ICIGWA CA 6
Ugushimika Kugira ngo Ushire Ivyiyumviro Ahabona
IGIHE uvuga canke usoma n’ijwi ryumvikana, igihambaye si ukuvuga gusa ijambo rimwerimwe ata mahinyu, ahubwo kandi ni ugushimika ku majambo nyamukuru no ku mvugo zitekeye ivyiyumviro, mu buryo buserura iciyumviro bimwe bitomoye.
Ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona ntikurimwo gusa ukurushiriza gushimika ku majambo makeyi canke mbere kuri menshi. Amajambo abereye ni yo ategerezwa gushimikwako. Mu gihe hashimitswe ku majambo atari yo, insobanuro y’ivyo uvuga ishobora kudatomokera abakwumviriza, na bo bagashobora kureka ivyiyumviro vyabo bigakebereza ku bindi bintu. Naho nyene nya mayagwa yoba ari meza, inshikirizo itarimwo ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona ntizoba kirumara bikwiye mu vyerekeye kuvyurira ingiro abumviriza.
Kwongereza ugushimika bishobora kugirwa mu buryo bunyuranye, kenshi bukoreshwa icarimwe: ukoresheje urugero runini rw’ijwi, wongereje inyiyumvo, uvuze witonze kandi unoganza, uruhutse imbere yo kuvuga ikintu canke uhejeje kukivuga (canke ukabigira hompi), hamwe no mu gukoresha ibimenyetso vy’umubiri n’ivyo mu maso. Mu ndimi zimwezimwe, ugushimika kurashobora kandi kugirwa mu kumanura ijwi canke mu kuriduza. Nuzirikane kuri nya mayagwa be n’ukuntu ibintu vyifashe, kugira ngo umenye icoba kibereye kuruta ibindi.
Igihe uhitamwo ivyo woshimikako, rimbura ibi bintu bikurikira. (1) Mu ryungane iryo ari ryo ryose, amajambo akwiye kurushiriza gushimikwako ntamenyekanira gusa ku gice gisigaye c’iryungane, ahubwo kandi amenyekanira mu birikikije. (2) Ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona gushobora kugirwa mu gushimika ku ntango y’iciyumviro gishasha, caba ari iciyumviro nyamukuru canke ihinduka gusa ry’iciyumviro. Kwoshobora kandi gukwegera ivyiyumviro ku nsozero y’iciyumviro. (3) Umushikirizansiguro ashobora gukoresha ukwo gushimika mu kwerekana ukuntu yiyumva ku vyerekeye ikintu kanaka. (4) Ukwo gushimika gushobora kandi gukoreshwa kugira ngo ushire ahabona ivyiyumviro nyamukuru vy’insiguro.
Kugira ngo umushikirizansiguro canke umusomyi asomera ishengero akoreshe ugushimika gushira ivyiyumviro ahabona, ategerezwa gutahura bimwe bitomoye amayagwa yiwe kandi agashaka n’ubwira bwinshi yuko abamwumviriza bayakira. Ku biraba amabwirizwa yatanzwe mu misi ya Ezira, muri Nehemiya 8:8 havuga hati: “Babasomera mu gitabo c’ivyagezwe vy’Imana mu buryo bgumvikana, barabibasobanurira kugira ngo batahure ivyo basomewe.” Biribonekeza yuko abasoma kandi bagasigura Ivyagezwe vy’Imana ico gihe batahura akamaro ko gufasha ababumviriza gutegera insobanuro y’ivyariko birasomwa, kuvyibuka be no kubishira mu ngiro.
Icoshobora Gutera Ingorane. Abantu benshi barashobora gutuma insobanuro batanga iba iyitomoye mu kiyago gisanzwe ca misi yose. Ariko rero, igihe basoma amayagwa yanditswe n’uwundi muntu, kumenya amajambo canke imvugo zo gushimikako bishobora kuba urugamba. Urupfunguzo ni ugutahura neza nya mayagwa. Ivyo bisaba ugutohoza witonze ibintu vyanditswe. Rero mu gihe usabwe gusoma amayagwa manaka kw’ikoraniro ry’ishengero, ukwiye kwitegura ubishizeko umutima.
Abantu bamwebamwe bakoresha ico twokwita “ugushimika uko haciye akanya” aho gushimika kugira ngo bashire ivyiyumviro ahabona. Bashimika ku majambo uko haciye akanya kanaka, vyaba biri n’ico bivuze canke bitagifise. Iyo ukwo gushimika ata gacumu k’ubumwe guterera kugira ngo iciyumviro gitomoke, guca gucika akantu k’akamenyero gasamaza.
Mu kigoro ko gukoresha ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona, abashikirizansiguro bamwebamwe barongereza urugero rw’ijwi mu buryo butuma abumviriza bumva yuko bakankamiwe. Birumvikana yuko ivyo ari gake bizana ingaruka nziza. Iyo ugushimika gushira ivyiyumviro ahabona atari kumwe kugirwa mu buzima bwa misi yose, bishobora kuboneka nk’aho umushikirizansiguro yoba ariko abwira abamwumviriza ko ataco bafise bavuga. Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza kubabwira gusa wisunze urukundo, kandi ukabafasha kubona yuko ibiriko biravugwa ari ivyo mu Vyanditswe kandi vyumvikana!
Uburyo bwo Kuryohora. Kenshi umuntu afise ingorane yo gushimika kugira ngo ashire ivyiyumviro ahabona usanga atabizi. Bishobora gukenerwa ko uwundi muntu abimubwira. Nimba ukeneye kurushiriza kuryohora muri ivyo, umucungezi wawe w’ishure azogufasha. Vyongeye, ntiwitinye kubaza uwundi muntu uwo ari we wese ashikiriza insiguro neza. Numusabe kwumviriza yitonze ukuntu usoma n’ukuntu uvuga hanyuma akugire inama kugira uryohore.
Mu gutangura, umuhanuzi wawe ashobora kukugira inama yo gukoresha ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi bwa shimikiro ry’umwimenyerezo wawe. Kumbure azokubwira gusuzuma amungane amwamwe kugira umenye amajambo canke imvugo bikeneye gushimikwako kugira ngo utume insobanuro yoroha gutegera. Ashobora kukwibutsa ko worushiriza kwitwararika amajambo amwamwe yanditswe mu ndome zihiritse. Uribuka yuko amajambo ari mu ryungane akora akoranye. Kenshi, ni umugwi w’amajambo uba ukwiye gushimikwako, si akajambo kamwekamwe. Mu ndimi zimwezimwe, abanyeshure bashobora kuremeshwa kurimbura bimwe birushirije, ico utwatuzo twerekana ku biraba ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona.
Ku ntambwe ikurikira mu vyo kumenya igikwiye gushimikwako, umuhanuzi wawe ashobora kuguhimiriza kurimbura ibindi bikikije iryo ryungane atari iryo ryungane ubwaryo. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe kiriko kirashikirizwa mu ngingo yose uko ingana? Ivyo bikwiye kwosha gute ivyo ushimikako mu ryungane rimwerimwe? Nurabe umutwe w’ikiganiro hamwe n’udutwe dutoduto twanditswe mu ndome zivyibushe, musi yatwo hakaba hari amayagwa yawe. Mbega utwo dufitaniye isano ki n’ukuntu utoranya amajambo ushimikako? Ivyo vyose ni ibintu vyo kurimbura. Mugabo uraraba ntushimike cane ku majambo arenze urugero.
Waba uzoba uriko uravuga ataho uza urabisoma canke usoma, umuhanuzi wawe ashobora kandi kukuremesha ngo ureke iciyumviro abe ari co kikwereka ukuntu woshimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona. Urakeneye kumenya ahantu iciyumviro giherera canke aho uva ku ciyumviro kimwe gihambaye wariko urashikiriza ugatandukira ikindi. Abumviriza bazoshima mu gihe inshikirizo yawe ibakangurira kuri aho hantu. Ivyo vyoshobora kugirwa mu gushimika ku majambo nka ica mbere na mbere, igikurikira, ica nyuma, urumva rero, hamwe na bica vyumvikana.
Umuhanuzi wawe kandi azokwereka ivyiyumviro woshima gushirako inyiyumvo bimwe bidasanzwe. Kugira ivyo ubishikeko, woshobora gushimika ku majambo nka cane, neza cane, ntibishoboka, ntibikabe, birahambaye, hamwe na imisi yose. Ubigenjeje utyo, birashobora kwosha ukuntu abakwumviriza biyumva ku vyerekeye ivyo uriko uravuga. Haravugwa ibindi kuri ico mu Cigwa ca 11 kivuga ngo: “Igishika n’Inyiyumvo.”
Kugira ngo urushirize kuryohora mu gukoresha ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona, uraremeshwa kuguma utomokewe mu muzirikanyi n’ivyiyumviro nyamukuru ushaka ko abakwumviriza bibuka. Ivyo birasubira kwihwezwa dufatiye ku gusomera abantu, mu Cigwa c’7 kivuga ngo: “Gushimika ku Vyiyumviro Nyamukuru,” turabiye kandi ku vyerekeye ugushikiriza ikiganiro mu Cigwa ca 37, c’umutwe uvuga ngo: “Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru.”
Nimba uriko urihata kugira ngo uryohore mu busuku bwawe bwo mu ndimiro, uritwararika bimwe bidasanzwe ukuntu usoma ivyanditswe. Numenyere kwibaza uti: ‘Ni kuki ngomba gusoma iki gisomwa?’ Ku mwigisha, gupfa kwivugira amajambo neza ntivyama bihagije. No gusoma igisomwa n’inyiyumvo bishobora kuba bidahagije. Nimba uriko wishura ikibazo umuntu yabajije canke uriko urigisha ukuri kw’ishimikiro, biraba vyiza iyo ushimitse ku majambo yo mu canditswe canke ku mvugo zishigikira ibiriko birihwezwa. Ahandiho, nya muntu uriko urasomera ashobora gucikwa n’iciyumviro kirimwo.
Kubera ko mu gushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona harimwo ukurushiriza gushimika ku majambo amwamwe, umushikirizansiguro ataraca uruma ashobora kumera gusa nk’uwuvuga ayo majambo ayashimikako kurenza urugero. Ico bivamwo kizomera nka kurya kw’amanuta avuzwa n’umuntu agitangura kwiga kuvuza igicurarangisho. Ariko rero nya muntu abandanije kwimenyereza, “amanuta” azomera gusa nk’igice c’“umuziki” ushika abantu ku nyota bimwe vy’akaroruhore.
Umaze kumenya bimwebimwe mu bintu bikurubikuru, uzoba ushoboye kuhungukira mu kwumviriza abashikirizansiguro baciye uruma. Mu nyuma uzobona uko ivyo ushobora gushikako bingana ugiye uranyuranya urugero rwo gushimika. Vyongeye uzoshima agaciro ko gushimika mu buryo bunyuranye kugira ngo utume insobanuro y’ivyo uvuga ishobora gutomoka. Gutsimbataza ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona bizotuma ugusoma kwawe canke ukuvuga kwawe kurushiriza kuba kirumara.
Ntupfe gusa kwiga ibihagije ku vyerekeye ukwo gushimika kugira ngo wikureyo. Kugira ngo ushobore kuvuga mu buryo kirumara, nugume uvyitwararika gushika unyuzwe neza n’ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona kandi ushobore kugukoresha mu buryo mu matwi y’abandi vyumvikana nk’ukuyaga kwa misi yose.