ICIGWA CA 1
Gusoma Ata Mahinyu
IVYANDITSWE bivuga yuko Imana igomba ko abantu b’uburyo bwose “bashika ku bumenyi ntagakosa bw’ukuri.” (1 Tim. 2:4, NW) Twisunze ivyo, igihe dusoma n’ijwi ryumvikana muri Bibiliya, icipfuzo cacu co gushikiriza ubumenyi ntagakosa gikwiye kugira ico gikora ku kuntu dusoma.
Ubushobozi bwo gusoma n’ijwi ryumvikana muri Bibiliya no mu bitabu biyisigura burahambaye ku bakiri bato no ku bakuze nyene. Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, turafise ibanga ryo gushikiriza abandi ubumenyi bwerekeye Yehova n’inzira ziwe. Ivyo kenshi birimwo ugusomera umuntu canke umugwi mutoyi w’abantu. Turanagira ugusoma mwene ukwo mu muryango. Mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, hariho uturyo tubereye tw’uko abavukanyi n’abavukanyikazi, abato n’abakuze, baronka impanuro kugira ngo barushirize kuryohora mu gusoma kwabo n’ijwi ryumvikana.
Gusoma Bibiliya icese, kwaba ugusomera abantu canke ishengero, ni ikintu gikwiye gufatanwa uburemere. Bibiliya yahumetswe n’Imana. Turetse ivyo, “ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba, . . . risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Heb. 4:12) Ijambo ry’Imana ririmwo ubumenyi bw’agaciro ntangere budashobora kuboneka ku rindi soko na rimwe. Rirashobora gufasha umuntu kumenya Imana yonyene y’ukuri no gutsimbataza imigenderanire myiza na yo, hamwe no kwirwanako mu ngorane zo mu buzima akaroranirwa. Rirasigura inzira ijana mu buzima buhoraho mw’isi nshasha y’Imana. Ihangiro ryacu rero rikwiye kuba ugusoma Bibiliya kugeza aho ubushobozi bwacu bugera.—Zab. 119:140; Yer. 26:2.
Uburyo bwo Gusoma Ata Mahinyu. Hariho imice myinshi iranga ugusoma kirumara, mugabo gutsimbataza ukubigira ata mahinyu ni yo ntambwe ya mbere. Ivyo bisobanura kwihata ngo usome birya nyene biba vyanditswe ku rupapuro. Raba neza ntuze urasimba amajambo canke ngo umire indome zimwezimwe, canke ngo usome nabi amajambo kubera hari ukuntu asa n’ayandi.
Kugira ngo usome amajambo ata mahinyu, urakeneye gutahura amakuru akikije igisomwa. Ivyo bizosaba kwitegura uvyitondeye. Mu nyuma, uko utsimbataza ubushobozi bwo kuraba imbere kandi ukarimbura ingene iciyumviro kibandanya, ugusoma kwawe ata mahinyu kuzorushiriza kuba kwiza.
Utumenyetso two kuruhuka hamwe n’utwatuzo ni utuntu duhambaye mu nyandiko. Utumenyetso two kuruhuka dushobora kwerekana aho kuruhuka aho ari ho, uburebure bwa nya karuhuko, tukanashobora kwerekana ko vyoba bikenewe guhindura ijwi. Mu ndimi zimwezimwe, ukunanirwa guhindura ijwi igihe bisabwa n’akamenyetso ko kuruhuka bishobora guhindura ikibazo kikaba imvugo yo kwemera, canke bigashobora guhindura insobanuro buhere. Birumvikana ko rimwe na rimwe uburyo utumenyetso two kuruhuka dukora ahanini bujanye n’indimburo. Mu ndimi nyinshi, ntibishoboka ko umuntu asoma neza adakurikiye yitonze utwatuzo, utwanditswe hamwe n’utwo atahura ko tuhari yisunze amakuru akikije igisomwa. Utwo turagira ico duhinduye kw’ijwi ry’indome turiko. Uribuka yuko intumbero yawe ikwiye kuba ugushikiriza ivyiyumviro, atari ukuvuga amajambo gusa.
Ukwimenyereza kurasabwa nimba ugomba kuzotsimbataza ubushobozi bwo gusoma ata mahinyu. Nusome ingingo imwe gusa, hanyuma uyisubiremwo kenshi gushika aho ushobora kuyisoma ata kosa namba. Maze, nuje ku ngingo ikurikira. Amaherezo, niwihate kugira ngo usome impapuro nka zingahe z’amayagwa ata gusimba, ata kuza urasubiramwo canke gusoma nabi ijambo na rimwe. Umaze gutera izo ntambwe, nusabe umuntu akurikire ingene usoma hanyuma aze arakubwira aho wihenze.
Mu mihingo imwimwe y’isi, ingorane z’amaso hamwe n’umuco udakwiye biratuma ugusoma kugorana. Nimba bishoboka ko ivyo uvyitwararika nk’uko bikenewe, nta nkeka bizotuma urushiriza kuryohora ugusoma kwawe.
Mu nyuma, abavukanyi basoma neza barashobora gusabwa gusoma amayagwa yo kwiga ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero no ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Mugabo kugira ushobore gushitsa neza ako gateka, harasabwa n’ibindi atari gusa ukuba ushoboye kuvuga amajambo ata kosa. Kugira ngo ube umusomyi kirumara imbere y’abantu mw’ishengero, uzokenera gutsimbataza utumenyero mu vyo kwisomera ubwawe. Ivyo birimwo ukumenya yuko ijambo ryose riri mu ryungane rifise uruhara rirangura. Ntushobora kwirengagiza amwamwe muri yo hanyuma ngo uheze utahure neza ibiriko biravugwa. Igihe usomye nabi amajambo, no mu gihe woba uriko urisomera ubwawe, insobanuro y’iryungane irononekara. Gusoma nabi bishobora kuva ku kunanirwa kurimbura utwatuzo canke amakuru akikije amajambo yakoreshejwe. Nugire akigoro ko gutahura ico ijambo ryose risobanura aho riboneka mu gisomwa. Nurimbure kandi ukuntu utumenyetso two kuruhuka tugira ico dukoze ku nsobanuro y’iryungane. Niwibuke yuko mu bisanzwe ivyiyumviro biserurwa n’umugwi w’amajambo. Ivyo nubifate nka nkama kugira ngo igihe usoma n’ijwi ryumvikana usome imigwimigwi y’amajambo, ni ukuvuga amungane, aho gusoma ijambo rimwerimwe gusa. Gutahura neza ivyo uriko urasoma ni intambwe ihambaye ituma ushobora gushikiriza ubumenyi ntagakosa abandi biciye ku gusomera abantu.
Paulo yandikiye umukurambere w’Umukirisu aciye uruma ati: “Wame ugira umwete wo gusomera abantu.” (1 Tim. 4:13) Biribonekeza ko muri uwo muce twese dusanga hari ivyo tworushiriza kuryohora.