ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 19 rup. 102-106
  • Kurwana vyoba ari vyiza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurwana vyoba ari vyiza?
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Intambara y’Ugukora Ibigororotse
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Biswe “Abana b’Umuturagaro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Woba wama ushaka kuba uw’imbere?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Rwana Intambara Nziza yo Kwizera”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 19 rup. 102-106

Ikigabane ca 19

Kurwana vyoba ari vyiza?

WOBA uzi abahungu canke abakobwa biyemera canke bibona ubugabo?— Woba ushima kugumana na bo? Canke woshima kugumana n’umuntu afise umutima mwiza kandi ashaka amahoro?— Wa Mwigisha Ahambaye yavuze ati: “Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana”.—Matayo 5:9, UB.

Mugabo rimwe na rimwe abandi bantu baragira ibintu bidushavuza. Si ko bimera none?— Twoshobora rero kwumva umenga twobihora. Umusi umwe ivyo vyarashikiye abigishwa ba Yezu igihe bari bafatanye urugendo na we baja i Yeruzalemu. Reka ndaguhe iyo nkuru.

Bamaze kugira urugendo rutari ruto, Yezu yarungitse bakeyi mu bigishwa biwe ngo babe baragenda mu mihana y’i Samariya kurondera ahantu boruhukira. Mugabo abantu baho ntibashaka ko bahaguma, kubera yuko Abasamariya bari bafise iyindi dini. Kandi ntibakunda umuntu n’umwe aja mu gisagara c’i Yeruzalemu gusenga.

Ni igiki Yakobo na Yohani bashaka gukora kugira ngo bihore Abasamariya?

Iyo biza kuba ari wewe vyashikiye, wari gukora iki? Woba wari guca ushavura? Woba wari guca ushaka kubihora?— Ivyo ni vyo abigishwa Yakobo na Yohani bashatse kugira. Babwiye Yezu bati: ‘Ugomba ko tubarira umuriro ngo utibuke uve mw’ijuru, ubayigize?’. Ntibitangaje kuba Yezu yabise Abana b’Inkuba! Mugabo Yezu yababwiye yuko atari vyiza gufata abandi bantu gutyo.—Luka 9:51-56; Mariko 3:17.

Ni ivy’ukuri yuko rimwe na rimwe abantu bashobora kugira ikintu kitumaramaza. Vyoshika abandi bana bakanka ko dukinana mu dukino twabo. Boshobora no kuvuga bati: “Ntitugushaka ngaha”. Igihe habaye ikintu gisa n’ico, vyoshobora gutuma twumva tubabaye, si ko? Twoshobora kwumva dushaka kugira ico twokora kugira ngo tubihore. Ariko twoba dukwiye kubihora?—

Niwakire Bibiliya yawe. Reka tuje mu Migani ikigabane ca 24, umurongo wa 29. Raba ivyo tuhasoma: “Ntukavuge, uti Nzomusubiriza mu nkōko; nzokwishura uyo muntu ibihwanye n’ivyo yakoze”.

None ivyo bisigura iki kuri wewe?— Bishaka kuvuga yuko tudakwiye kugerageza kwihora. Ntidukwiye kumaramaza umuntu ngo ni uko natwe yatumaramaje. Mugabo bite mu gihe umuntu agusomborokeje ngo murwane? Hari aho yogerageza kugushavuza mu kuguhamagara amazina yo kukubabaza. Yoshobora kugutwenga akavuga yuko utinye. Dufate yuko akwise umunyabwoba. Ukwiye gukora iki? Woba ukwiye guca umwahuka mukarwana?—

Reka dusubire turabe ico Bibiliya ivuga. Zingurura muri Matayo ikigabane ca 5, umurongo wa 39. Ngaho Yezu avuga ati: “Ntimurwanye umunyakibi: [uwu]gukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi”. Wibaza ko ngaho Yezu yashaka kuvuga iki? Yoba yashaka kuvuga yuko iyo umuntu agukubise ingumu kw’itama rimwe ukwiye kumureka ngo agukubite ku rindi tama?—

Oya, ico si co Yezu yashaka kuvuga na gato. Urushi si kimwe n’ingumu. Ahanini rusa n’ugusunura umuntu. Umuntu ashobora kudukubita urushi arondera kwandurutsa intambara. Aba ashaka ko dushavura. Kandi mu gihe dushavuye hanyuma tukamwegera canke na we tukamusunura, bica bigenda gute?— Kumbure tuzosanga tugiye kurwana.

Mugabo Yezu ntiyashaka ko abayoboke biwe baja mu vyo kurwana. Ni co gituma yavuze yuko mu gihe umuntu adukubise urushi tudakwiye kumusubiza. Ntidukwiye gushavura ngo tuje mu vyo kurwana. Tugiye mu vyo kurwana, tuba twerekanye yuko ata co turushije urya aba yandurukije intambara.

Mu gihe ingorane zitanguye, wibaza yuko ikintu ciza twogira ari igiki?— Ni ukuraba iyo tuba turigiriye. Nya muntu wundi hari aho yokwongera kugusunura. Mugabo hari aho bizoca bihera. Igihe uravye iyo uba urigiriye, ntivyerekana yuko wewe uba ugoyagoya. Bisigura yuko ukomeye mu vy’ugukora ibigororotse.

[Ifoto ku rup. 104]

Dukwiye gukora iki nimba hagize uwudusomborotsa ngo turwane?

Mugabo bite hoho mu gihe uretse ukaja mu vyo kurwana maze ukanesha? Ni ibiki vyohava bishika?— Uwo ukubise yoshobora kugaruka ari kumwe n’abagenzi biwe nka bangahe. Boshobora mbere kugukomeretsa n’urukoni runini canke imbugita. None, ubu woba utahuye igituma Yezu atashaka ko tuja mu vyo kurwana?—

Dukwiye gukora iki mu gihe tubonye abandi bantu bariko bararwana? Twoba dukwiye gushigikira umwe muri abo?— Bibiliya iratubwira ivyo twokora. Ja mu Migani ikigabane ca 26, umurongo wa 17. Havuga hati: ‘Uwihitira akaratswa n’intonganya z’ibitari ivyiwe ameze nk’uwufata imbwa ku matwi’.

[Ifoto ku rup. 105]

Ni gute ukwita mu vy’abandi bantu bariko bararwana bisa no gufata imbwa amatwi? Woshobora gukomereka. Ntukigere rero uvyitamwo!

Ni ibiki vyoshika mu gihe wofata imbwa amatwi? Vyobabaza nya mbwa, na yo ikakurya, si ko? Uko nya mbwa iguma igerageza kukwiyaka, ni ko woguma uyifata amatwi rwose, kandi nya mbwa yorushiriza gukara. Uyirekuye ngo igende na ho, hari aho yokugazura amenyo. Mugabo none woshobora guhagarara ngaho ukaguma uyifashe amatwi?—

Urabona, iyo ni yo ngorane yohaba twitaye mu vy’abandi bantu bariko bararwana. Hari aho twoba tutazi uwatanguje iyo ntambara canke igituma bariko bararwana. Hashobora kuba hariho umuntu ariko arakubitwa, mugabo kumbure hakaba hari ikintu yivye abantu. Turamutse tumufashije, twoba turiko turafasha umusuma. Ivyo ntivyoba ari vyiza, si ko?

None ukwiye kugira iki mu gihe ubonye abariko bararwana?— Nimba ari kw’ishure, ushobora kwirukanga ukabwira mwigisha. Nimba ari kure yo kw’ishure, ushobora guhamagara umwe mu bavyeyi bawe canke umupolisi. Emwe, no mu gihe abandi bantu bashaka kurwana, dukwiye kuba indemeshamahoro.

[Ifoto ku rup. 106]

Ni igiki ukwiye gukora mu gihe ubonye abariko bararwana?

Abigishwa b’ukuri ba Yezu barakora uko bashoboye kwose kugira ngo birinde kuja mu vyo kurwana. Muri ubwo buryo tuba twerekanye yuko dukomeye mu vy’ugukora ivyiza. Bibiliya ivuga yuko umwigishwa wa Yezu ‘adakwiye gutongana, ariko akwiye kugira ineza kuri bose’.—2 Timoteyo 2:24.

Ubu na ho reka turabe izindi mpanuro zizodufasha kwirinda kurwana: Abaroma 12:17-21 na 1 Petero 3:10, 11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika