Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
POROGARAMA y’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi itegurwa ngo yungure ishengero rizima. Amakuru y’agaciro arashikirizwa kandi ku yandi makoraniro y’ishengero hamwe no ku materaniro be no ku mahwaniro. Nimba washinzwe igihimba kuri imwe muri ayo maporogarama, wahawe ibanga riremereye. Intumwa Paulo yahimirije wa mucungezi w’Umukirisu Timoteyo kwama yitwararika inyigisho yiwe. (1 Tim. 4:16) Ababa bari ku mitororokano y’Abakirisu baba bibikiye umwanya w’agaciro—kandi bamwebamwe baba bagize akigoro kanini—kugira bayitabe ngo babone gucishwa ubwenge mu bijanye n’imigenderanire yabo n’Imana. Gutanga mwene ayo macishabwenge ni agateka gahambaye cane koko! None ushobora kubirangura neza gute?
Ivyiyumviro Bikurubikuru vyo mu Gisomwa ca Bibiliya
Uyo muce w’ishure ushimikiye ku gisomwa ca Bibiliya kiba kigenewe nya mushamvu. Hakwiye gushimikwa ku kuntu nya mayagwa ari n’ico akora kuri twebwe muri iki gihe. Nk’uko vyashikirijwe muri Nehemiya 8:8, Ezira hamwe n’abasangirangingo biwe barasomeye abantu mw’Ijambo ry’Imana, barabisigura, ‘bashiramwo insobanuro’ (NW) babona gutuma batahura. Ishikiriza ryawe ry’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya rirakuronsa akaryo ko kugira ivyo nyene.
None wotegura gute mwene ico kigabu? Nimba bishoboka, nusome igihimba catanzwe co muri Bibiliya nk’umushamvu umwe canke urenga imbere y’igihe. Maze niwiyumvire ishengero ryawe hamwe n’ivyo rikeneye. Nubisengere. Ni impanuro iyihe, uturorero utuhe, ingingo izihe muri ico gihimba c’Ijambo ry’Imana bihuye n’ivyo bintu ishengero rikeneye?
Ubushakashatsi ni ntahara. Mbega bwa bubiko bw’ibitabu bukoreshwa kuri orodinateri bwitwa Watchtower Library ku kadisike kitwa CD-ROM canke Index des publications de la Société Watch Tower vyoba biriho mu rurimi rwawe? Nimba biriho nubikoreshe neza. Mu kugirira ubushakashatsi amayagwa yasohowe ku mirongo wahisemwo gushimikako, ushobora kuronka amayagwa y’ivya kahise, insobanuro kw’iranguka ry’ubuhanuzi, umwihwezo wagizwe w’ivyo imirongo imwimwe ihishura ku vyerekeye Yehova, canke umwihwezo wagizwe w’ingingo ngenderwako, bikakuboneshereza. Ntugerageze gushikiriza ivyiyumviro birenze urugero. Nushimike ku mirongo mikeyi gusa warobanuye. Birarushiriza kuba vyiza ukoresheje imirongo mikeyi. Biraba vyiza gushikiriza bikeyi muri vyo mugabo ukabishikiriza neza.
Ikigabu wahawe coshobora kandi gusaba ko utumira abumviriza gusasanura ukuntu bungukiye ku gisomwa ca Bibiliya ca nya mushamvu. Ni ibiki batoye bizobungura mu nyigisho yabo bwite be n’iy’umuryango canke mu busuku bwabo, canke mu buryo bwabo bwo kubaho? Ni kamere za Yehova izihe zagaragajwe mu vyo akorana n’abantu hamwe n’amahanga? Ni ibiki abumviriza bize vyakomeje ukwizera kwabo kandi bikubaka ugukengurukira Yehova? Ntiwishinge ibintu vy’uguhingura. Nushimike ku nsobanuro y’ivyiyumviro warobanuye no ku gaciro ngirakimazi kavyo.
Insiguro Ncishabwenge
Iyo ishimikiye ku mayagwa yasohowe, nk’ikiganiro c’Umunara w’Inderetsi canke Réveillez-vous! canke igihimba co mu gitabu kinaka. Kenshi haba hari amayagwa menshi aruta umwanya watanzwe. Mbega ico kigabu ukwiye kugishikiriza gute? Bwa mwigisha, si bwa muntu apfa guheza amayagwa. Umucungezi ategerezwa kuba “afise ubgenge bwo kwigisha.”—1 Tim. 3:2.
Tangurira umwiteguro wawe ku gutohoza nya mayagwa washinzwe. Soma ivyanditswe. Zirikana. Ihate ivyo ubigire hakiri kare imbere y’itariki yo gushikiririzako insiguro yawe. Uragumiza mu muzirikanyi yuko abavukanyi baremeshwa gusoma imbere y’igihe amayagwa yasohowe, ayo nya nsiguro ishimikiyeko. Ikigabu cawe si ukuyasubiramwo gusa canke kuyatunatuna, ahubwo ni ukwerekana ukuntu yokurikizwa. Nukoreshe uduhimba tubereye twa nya mayagwa mu buryo buzogira ico bwunguye ishengero vy’ukuri.
Nk’uko nyene umwana wese yifitiye kamere yiwe bwite, ni ko n’ishengero ryose ryifitiye utugeso ryisangije. Umuvyeyi yigisha mu buryo kirumara ntapfa kudondera umwana ingingo zigenga ivy’ukwigenza runtu. Arazirikana hamwe na nya mwana. Ararimbura kamere y’uwo mwana canke ingorane anyinyana na zo. Mu buryo nk’ubwo, abigisha mw’ishengero barihatira gushikira ivyo umugwi bariko barabwira ukeneye. Ariko rero, umwigisha azi kubona ibintu azokwirinda gukoresha uturorero twoshobora kugira uwo tumaramaza mu bumviriza. Azodoma urutoke ku vyiza biva ku kugendera mu nzira ya Yehova yongere yerekane impanuro yibonekeje iva mu Vyanditswe, izofasha ishengero gutunganya ingorane bahanganye na zo kandi baroranirwe.
Ukwigisha kwiza kurakora ku mitima abumviriza. Ivyo ntibisaba gusa ukuvuga inkuru z’imvaho, mugabo bisaba kandi kwubaka ugukenguruka ico ivyo vyerekana. Bisaba kwitwararika koko abariko baracishwa ubwenge. Abungere bo mu vy’impwemu bakwiye kuba bazi ubusho. Mu gihe bagumije mu muzirikanyi ingorane abantu batandukanye bahangana na zo, bazoshobora kuvugana ubutinyutsi, bagaragaza ugutahura, imbabazi, hamwe n’ikibabarwe.
Nk’uko abigisha kirumara babizi, insiguro itegerezwa kugira intumbero itomoye neza. Amayagwa akwiye gushikirizwa mu buryo ivyiyumviro nyamukuru vyibonekeza kandi bikibukwa. Abumviriza bakwiye gushobora kugenda batwaye ivyiyumviro ngirakimazi bizogira ico bikoze ku buzima bwabo.
Ikoraniro ry’Umurimo
Igihe uriko uratanga insiguro ishimikiye ku kiganiro co mu Gikorwa Dukorera Ubwami, urugamba rushobora kumera ukundi. Hano uzosanga kenshi usabwa gushikiriza abumviriza ivyatanzwe vyose, atari ukwirobanurira ibibereye kuruta ibindi. Nufashe abumviriza kuzirikana ku vyanditswe bigize ishimikiro ry’impanuro iyo ari yo yose yatanzwe. (Tito 1:9) Umwanya ni muto, kenshi ugasanga ntukwemerera ko wongeramwo ayandi mayagwa.
Ku rundi ruhande, ushobora gusabwa gushikiriza amayagwa atagira ikiganiro abonekamwo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Hashobora kuba hatanzwe irabiro ryo mu kiganiro c’Umunara w’Inderetsi, canke ico kigabu kikaba kigizwe n’utwandiko dukeyi. Wewe umwigisha ni we urimbura ivyo ishengero rikeneye mu bijanye n’amayagwa washinzwe. Ushobora gukenera gukoresha ikigereranirizo kigufi kidomako, canke ukigana ikintu cabonywe kibereye. Uribuka yuko ikigabu cawe atari gusa ugushikiriza insiguro kuri uwo mutwe w’ikiganiro, mugabo ko ari ukugishikiriza mu buryo ishengero rifashwa gushitsa igikorwa Ijambo ry’Imana ryerekana, no kuronka umunezero mu kubigenza gutyo.—Ivyak. 20:20, 21.
Uko utegura ikigabu cawe, niwiyumvire uko ivy’abagize ishengero vyifashe. Nubakeze ku vyo bamaze gukora. Bakurikije inama zitangwa muri nya kiganiro bishobora gute gutuma barushiriza kuba kirumara no kugira umunezero mu busuku?
Ikigabu cawe coba gisaba kugira umwerekano canke ikiganiro c’ukubaza ibibazo? Nimba ari ukwo, bikwiye guteganywa imbere y’igihe. Hari aho wokwumva ushaka gusaba uwundi muntu ngo abitunganye, mugabo ivyo ntivyama bizana ingaruka nziza. Nimba bishoboka, nimusubiremwo uwo mwerekano canke ukwo kubaza ibibazo umusi w’ikoraniro utarashika. Uraraba neza ko uwo muce w’igihimba ushinzwe ushikirijwe mu buryo buduza vy’ukuri agaciro k’inyigisho iriko iratangwa.
Amateraniro n’Amahwaniro
Abavukanyi batsimbataza kamere z’ivy’impwemu kandi bacika abashikirizansiguro b’icese n’abigisha kirumara, mu nyuma bashobora gusabwa kugira uruhara muri porogarama kw’iteraniro canke kw’ihwaniro. Ivyo mu vy’ukuri ni ibihe bidasanzwe vy’ukwigishwa gitewokarasi. Ikigabu mwene ico gishobora kuza ari nk’insiguro isomwa, urucacagu, ibikurikizwa vyo mw’idaramu ya Bibiliya yerekeye igihe ca none, canke kikaba gusa ari ingingo irimwo amabwirizwa. Uramutse uhawe agateka ko gufasha muri mwene ico gihe, nutohoze witonze nya mayagwa wahawe. Nuyajeko gushika utegereye agaciro kayo.
Abashingwa insiguro isomwa bakwiye gusoma ijambo ku rindi. Ntibabivuga ukundi canke ngo baringanize amayagwa ukundi. Barayitohoza kugira ngo bategere neza ivyiyumviro bikurubikuru ivyo ari vyo hamwe n’ukuntu bishikirizwa. Barimenyereza gusoma n’ijwi ryumvikana gushika bashobore gushikiriza nya nsiguro bashiramwo urugero rubereye rw’ugushimika, ubushwashwanutsi, igishika, inyiyumvo, ubwira, ukujijuka hamwe n’urugero rw’ijwi bibereye abumviriji benshi.
Abavukanyi bashingwa insiguro y’urucacagu bajejwe gushikiriza amayagwa yabo mu buryo buhuza neza na neza n’urwo rucacagu. Aho gusoma muri nya rucacagu mu gihe c’ugushikiriza iyo nsiguro canke ngo ayitegure nk’iyisomwa, umushikirizansiguro akwiye gushikiriza ayo mayagwa mu buryo bw’ukuyaga, bimuvuye mu mutima. Birahambaye kwubahiriza umwanya uri kuri nya rucacagu kugira ngo ashikirize mu buryo butomoye iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose. Umushikirizansiguro akwiye gukoresha neza ivyiyumviro be n’ivyanditswe bitondetswe munsi y’ivyo vyiyumviro nyamukuru. Ntakwiye kuzanamwo ibindi vyiyumviro yishakiye ngo akuremwo ivyatanzwe muri nya rucacagu. Umushinge wubakirwako iyo nyigisho birumvikana ko ari Ijambo ry’Imana. Ibanga rijejwe abakurambere b’Abakirisu ni ‘ukuvuga ijambo.’ (2 Tim. 4:1, 2) Umushikirizansiguro rero akwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ivyanditswe biri muri nya rucacagu—akazirikana kuri vyo hanyuma akerekana ukuntu vyokurikizwa.
Ntube Nzobandabikora
Woba ukorera mw’ishengero ririmwo uturyo twinshi two gushikiriza insiguro? Ushobora gute kutagiramwo izo urenganya? Niwirinde gutegura ibihimba vyawe ku munuta wa nyuma.
Insiguro zigira ico zunguye ishengero vy’ukuri zisaba kuzirikanwako neza imbere y’igihe. Ku bw’ico rero, nugire akamenyero ko gusoma nya mayagwa vuba ukironka ikigabu kimwekimwe cose. Ivyo bizogushoboza kubitembereza mu bwenge igihe uriko urakora utundi dukorwa. Mu misi canke mu mayinga y’imbere y’uko utanga insiguro yawe, ushobora kwumva insasanuro zigufasha kubona ukuntu nya mamenyeshwa yoshobora gukurikizwa neza kuruta. Hashobora kuvyuka ibintu bihishura ukuntu ayo mayagwa ahuye n’igihe. Gusoma ikigabu cawe n’ukwiyumvira ivyaco buno nyene ukikironka bitwara umwanya, mugabo uwo ntuzoba ari umwanya upfuye ubusa. Igihe amaherezo wicaye kugira ngo wubakire kuri nya rucacagu, uzokwimbura inyungu z’ukuba wavyiyumviriye imbere y’igihe. Gutunganya ivy’ibigabu muri ubwo buryo bizogerura rwose umunangiro, vyongere bigufashe gushikiriza amayagwa mu buryo ngirakimazi kandi bushikira imitima y’abari mw’ishengero.
Ku rugero ukenguruka ingabirano wabikijwe mu bijanye na porogarama ya Yehova yo kwigisha abasavyi biwe, uzomutera iteka vyongeye ugaragaze ko uri umuhezagiro ku bamukunda.—Yes. 54:13; Rom. 12:6-8.