze.—Luka 11:13; Flp. 4:6, 7.

Ntiwitege ibirenze urugero. Bifata igihe kugira ngo umuntu ace uruma ngo abe umushikirizansiguro n’umwigisha kirumara. (Mika 6:8) Nimba uherutse kwiyandikisha mw’ishure, ntiwitege ko uca ushikiriza insiguro inoboye buno nyene. Ahubwo, nukorere kw’inuta rimwe ry’impanuro y’ivy’ukuvuga. Niwige igice kibivuga muri iki gitabu. Nimba bishoboka, nukore umwimenyerezo wahatanzwe. Ivyo bizogucisha uruma mu bijanye na nya nuta ryo guherwako impanuro imbere y’uko ushikiriza ikiganiro cawe mw’ishengero. Iterambere rizoza.

Uburyo bwo Gutegura Ikigabu Gisaba Ugusoma

Kwitegurira gusomera abantu ntibisaba gusa ugupfa kuba ushoboye kuvuga amajambo ari mu mayagwa washinzwe. Niwihatire gutahura neza ico ayo mayagwa asobanura. Ukironka ikigabu cawe, nusome vyose ufise iyo ntumbero mu muzirikanyi. Nugerageze gutahura iciyumviro kiri mu ryungane ryose be n’iciyumviro kigaranzuwe mu ngingo yose kugira ngo ushobore gushikiriza nya vyiyumviro ata makosa kandi ufise inyiyumvo ibereye. Aho bishoboka, nurabe mu nyizamvugo kugira ngo wature neza amajambo atamenyerewe. Nushike ku kumenya neza nya mayagwa. Abavyeyi bashobora gukenera gufasha abana babo bakiri bato kugira ivyo.

Woba washinzwe gusoma igihimba ca Bibiliya canke kumbure ingingo z’Umunara w’Inderetsi? Nimba amakaseti yo kwumviriza y’ayo mayagwa ahari mu rurimi rwawe, bishobora kuba ngirakamaro cane kwumviriza ubusomyi no kugira aho wanditse ibintu nk’inyaturo, imvugo, inshimiko, hamwe n’impibongozo. Ca nawe ugerageza kwinjiza izo kamere mu busomyi bwawe bwite.

Igihe utanguye gutegura ikigabu cawe, uraraba neza ko watohoje witonze icigwa kivuga ivya kamere y’ivy’ukuvuga washinzwe gukorerako. Nimba bishoboka, nusubiremwo nya cigwa uhejeje kwimenyereza gusoma incuro nyinshi, n’ijwi ryumvikana, amayagwa washinzwe. Niwihate kugira ngo ukurikize iyo mpanuro yanditswe bimwe bishitse uko bishoboka kwose.

Ukwo kwimenyereza kuzokugirira akamaro mu busuku bwawe. Uko uja mu murimo wo mu ndimiro, uraronka uturyo twinshi two gusomera abandi. Kubera ko Ijambo ry’Imana rifise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu, birahambaye yuko urisoma neza. (Heb. 4:12) Ntiwitege gushobora imice yose y’ubusomyi kirumara ku kigabu kimwe canke bibiri uhawe. Paulo yandikiye umukurambere w’Umukirisu abimazemwo imyaka ati: “Wame ugira umwete wo gusomera abantu.”—1 Tim. 4:13.

Gukorera ku Mutwe w’Ikiganiro be no ku Kiringo Gifatirwako

Igihe uronse ikigabu co kw’ishure kirimwo ugufatira ku kiringo kinaka, wobigenza gute?

Hari ibintu bitatu nyamukuru bikeneye kurimburwa: (1) umutwe bagushinze w’ikiganiro, (2) ikiringo gifatirwako hamwe n’umuntu muzoba muriko muravugana, hamwe (3) n’inuta wasabwe gukorerako ryo guherwako impanuro.

Ukeneye gutororokanya amayagwa ku mutwe washinzwe w’ikiganiro. Mugabo imbere y’uko ubishikana kure, niwiyumvire witonze ivyerekeye ikiringo ufatirako hamwe n’umuntu muza kuvugana, kuko ivyo bintu bizogira ico bikoze ku bwoko bw’amayagwa uzoshikiriza hamwe n’uburyo uzoyashikiriza. Ni ikiringo ikihe uzoba wafatiyeko? Woba uzoba uriko urerekana ukuntu hashikirizwa inkuru nziza ku muntu uzi? Canke woba uzoba uriko urerekana ibishobora gushika igihe duhuye n’umuntu ari bwo bwa mbere? Mbega nya muntu yoba akuze kukuruta canke aracari muto kuri wewe? Ni inyifato iyihe yoshobora kugira ku biraba uwo mutwe w’ikiganiro mushaka kuyagako? Ivyo asanzwe abiziko ukungana iki? Ni intumbero nyabaki wizigiye gushikira mumaze kuyaga? Inyishu kuri ivyo bibazo zizotanga inyobozo zihambaye ukwiye gukurikiza.

Mbega uzokura hehe amayagwa kuri uyo mutwe w’ikiganiro watanzwe? Ku rupapuro 33 gushika ku 38 rw’iki gitabu, hariho umwihwezo w’“Uburyo bwo Kugira Ubushakashatsi.” Nuwusome, hanyuma maze ukoreshe ibikoresho vy’ubushakashatsi ushobora kuronka. Kenshi ntuzoteba kuronka amayagwa menshi kuruta ayo ushobora gukoresha. Nusome bihagije kugira ngo umenye ayashobora kuboneka. Ivyo ubigize ariko, nugumize mu muzirikanyi ikiringo uzofatirako ku bw’ivyo uzoshikiriza, hamwe n’umuntu muzoba muriko muravugana. Nushire akamenyetso ku vyiyumviro bibereye gukoreshwa.

Imbere y’uko uringaniza ivyo uzoshikiriza kandi ukarobanura ibintu ido n’ido vya nyuma, fata umwanya wo gusoma umwihwezo w’inuta wasabwe gukorerako ryo guherwako impanuro. Ikurikizwa ry’iyo mpanuro ni imwe mu mpamvu nyamukuru zatumye ushingwa ico kigabu.

Ushikirije amayagwa yawe mu mwanya watanzwe, uzoshira akanyota ko gushikiriza insozero yawe, kuko hazotangwa ikimenyetso c’uko umwanya wari wahawe uheze. Ariko rero mu busuku bwacu bwo mu ndimiro, ivy’umwanya ntivyama ari ikintu co kuraba. Uko witegura rero, nurimbure umwanya uzoba ufise uko ungana, mugabo ushimike ku kwigisha mu buryo kirumara.

Ivyerekeye Ikiringo Gifatirwako. Nurimbure amagirenama yatanzwe ku rupapuro rwa 82, hanyuma urobanure ikiringo ufatirako kimwe kizoba ari ngirakimazi mu busuku bwawe kandi kizotuma ushobora gukoresha nya mayagwa yatanzwe utarenza urugero. Nimba umaze igihe kinaka uri muri iryo shure, ivyo bibone nk’akaryo ko kwegereza no gutsimbataza ubuhanga bw’inyongera ku bw’ubusuku bwawe.

Nimba umucungezi w’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi aguhaye ikiringo ufatirako, niwemere urwo rugamba. Kenshi kiba kirimwo ugushinga intahe. Nimba utarigera ushinga intahe igihe ibintu vyifashe uko vyadondowe, nurondere ivyiyumviro mu kuganira n’abamamaji bamaze kubigira. Nimba bishoboka, gerageza kubiganira na bo ufatiye ku kiringo gihuye n’ico uzokoresha mw’ishure. Ivyo bizogufasha gushikira intumbero ihambaye y’imenyerezwa ryawe.

Igihe Inshikirizo Yawe Izoba Ari nk’Insiguro

Nimba uri umuntu w’umugabo/umuhungu, ushobora gushingwa gushikiriza ishengero insiguro ngufi. Mu gutegura izo nsiguro, ivyiyumviro vy’ishimikiro bikeneye kurimburwa ni nka birya nyene bitondetswe vyerekeye ibigabu vy’umunyeshure mu buryo bw’imyerekano. Amatandukaniro nyamukuru ni abumviriji hamwe n’uburyo amayagwa ashikirizwa.

Kenshi biraba vyiza gutegura amayagwa yawe kugira ngo umuntu wese wo mu bumviriza ayungukireko. Benshi mu baba bahari baba basanzwe bazi ibintu vy’ukuri kwa Bibiliya vy’ishimikiro. Bashobora kuba bazi neza umutwe washinzwe kuganirako. Nurimbure ivyo basanzwe bazi ku vyerekeye uwo mutwe w’ikiganiro ufise. Niwihate kugira ngo ugire ico ubunguye mu buryo bunaka biciye ku nshikirizo yawe. Niwibaze uti: ‘Nshobora gute gukoresha umutwe w’ikiganiro mfise kugira ngo nshikane kure ugukenguruka jewe n’abanyumviriza dufitiye Yehova bwa muntu? Ni ibiki biri muri nya mayagwa bizodufasha gutegera ukugomba kw’Imana ukwo ari kwo? Ayo mayagwa ashobora gute kudufasha gufata ingingo ziroranye mw’isi yiganziwe n’ivyipfuzo vy’umubiri?’ (Ef. 2:3) Kugira umuntu aronke inyishu zimara akanyota kuri ivyo bibazo bisaba ubushakashatsi. Igihe ukoresha Bibiliya, niwihate kugira ngo ntikube gusa ugusoma ibisomwa. Nuzirikane ku vyanditswe ukoresha, kandi werekana ukuntu ivyo bitanga ishimikiro ry’amajambo y’ugusozera. (Ivyak. 17:2, 3) Ntugerageze gushikiriza ibintu vyinshi birenze urugero. Nushikirize amayagwa yawe mu buryo vyoroha kuyibuka.

Mu mwiteguro hakwiye kandi kujamwo ugushira ivyiyumviro vyawe ku kuntu uzoyashikiriza. Ivyo ntubifatire mu rwara. Niwimenyereze gutanga insiguro yawe n’ijwi ryumvikana. Akigoro ushira mu kwiga no mu gukurikiza impanuro kuri kamere zitandukanye z’ivy’ugushikiriza insiguro kazoterera rwose agacumu k’ubumwe kw’iterambere ryawe. Waba uri umushikirizansiguro mushasha canke uwuciye uruma, niwitegure neza kugira ngo ushobore kuvugana ukujijuka n’inyiyumvo bibereye amayagwa yawe. Uko urangura ikigabu cose mw’ishure, nugumize mu muzirikanyi intumbero yo gukoresha ingabirano yawe y’ukuvuga wahawe n’Imana ngo utere iteka Yehova.—Zab. 150:6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika