ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 7 rup. 105-rup. 106 ing. 1
  • Gushimika ku Vyiyumviro Nyamukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushimika ku Vyiyumviro Nyamukuru
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Ugushimika Kugira ngo Ushire Ivyiyumviro Ahabona
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 7 rup. 105-rup. 106 ing. 1

ICIGWA CA 7

Gushimika ku Vyiyumviro Nyamukuru

Ni ibiki ukeneye kugira?

Igihe usoma n’ijwi ryumvikana, nushimike mu buryo budasanzwe ku vyiyumviro nyamukuru biri mu mayagwa yose ariko arasomwa, atari ugushimika gusa ku ryungane rimwerimwe.

Ni Kuki Bihambaye?

Ubutumwa ushikiriza buzokworoha kwibuka nimba ivyiyumviro nyamukuru bishimikwako.

UMUSOMYI nyawe ntaraba gusa iryungane rimwe, araraba n’ahatari mu ngingo ribonekamwo. Igihe asoma, mu muzirikanyi aba afise ivyiyumviro bikurubikuru biri mu mugwi wose w’amayagwa ariko arashikiriza. Ivyo biramufasha kumenya aho ashimika.

Mu gihe ivyo bidakwirikijwe, ntihaheza ngo humvikane aharuta ahandi mu vyo ushikiriza. Nta kintu giheza ngo cibonekeze mu buryo butomoye. Igihe uhejeje kubishikiriza, abantu birashobora kubagora kugira ikintu cibonekeje bibuka.

Ukwitwararika neza ugushimika ku vyiyumviro nyamukuru kurashobora kurangura vyinshi mu kwongereza agaciro k’igisomwa c’inkuru yo muri Bibiliya. Mwene ukwo gushimika kurashobora kwongereza insobanuro y’igisomwa c’ingingo mu gihe hariko hagirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canke ku makoraniro y’ishengero. Vyongeye, birahambaye canecane igihe uriko uratanga insiguro isomwa, nk’uko rimwe na rimwe bigirwa ku mahwaniro yacu.

Uburyo bwo Kubigira. Mw’ishure, ushobora gushingwa gusoma igihimba ca Bibiliya. Ni ibiki bikwiye gushimikwako? Nimba hariho iciyumviro nyamukuru canke ikintu gihambaye cabaye wubakiyeko amayagwa uzoba uriko urasoma, vyoba bibereye utumye cibonekeza.

Igihimba usoma caba kirimwo impinyanyuro canke imvugo isanzwe, umugani canke uburyo bwo kubara inkuru, abakwumviriza bazohungukira igihe usomye neza. (2 Tim. 3:16, 17) Kugira ivyo ubishikeko, utegerezwa kurimbura igisomwa ugiye gusoma ukamenya n’abakwumviriza abo ari bo.

Nimba uza gusoma n’ijwi ryumvikana ku nyigisho ya Bibiliya canke kw’ikoraniro ry’ishengero, ivyiyumviro nyamukuru ukeneye gushimikako ni ibihe? Raba inyishu z’ibibazo vy’ukwiga vyanditse bwa vyiyumviro nyamukuru. Nushimike kandi ku vyiyumviro bifitaniye isano n’udutwe twanditse mu ndome zivyibushe, tumwe usanga musi yatwo haba handitswe nya mayagwa.

Si vyiza kuza turakoresha insiguro zisomwa ngo abe ari zo zitangwa mw’ishengero. Ariko rero rimwe na rimwe, insiguro zisomwa ziratangwa ngo zishikirizwe kw’ihwaniro kugira ngo ivyiyumviro bimwe bishikirizwe mu buryo bumwe ku mahwaniro yose. Kugira ngo umushikirizansiguro aze arashimika ku vyiyumviro nyamukuru muri mwene iyo nsiguro isomwa, ategerezwa kubanza gusuzuma nya mayagwa yitonze. Mbega ivyiyumviro nyamukuru ni ibihe? Ivyo akwiye kubibona. Ivyiyumviro bikurubikuru si ivyiyumviro gusa we yibaza ko bishimishije. Ni ivyiyumviro nyamukuru nya mayagwa ubwayo yubakiyeko. Rimwe na rimwe kuvuga mu buryo burashe iciyumviro co mu nsiguro isomwa birinjiza inkuru yiganwa canke iciyumviro gishikirizwa. Kenshi na kenshi, haravugwa ibintu bikomeye iyo ikimenyamenya kibishigikira gihejeje gutangwa. Igihe ivyo vyiyumviro nyamukuru bimaze kugenekerezwa, umushikirizansiguro akwiye gushira utumenyetso mu nsiguro yiwe isomwa. Mu bisanzwe haba harimwo ivyiyumviro bikeyi, kumbure ugasanga ntibinarenga bine canke bitanu. Mu nyuma, akenera kwimenyereza gusoma mu buryo abumviriza bashobora guca bamenya ivyo ari vyo. Ivyo ni vyo vyiyumviro bikurubikuru vy’insiguro. Mu gihe amayagwa ashikirijwe harimwo n’ugushimika mu buryo bubereye, ivyiyumviro nyamukuru bisa n’ibiheza bikoroha kwibuka. Ico ni co gikwiye kuba ihangiro ry’umushikirizansiguro.

Hariho uburyo bunyuranye umushikirizansiguro akoresha mu gushiramwo ugushimika gukenewe, kugira ngo afashe abumviriza kumenya ivyiyumviro nyamukuru ivyo ari vyo. Bukeyi gusa muri bwo ni ubu: yoshobora kwongereza ubushwashwanutsi, agasoma yitonze, agashiramwo inyiyumvo igera ibwina, canke ibimenyetso vy’umubiri bibereye.

IBINTU VYO KWAMIZA MU MUZIRIKANYI

  • Nusuzume amayagwa yanditswe kugira ngo umenye ivyiyumviro nyamukuru yubakiweko ivyo ari vyo. Nubishireko utumenyetso.

  • Igihe usoma n’ijwi ryumvikana, nukoreshe ubushwashwanutsi bwinshi, usome witonze, canke ukoreshe inyiyumvo igera ibwina igihe bibereye, kugira ngo utume ivyo vyiyumviro nyamukuru vyibonekeza.

UMWIMENYEREZO: Nurobanure ingingo zitanu zo mu kiganiro c’Umunara w’Inderetsi kigenewe kwigwa. Nuce uturongo ku nyishu z’ibibazo vyabajijwe kuri izo ngingo. Nusome nya ngingo n’ijwi ryumvikana mu buryo uwumviriza yoroherwa gutora inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika