ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-25 rup. 2-6
  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?
  • Woba ufise umutima w’ubwenge udapfa?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impwemu Ni Iki?
  • “Umukungugu Ni Wo Uzosubiramwo”
  • Umushaha “Usubira ku Mana” Gute?
  • Icizigiro Kidakekeranywa
  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Imizimu Si Ibintu Vyabaye kw Isi Canke Vyahapfiriye
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
Ibindi
Woba ufise umutima w’ubwenge udapfa?
T-25 rup. 2-6

Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?

HOBA hariho ubuzima inyuma yo gupfa? Haheze imyaka ibihumbi bitari bike ico kibazo kizazanira abantu. Mu myaka n’iyindi, abantu bo mu mihingo yose barazirikanye kuri ico kintu maze basanga abantu babifiseko ukwemera gutandukanye.

Kw’isi nzima, tutibagiye uturere two muri Pasifike ahitwa Polineziya, Melaneziya be na Mikoroneziya, abantu benshi bemera yuko hariho “impwemu,” umutima w’ubwenge canke umushaha bibandanya kubaho iyo umuntu apfuye. Mbega hoba hariho ikintu kiri imbere mu muntu coba vy’ukuri kiva mu mubiri maze kikabandanya kubaho igihe apfuye? Impwemu iba mu muntu muzima ni iki? Biyigendera gute iyo dupfuye? Ijambo ryahumetswe ry’Imana ari ryo Bibiliya, riratanga inyishu zizigirwa kandi zimara akanyota kuri ivyo bibazo.

Impwemu Ni Iki?

Muri Bibiliya amajambo yahinduwe ngo “impwemu” asigura canecane “impemu.” Mugabo ivyo birimwo vyinshi atari gusa igikorwa co guhema. Nk’akarorero, umwanditsi wa Bibiliya Yakobo avuga ati: “Umubiri utarimw’impwemu uba upfuye.” (Yakobo 2:26) Impwemu rero ni kirya gituma umubiri ukora.

Iyo nguvu ikoresha umuntu ntishobora gusa kuba ari impemu zinyuragira mu mahaha. Kubera iki? Kubera yuko umuntu aretse guhema, ubuzima buguma mu tugingo ngengabuzima igihe gitoya, nk’ “iminuta itari mike,” nk’uko igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kibivuga. Kubera iyo mvo, utwigoro two guhembura umuntu turashobora kuroranirwa, kandi ibihimba bigize umubiri birashobora gukurwa mu muntu umwe bikimurirwa mu wundi. Mugabo igihe agasase k’ubuzima kazimye mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri, utwigoro twose two kugarura ubuzima tuba impfagusa. Impemu zose ziri kw’isi ntizishobora mbere guhembura akagingo ngengabuzima na kamwe. Rero, impwemu ni inguvu y’ubuzima itaboneka, ni ukuvuga agasase k’ubuzima, ituma utwo duhimba ngengabuzima tuguma ari tuzima. Iyo nguvu y’ubuzima ishigikiwe n’uguhema.—Yobu 34:14, 15.

Mbega iyo mpwemu yoba ikorera mu bantu gusa? Bibiliya iradufasha gushika ku ciyumviro c’ukuri kuri ivyo. Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo ni nde yomenya ko zidūga? Cank’impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?” (Umusiguzi 3:21) Rero ibikoko, cokimwe n’abantu, bivugwa yuko bifise impwemu. None ivyo bishoboka gute?

Impwemu, ari yo nguvu y’ubuzima, yoshobora kugereranywa n’umuyagankuba unyuragira mu mashini canke mu cuma gikoreshwa na wo. Uwo muyagankuba utaboneka ushobora gukoreshwa kugira ukore ibintu bitandukanye, bivuye ku bwoko bw’igikoresho uha inguvu. Nk’akarorero, ishiga ry’ikizungu rirashobora gukorwa kugira ngo ritange ubushuhe, icuma c’intasobwa citwa orodinateri kigakorwa ngo hihwezwe ibintu no kugira gikore ibiharuro, na televiziyo igahingurwa kugira ngo yerekane amashusho isohore n’amajwi. Yamara, uwo muyagankuba ntiwigera ufata akaranga k’igikoresho ukoresha. Uguma gusa ari inguvu. Muri ubwo buryo nyene, iyo nguvu y’ubuzima ntifata namba akaranga k’ibiremwa ikoresha. Nta kamere ifise, nta bubasha bwo kwiyumvira ifise. Abantu n’ibikoko “bihumeka kumwe.” (Umusiguzi 3:19) Ku bw’ivyo, iyo umuntu apfuye impwemu yiwe ntibandanya kubaho mu kandi karere ari ikiremwa c’impwemu.

None, abapfuye bamerewe gute? Kandi bigendera gute nya mpwemu iyo umuntu apfuye?

“Umukungugu Ni Wo Uzosubiramwo”

Igihe umuntu wa mbere Adamu yagambararira ibwirizwa ry’Imana n’ibigirankana, Yehova yamubwiye ati: “Kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) None Adamu yari hehe imbere yuko Imana imurema mu mukungugu? Emwe nta na hamwe yari! Muri make ntiyariho. Igihe rero Yehova yavuga yuko Adamu ‘yosubiye mw’ivu,’ yashaka kuvuga yuko Adamu yopfuye. Adamu ntiyokwimuriwe mu karere k’impwemu. Apfuye yociye asubira gucika uwutagira ubuzima, uwutariho. Igihano ciwe kwari ugupfa, canke ukutabaho. Ntikwobaye ukwimurirwa mu kandi karere.—Abaroma 6:23.

Twovuga iki ku vyerekeye abandi bantu bapfuye? Uko abapfuye bamerewe kuragaragazwa neza mu Musiguzi 9:5, 10 aho dusoma ngo: “Abapfuye nta co baba bakizi . . . [N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu.” Urupfu rero ni imero y’ukutabaho. Umwanditsi wa Zaburi yanditse yuko iyo umuntu apfuye, “impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”—Zaburi 146:4.

Biratomoye rero yuko abapfuye ata co bumva, yuko ata co bakora. Nta na kimwe bazi. Ntibashobora kukubona, kukwumva, canke kukuvugisha. Ntibashobora kugufasha canke ngo bagutere. Vy’ukuri, ntibikenewe ko utinya abapfuye. Ariko umuntu impwemu “zimuvamwo” gute iyo apfuye?

Umushaha “Usubira ku Mana” Gute?

Bibiliya ivuga yuko iyo umuntu apfuye, “umushaha usubira ku Mana yawutanze.” (Umusiguzi 12:7) Ivyo vyoba bisigura yuko impwemu iri ukwayo igenda nya kugenda mu kirere igashika aho Imana iri? Haba n’intete! Uburyo Bibiliya ikoreshamwo iyo mvugo ngo “usubira,” ntibusaba kugenda nya kugenda uva ahantu hamwe ukaja ahandi. Nk’akarorero, Abisirayeli b’ibihemu babwiwe bati: “Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, nik’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” (Malaki 3:7) ‘Ukugaruka’ kwa Isirayeli kuri Yehova vyasigura guhindukira bakava mu ngendo mbi maze bagasubira guhuza n’inzira ya Yehova igororotse. ‘Ukugaruka’ kwa Yehova kuri Isirayeli kwasigura ko yosubiye kwitwararika abasavyi biwe. Muri ivyo bihe vyompi ‘guhindukira’ vyarimwo inyifato, ntikwari ukugenda nya kugenda bava mu karere kanaka ngo baje mu kandi.

Mu buryo nk’ubwo, iyo umuntu apfuye nta kugenda nya kugenda kuhaba ava kw’isi aja mu karere ko mw’ijuru igihe impwemu ‘isubira’ ku Mana. Uribuka yuko impwemu ari inguvu y’ubuzima. Igihe iyo nguvu ivuye mu muntu, Imana yonyene ni yo ifise ububasha bwo kuyimusubiza. Impwemu rero “[i]subira ku Mana” mu buryo bw’uko kuri nya muntu, icizigiro ico ari co cose co kuzosubira kubaho muri kazoza, kiba gihagaze ku Mana yonyene.

Nk’akarorero, rimbura ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye urupfu rwa Yezu. Luka umwanditsi w’Injili, yigana ati: “Yezu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“impwemu yanje,” NW]. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.” (Luka 23:46) Aho impwemu ya Yezu imuviriyemwo, ntiyaciye ifata inzira ija mw’ijuru. Yezu ntiyazuwe mu bapfuye imbere y’umusi ugira gatatu. Kandi hari hagisigaye iyindi misi 40 imbere y’uko aduga mw’ijuru. (Ivyakozwe 1:3, 9) Ariko rero, igihe Yezu yapfa, yarashize impwemu yiwe mu maboko ya Se abigiranye ukwizigira, akaba yari yizigiye bimwe bishitse ububasha Yehova afise bwo kumusubiza muzima.

Egome, Imana yonyene ni yo ishobora gusubiza umuntu muzima. (Zaburi 104:30) Ese ukuntu ivyo biduha ivyizigiro bihambaye!

Icizigiro Kidakekeranywa

Bibiliya ivuga iti: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi [rya Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Egome, Yezu Kirisitu yaratanze umuhango w’uko abo bose Yehova yibuka bazozurwa, ari kwo gusubizwa bazima. Aho kwumva amatangazo y’ukubika ateye intuntu, tuzokwumva amaraporo ateye umunezero avuga ivy’abantu basubijwe bazima. Ese ukuntu kazoba ari akanyamuneza kenshi kwakira abacu bavuye mu mva!

Woshima kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu ushobora kwungukira kuri ico cizigiro Imana itanga? Tugusavye kutwandikira ukoresheje aderese iri aho hepfo, kugira ngo uronke ikopi y’agatabu kitwa Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?

Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera. NW bisobanura New World Translation of the Holy Scriptures​—⁠With References.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika