ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 51 rup. 263-rup. 264 ing. 4
  • Kugera Umwanya Neza, Kuwugabura Neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugera Umwanya Neza, Kuwugabura Neza
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushikiriza Insiguro Ataho Uyisoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 51 rup. 263-rup. 264 ing. 4

ICIGWA CA 51

Kugera Umwanya Neza, Kuwugabura Neza

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nushikirize insiguro yawe mu mwanya watanzwe, kandi ukoreshe neza ibihimba vy’umwanya wawe ku gice kimwekimwe cose c’iyo nsiguro.

Ni Kuki Bihambaye?

Birakenewe ko imwimwe yose mu ngingo nkurunkuru z’inyigisho ihabwa umwanya uhagije. Birahambaye kurangiza ikoraniro ku gihe.

NAHO ukwiye gushimika canecane ku bwiza bw’inyigisho utanga, umwanya insiguro yawe imara na wo nyene urakwiriye kuwitwararika. Amakoraniro yacu arategekanijwe ku buryo atangura kandi agahera ku gihe kizwi. Ivyo kubishikako bisaba ukuyoboka kw’umuntu wese afise ikigabu kuri porogarama.

Mu bihe vya Bibiliya, ukuntu abantu babona ubuzima kwari gutandukanye n’ukuntu babubona mu mihingo myinshi muri iki gihe. Isaha yavugwa mu buryo bwo kugereranya, akarorero ngo “nko kw isaha zitatu” canke ngo “nk’isaha cumi.” (Mat. 20:3-6; Yoh. 1:39) Ni gake wasanga hari icatuma abantu barazwa ishinga n’ivyerekeye umwanya wagenewe ibikorwa vya misi yose. Mu mihingo imwimwe y’isi muri iki gihe, usanga umwanya ubonwa nk’ukwo nyene.

Ariko rero, naho nyene imigenzo y’aho abantu babaye canke ivyo bakunda bishobora gutuma basa n’abadahagarika umutima cane ku vyerekeye umwanya, turashobora kuronka akunguko mu kwiga kwitwararika umwanya mu buryo bubereye. Igihe abantu benshi bashinzwe ibigabu kuri porogarama, barakwiriye kwubahiriza umwanya wagenewe igihimba kimwekimwe cose. Ya ngingo ngenderwako ivuga ngo “vyose bitungane neza, birorane” irashobora gukora ku mwanya ugenerwa ibikebere dushingwa ku makoraniro.—1 Kor. 14:40.

Kwubahiriza Neza Umwanya. Ukwitegura ni rwo rufunguruzo rwo kubishitsa. Akenshi, abashikirizansiguro bagira ingorane y’umwanya usanga baba batiteguye bihagije. Hari aho biyizigira bakarenza urugero. Canke hari n’aho baza barabishira ku wundi musi, bakazoja gutegura ku munuta wa nyuma. Kwubahiriza umwanya watanzwe bitangurira ku guha agaciro ikigabu washinzwe be no ku kugira umutima ukunze wo kwitegura neza.

Mbega woba washinzwe ugusomera abantu? Nubanze wihweze Icigwa ca 4 gushika ku c’7 vyerekeye ukuvuga worohewe, ukuruhuka, ugushimika kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona, be n’ugushimika ku vyiyumviro nyamukuru. Nuheze ukurikize izo mpanuro igihe usoma n’ijwi ryumvikana amayagwa washinzwe. Niwisuzume ku mwanya ukoresha. Woba ukeneye kurushiriza gusoma wihuta kugira ngo ukoreshe umwanya watanzwe? Niwongereze ingendo ku bihimba bidahambaye cane, mugabo ubandanye gukoresha akaruhuko, hanyuma ugabanye ingendo kugira ngo ushimike ku vyiyumviro bihambaye. Niwimenyereze incuro nyinshi. Uko uryohora mu gusoma worohewe, bizorushiriza kukworohera guhuza neza n’umwanya ukoresha.

Woba uzoba uriko ushikiriza insiguro ukoresheje utwo wanditse? Si ngombwa ngo wandike ibintu vyinshi nk’aho umengo ni ya nsiguro isomwa, kugira ngo umenye neza ko utaja kurenza umwanya. Igihe wariko ukorera ku Cigwa ca 25, waramenye uburyo bwiza kuruta. Uramiza mu muzirikanyi izi ngingo zitanu: (1) Tegura amayagwa meza, mugabo ntutegure menshi kurenza urugero. (2) Nushire ivyiyumviro nyamukuru mu muzirikanyi mu buryo butomoye, ariko ntufate ku mutwe amungane uko yakabaye. (3) Nushire ku rucacagu rwawe uko umwanya utegekanya gukoresha ku gihimba kimwekimwe cose c’insiguro yawe ungana, canke uhashire umwanya uzoba uhaciye niwashikira ingingo zinaka. (4) Igihe uriko utegura, rimbura ibintu woshobora gukuramwo mu gihe usanze ugiye kurenza umwanya. (5) Niwimenyereze insiguro yawe.

Gusubiramwo birahambaye. Uko usubiramwo, nurabe umwanya ukoresha ku gihimba kimwekimwe cose c’insiguro yawe. Subiramwo insiguro yawe incuro nyinshi gushika yose uko ingana ihuye n’umwanya watanzwe. Ntugerageze kuza urashiramwo amayagwa menshi. Za urasigaza akanya, kubera yuko gushikiriza insiguro imbere y’abantu benshi bishobora gutwara umwanya muremure kuruta igihe wimenyereza uri ukwa wenyene.

Kurimbanya Ibihimba vy’Insiguro. Kuguma ku mwanya watanzwe birafitaniye isano cane n’ukurimbanya ibihimba vy’insiguro. Mwinshi mu mwanya insiguro imara ukwiye guheberwa umutumba wayo. Aho ni ho dusanga ingingo nkurunkuru z’inyigisho. Intangamarara ikwiye kuba iy’uburebure ikwiriye gusa, kugira ngo ishitse za ntumbero zitatu dusanga mu Cigwa ca 38. Umutumba w’insiguro ntukwiye kuba muremure rwose ku buryo hataboneka umwanya uhagije w’insozero ishika ku nyota, twisunze Icigwa ca 39.

Utwigoro ugira two kuguma ku mwanya watanzwe tuzotuma insiguro iba nziza kurushiriza, kandi tuzokwerekana ko wubaha abandi bafise ibigabu kuri porogarama be n’uko wubaha ishengero ryose uko ringana.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Nutegure neza kandi utegure hakiri kare bihagije.

  • Igice kimwekimwe cose c’insiguro yawe nukigenere umwanya ubereye, hanyuma uvyubahirize.

  • Nusubiremwo insiguro yawe.

UMWIMENYEREZO: Nuteganye gushika ku makoraniro y’ishengero hasigaye iminuta iri hagati ya 15 na 20 imbere y’uko atangura, mu kwigenera umwanya wewe n’umuryango wawe mukeneye kugira ngo mwitegure. Shiramwo umwanya w’urugendo. Rimbura ingene wotorera umuti ingorane zikunda gushika zoshobora gutuma mucererwa. Gerageze kenshi kurangura uwo mugambi wanyu, muhindure ibikenewe guhindurwa. Ingingo ngenderwako nk’izo nyene ni zo zikora n’igihe utanga insiguro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika