ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 34 rup. 202-rup. 205 ing. 4
  • Ibiyago Vyubaka Kandi Vyeza Umutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiyago Vyubaka Kandi Vyeza Umutima
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Imvugo iremesha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Woba ugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 34 rup. 202-rup. 205 ing. 4

ICIGWA CA 34

Ibiyago Vyubaka Kandi Vyeza Umutima

Ni ibiki ukeneye kugira?

Aho kumara umwanya muremure ku bintu bica intege, nuvuge ibiryohora uko ibintu vyifashe canke bitanga icizigiro.

Ni Kuki Bihambaye?

Abantu barananijwe n’isi itagiramwo urukundo. Benshi barifitiye ingorane zikomeye. Igihe ubutumwa bwa Bibiliya bushikirijwe mu buryo bubereye, buratuma abantu b’imitima nziraburyarya basigara babona ibintu mu buryo bweza umutima.

UBUTUMWA twashinzwe kwamamaza ni inkuru nziza. Yezu yavuze ati: ‘Inkuru nziza ikwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose.’ (Mrk. 13:10) Yezu ubwiwe yaratanze akarorero mu gutangaza ‘inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.’ (Luka 4:43) Ivyo intumwa zamamaje na vyo nyene bidondorwa ko vyari ‘inkuru nziza y’Imana’ be n’‘inkuru nziza ya Kirisitu.’ (1 Tes. 2:2; 2 Kor. 2:12) Mwene ubwo butumwa burubaka kandi bukaremesha.

Duhuje n’itangazwa ry’‘inkuru nziza itazoshira’ rigirwa n’“umumarayika . . . aguruka yātiriye ijuru,” turahimiriza abantu duti: “Mwubahe Imana, muyihimbaze.” (Ivyah. 14:6, 7) Turabwira abantu aho bari hose ivyerekeye Imana y’ukuri, izina ryayo, kamere zayo z’igitangaza, ibikorwa vyayo vy’akaroruhore, umugambi wayo wuzuye urukundo, ico tubazwa kuri yo, hamwe n’ivyo idusaba. Nya nkuru nziza irimwo n’ivy’uko Yehova Imana azosangangura ababisha bamusiga iceyi maze bakononera ubuzima abandi bantu. Mugabo si twebwe ducira urubanza abo tubwira iyo nkuru nziza. Icipfuzo gikomeye dufise ni uko abantu benshi bashoboka bokwakira neza ubutumwa bwo muri Bibiliya kugira ngo bubabere vy’ukuri inkuru nziza.—Imig. 2:20-22; Yoh. 5:22.

Nugabanye Amayagwa Aca Intege. Birumvikana yuko hariho ibintu bica intege mu buzima. Ntitubirenzako uruho rw’amazi. Mu gutangura ikiyago, ushobora kuvuga ingorane iri mu bwenge bw’ababa mu cibare cawe maze ukayica ku masonga. Mugabo kenshi usanga ata kamaro kanini karimwo mu kuyihagararako umwanya muremure. Abantu bama bumva amakuru aca ivutu, ari co gituma kuvuga ivyerekeye ibintu bidahimbaye bishobora gutuma batakwakira canke ntibagutege amatwi. Mugutangura ikiyago, niwihatire kwerekeza ivyiyumviro ku kuri kuruhura kwo mw’Ijambo ry’Imana. (Ivyah. 22:17) Maze, naho nyene uwo muntu yoba adashaka ko mubandanya ikiyago, uzoba wamusigiye ikintu cubaka co kwiyumvirako. Ivyo bishobora gutuma yumva ashaka kuzogutega amatwi ikindi gihe.

Muri ubwo buryo nyene, mu gihe usabwe gushikiriza insiguro, nturemereze abakwumviriza n’amakuru aca intege kubera gusa yuko ari yo menshi. Mu gihe umushikirizansiguro ahagarara cane ku kuba abatware b’abantu barananiwe, ku makuru y’ubugizi bwa nabi n’ubukazi, hamwe no ku kuba ubushegabo bw’agaterasoni bwarabaye ndanse, birashobora gutuma haba ugucika intege. Ibintu bitaremesha vyo mu kiganiro nubivuge mu gihe gusa bifise intumbero ngirakamaro. Mwene ayo mayagwa abaye make bishobora gushimika ku kuntu insiguro ushikirije ije hageze. Bishobora no kugenekereza imice nyamukuru yoterera agacumu k’ubumwe ku kuntu ibintu vyifashe maze rero bigakoreshwa kugira ngo vyerekane igituma umuti uri muri Bibiliya ari kirumara. Aho bishoboka, nutomore ibintu utarinze kumara umwanya muremure ku ngorane.

Mu bisanzwe ntibishoboka gukura mu nsiguro amayagwa yose avuga ibintu bidahimbaye, bisubiye si vyiza. Urugamba rurimwo, ni ugushikiriza amayagwa aremesha be n’ayadahimbaye ku buryo afatiwe hamwe avamwo ikintu cubaka. Kugira ngo ivyo ubishikeko, utegerezwa kumenya ivyo ushiramwo, ivyo ukuramwo, be n’aho ushimika. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarakebuye abamwumviriza kwirinda uburyo bwo kwikunda bw’abanyabwenge b’ivyagezwe n’Abafarizayo, maze atanga uturorero dukeyi two kwerekana ico ciyumviro. (Mat. 6:1, 2, 5, 16) Ariko rero, aho kumara umwanya ku turorero tubi tw’izo ndongozi z’amadini, Yezu yashimitse ku gutahura inzira z’ukuri z’Imana no kuzikurikiza mu buzima. (Mat. 6:3, 4, 6-15, 17-34) Ingaruka yabaye nziza agatangaza.

Imvugo Yawe Igume Ari Iyubaka. Nimba bagushinze gushikiriza insiguro mw’ishengero iwanyu ku vyerekeye umuce munaka w’igikorwa ca gikirisu, niwihatire kuba uwubaka aho kuba uwunegura. Uraraba neza yuko usanzwe ushira mu ngiro ivyo uriko uraremesha abandi kugira. (Rom. 2:21, 22; Heb. 13:7) Nureke urukundo rube ari rwo rwosha ivyo uvuga, ntivyoshwe n’ishavu. (2 Kor. 2:4) Nimba wizigiye yuko abo musangiye ukwemera bashaka guhimbara Yehova, ivyo uvuga bizogaragaza ukwo kwizigira, kandi ivyo bizogira ingaruka nziza. Raba ingene intumwa Paulo yagaragaje ukwo kwizigira, nk’uko vyanditse mu 1 Ab’i Tesalonike 4:1-12; 2 Ab’i Tesalonike 3:4, 5; na Filemoni 4, 8-14, 21.

Rimwe na rimwe birakenerwa yuko abakurambere bagabisha ishengero ku nyigenzo itaranga ubukerebutsi. Mugabo ukwicisha bugufi kuzobafasha guhanura abavukanyi babo mu bugwaneza. (Gal. 6:1) Uburyo ibintu bivugwa bukwiye kwerekana yuko abo mw’ishengero bafatanwa icubahiro. (1 Pet. 5:2, 3) Bibiliya ihanura abasore canecane ngo ivyo babimenye. (1 Tim. 4:12; 5:1, 2; 1 Pet. 5:5) Igihe bikenewe gukangira, gutanga igihano, kugorora ibintu, ivyo bikwiye kugirwa hishimikijwe ivyo Bibiliya ubwayo ivuga. (2 Tim. 3:16) Icanditswe ntigikwiye kwigera na rimwe gikoreshwa ku nguvu canke ngo kigorekwe kugira gishigikire iciyumviro kinaka umushikirizansiguro ashobora kuba afiseko inyiyumvo zikomeye. No mu gihe nyene impanuro zo gukosora ibintu zoba zikenewe, ijwi rikoreshwa mu nsiguro rishobora kugumizwa ari iryubaka nimba hashimikwa canecane ku buryo bwo kwirinda kugira uruhara mu kibi, ku buryo bwo gutorera umuti ibibazo, kurengera ingorane, gukosora ingendo mbi, be no ku kuntu ivyo Yehova adusaba biturinda.—Zab. 119:1, 9-16.

Igihe utegura insiguro yawe, niwitwararike bimwe bidasanzwe ukuntu uzosozera iciyumviro nyamukuru cose be n’ukuntu uzosozera insiguro yawe yose. Ivyo uvuga ubwa nyuma ni vyo kenshi vyibukwa igihe kirekire. Vyoba bizoba ari ivyubaka?

Igihe Uyaga n’Abo Musangiye Ukwemera. Abasuku ba Yehova barashima uturyo tw’ukuba bari kumwe ku makoraniro ya gikirisu. Ivyo ni ibihe vy’induhuro yo mu vy’impwemu. Bibiliya iduhimiriza kwamiza mu muzirikanyi ivyo “[ku]remeshanya” igihe dukoraniye mu bibanza dusengeramwo. (Heb. 10:25, UB) Ivyo ntibigirwa gusa biciye ku nsiguro no ku nsasanuro mu kiringo c’amakoraniro, ahubwo bigirwa kandi biciye ku biyago vy’imbere n’inyuma y’amakoraniro.

Naho ari ibisanzwe yuko ibiyago vyacu biba vyerekeye ubuzima bwacu bwa misi yose, indemesho ihambaye kuruta ni iyiva mu kuganira ibintu vyo mu vy’impwemu. Muri ivyo harimwo ivyabonywe twinovoye mu murimo mweranda. Kwerekana ukwitwararikana kuvuye ku mutima na vyo nyene birubaka.

Kubera akosho k’isi idukikije, ukwiyubara kurakenewe. Igihe Paulo yandikira Abakirisu bo muri Efeso yavuze ati: “Mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we.” (Ef. 4:25) Kuvuga ivy’ukuri aho kuvuga ibinyoma ntiharimwo uguhayagiza ibintu be n’abantu isi ifata bwa bigirwamana. Yezu na we nyene yaragabishije abantu ku vy’“uruhendo rw’ubutunzi.” (Mat. 13:22) Rero igihe turiko turaganira, birakenewe ko twiyubara ntidukorereze urwo ruhendo biciye mu guhayagiza amatungo y’ivy’umubiri.—1 Tim. 6:9, 10.

Igihe intumwa Paulo atanga impanuro ku vy’uko bikenewe kuvuga ivyubaka, aduhimiriza kudacira urubanza canke ngo dushire hasi umuvukanyi yoshobora kwanka kugira ibintu binaka kubera “[a]dakomeye mu vyizerwa,” ni ukuvuga kubera ko adatahura neza umwidegemvyo wa gikirisu. Kukaba nkako, kugira ngo ikiyago cacu cubake abandi, dutegerezwa kutirengagiza kahise kabo be n’aho bageze mu gukura mu vy’impwemu. Ese ukuntu vyoba bibabaje umuntu “ashi[ze] igitsitaza cank’ikigwisha imbere ya mwene Se”!—Rom. 14:1-4, 13, 19.

Abanyinyana n’ingorane zibaraba zikomeye, nk’akarorero indwara idakira, barashima ikiyago cubaka. Umuntu nk’uwo ashobora kuba agira akigoro kanini kugira ngo yitabe amakoraniro. Abazi uko ivyiwe vyifashe nta gukeka bomubaza bati: “Wumva umerewe gute?” Nta mazinda yuko azokenguruka ukuntu bamubabaye. Ariko rero, ukuntu amagara yiwe yifashe kwoshobora kuba atari co kintu abona yuko kiremesha kuruta co kuganirako. Amajambo yo kumukengurukira no kumukeza yoshobora gufasha cane kugira ngo umutima wiwe ureme. Woba ubona ivyerekana yuko abandanya gukunda Yehova no kwihangana mu bihe bigoye? Woba wumva uremeshejwe igihe atanze insasanuro? Vyoba vyoshobora kurushiriza kuba kiremesha uvuze aho akomeye be n’ivyo afashamwo ishengero aho kuvuga ubugoyagoye bwiwe?—1 Tes. 5:11.

Kugira ngo ikiyago cacu kibe icubaka, birahambaye canecane kutirengagiza ukuntu Yehova abona ibiriko biraganirwa. Muri Isirayeli ya kera, abavuze nabi abaserukira Yehova kandi bakidodomba ku vyerekeye Imana, Yehova yaraberetse bimwe bikomeye ko bamusesemye. (Guh. 12:1-16; 21:5, 6) Turagaragaza ko twungukiye kuri utwo turorero mu gihe tugirira icubahiro abakurambere tukongera tukagaragaza ko dukenguruka imfungurwa z’ivy’impwemu zitangwa biciye ku mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.—1 Tim. 5:17.

Kuronka ibintu vy’ingirakamaro vyo kuyaga igihe turi kumwe n’abavukanyi bacu b’Abakirisu ntibikunda kugorana. Ariko rero, mu gihe hari umuntu avuga amajambo yo kunebagura arenze urugero, niwibwirize kwerekeza ikiyago mu nzira yubaka.

Twaba turiko dushinga intahe ku bandi, tuvugira ku mukiruruko canke tukaba turiko tuganira n’abo dusangiye ukwemera, ese twokoresha ukwiyubara kugira ngo mu butunzi bwo mu mitima dusokororemwo “ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa”!—Ef. 4:29.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Niwamize mu muzirikanyi yuko twashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.

  • Nube uwubaka, aho kuba uwunegura.

  • Nutsimbataze ukubona neza abo uvugisha.

  • Mu kuyaga, rimbura ico ivyo uvuga bishobora gukora kuri uwo wundi muntu.

UMWIMENYEREZO: Nugendere umuntu w’ikimuga canke adashobora kuva i muhira. Nutanguze ikiyago cubaka. Nuvugane ikibabarwe, mugabo ivyo uvuga bigume ari ivyeza umutima. Niwitegure imbere y’igihe kugira ngo ivyo ubishikeko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika