Ikigabane ca 24
Ntukigere uba umusuma!
HOBA hari umuntu arigera akwiba ikintu?— Ivyo vyatumye wumva umerewe gute?— Uwacivye wese ni umusuma, kandi nta muntu n’umwe akunda umusuma. Wibaza ko umuntu acika umusuma gute? Umuntu yoba avuka ari umusuma?—
Duhejeje kwiga yuko abantu bavukana icaha. Twese rero turi abanyagasembwa. Mugabo, nta muntu n’umwe avuka ari umusuma. Umusuma arashobora kuba ava mu muryango wigenza neza. Abavyeyi biwe, benewabo na bashikiwe, bose bashobora kuba ari abantu b’abizigirwa. Mugabo, igihe umuntu yipfuza amahera n’ivyo ashobora kuyagura, vyoshobora gutuma acika umusuma.
Wiyumvira ko ari nde yatanguye kuba umusuma?— Reka tubizirikaneko. Igihe wa Mwigisha Ahambaye yari mw’ijuru, yari azi uwo muntu. Uyo musuma yari umumarayika. Mugabo, uwo mumarayika yacitse gute umusuma kandi Imana yari yaremye abamarayika bose batagira agasembwa?— Urabona, nk’uko twavyize mu Kigabane c’8 c’iki gitabu, uyo mumarayika yipfuje ikintu kitari iciwe. Woba wibuka ico kintu ico ari co?—
Imana imaze kurema umugabo n’umugore ba mbere, uwo mumarayika yashatse ko bamusenga. Nta burenganzira yari afise bw’uko bomusenga. Imana ni yo bategerezwa gusenga. Mugabo nya mumarayika yarivye uburenganzira bwo gusengwa! Uwo mumarayika, mu gukwegakwega Adamu na Eva ngo bamusenge, yaciye aba umusuma. Acika Shetani Mucokoranyi.
Ni igiki gituma umuntu aba umusuma?— Ukwipfuza ikintu kitari iciwe. Ico cipfuzo kirashobora kuba gikomeye cane ku buryo gishobora no gutuma n’abantu beza bakora ibintu bibi. Rimwe na rimwe abo bantu bacika abasuma ntibigera bigarura ngo bahindukire, maze basubire gukora ivyiza. Umwe muri bo yari intumwa ya Yezu. Yitwa Yuda Isikariyoti.
Yuda yari azi yuko kwiba ari bibi, kubera ko yari yarigishijwe Ivyagezwe vy’Imana kuva akiri agahungu gatoyi. Yari azi yuko igihe kimwe, Imana iri mw’ijuru yigeze mbere kubwira abasavyi bayo iti: “Ntukibe” (Kuvayo 20:15). Yuda amaze gukura, yarahuye na wa Mwigisha Ahambaye, maze acika umwe mu bigishwa biwe. Mu nyuma Yezu yaratoye mbere Yuda ngo abe umwe mu ntumwa ziwe 12.
Yezu n’intumwa ziwe barafatana ingendo. Barasangira. Ikindi kandi, amahera yose uwo mugwi waronka, yazigamwa mu gasandugu. Yezu ako gasandugu yagahaye Yuda ngo abe ari we akazigama. Urumva rero ko ayo mahera atari aya Yuda. Mugabo, woba uzi ico Yuda yakoze haciye igihe gito?—
Ni kubera iki Yuda yivye?
Yuda yaratanguye kuza arakira ku mahera yo muri ako gasandugu, kandi atari akwiye kuyakoramwo. Yayakira abandi batamubona, kandi akagerageza kurondera uburyo yokuramwo menshi. Yatanguye kuza ariyumvira amahera igihe cose. Reka turabe aho ico cipfuzo kibi camushikanye imisi mikeyi imbere y’uko wa Mwigisha Ahambaye yicwa.
Mariya, mushiki w’umugenzi wa Yezu yitwa Lazaro, yarakiriye amavuta y’igiciro kinini, maze ayasuka ku birenge vya Yezu. Mugabo, Yuda yaridodomvye. Woba uzi igituma?— Yavuze yuko yidodomvye kubera ko ayo mavuta yari akwiye kugurishwa, maze amahera avuyemwo agahabwa abakene. Mugabo, mu vy’ukuri yashaka ko hinjira amahera menshi muri ako gasandugu, kugira ngo ashobore kuza arayibako.—Yohana 12:1-6.
Yezu yarabujije Yuda kugora Mariya, kubera Mariya yari yagaragaje ubwitonzi. Igihe Yezu yabwira Yuda gutyo, uwo Yuda ntiyanezerewe, ari co gituma yaciye aja ku baherezi bakuru bari abansi ba Yezu. Bashaka gufata Yezu, mugabo bagashaka kubigira mw’ijoro kugira ngo abantu ntibababone.
Yuda yabwiye abo baherezi ati: ‘Mumpaye amahera nobabwira ukuntu mushobora gufata Yezu. None muza kumpa angahe?’.
Abaherezi bishuye bati: ‘Tuza kuguha ibiceri mirongo itatu vy’ifeza’.—Matayo 26:14-16.
Yuda yarakiriye ayo mahera. Ni nkaho abo bagabo yariko abagurishako wa Mwigisha Ahambaye! Umuntu akoze ikintu kibi nk’ico umubona gute?— Ico ni ikintu gishika igihe umuntu acitse umusuma akaza ariba amahera. Aca akunda amahera kuruta uko akunda abandi bantu, mbere no kuruta uko akunda Imana.
Kumbure wovuga uti: ‘Nta kintu na kimwe nzokwigera nkunda kuruta Yehova Imana’. Ni vyiza kuba wiyumvira gutyo. Igihe Yezu yahitamwo Yuda akamugira intumwa, kumbure ukwo ni ko Yuda yiyumvira. Abandi bacitse abasuma na bo nyene bashobora kuba biyumvira gutyo. Reka tuyage ivyerekeye bamwebamwe muri bo.
Akani na Dawidi bariko biyumvira ibintu bibi ibihe?
Umwe yari umusuku w’Imana yitwa Akani, uwabayeho imbere cane y’uko wa Mwigishwa Ahambaye avuka. Akani yabonye ikanzu nziza, igisate c’inzahabu be n’ibiceri vy’ifeza. Ntivyari ivyiwe. Bibiliya ivuga yuko vyari ivya Yehova, kubera yuko vyari vyanyazwe abansi b’abasavyi b’Imana. Mugabo, Akani yaravyipfuje cane gushika n’aho avyiba.—Yosuwa 6:19; 7:11, 20-22.
Umviriza akandi karorero. Kera cane, Yehova yaracaguye Dawidi ngo abe umwami w’igisata ca Isirayeli. Umusi umwe, Dawidi yaratanguye kuraba wa mugore mwiza Batisheba. Yarabandanije kuraba Batisheba no kwiyumvira ivyo kumuzana mu nzu iwe ngo babane. Ariko rero, nya mugore yari muka Uriya. None Dawidi yari akwiye gukora iki?—
Dawidi yari akwiye kureka kwiyumvira ivyo gutwara Batisheba. Mugabo, ntiyaretse kuvyiyumvira. Ku bw’ivyo, Dawidi yaramutwaye iwe. Mu nyuma, yaricishije Uriya. Kubera iki Dawidi yakoze ivyo bintu bibi?— Kubera yuko yabandanije kwipfuza umugore w’uwundi.—2 Samweli 11:2-27.
Ni mu buryo nyabaki Abusalomu yari umusuma?
Kubera ko Dawidi yasavye ikigongwe, Yehova yararetse kumwica. Mugabo ico gihe Dawidi yarashikiwe n’amakuba menshi. Umwana wiwe Abusalomu yarashatse kuba umwami mu gishingo ca Dawidi. Ni co gituma igihe abanyagihugu baba baje kuraba Dawidi, Abusalomu yabagumbira akongera akabasoma. Bibiliya ivuga iti: ‘Abusalomu aguma atwara imitima y’Abisirayeli’. Yarakwegakweze abo bantu gushika n’aho bipfuza ko aba umwami mu kibanza ca Dawidi.—2 Samweli 15:1-12.
Vyoba vyarigeze gushika ukipfuza cane ikintu, nka kurya kwa Akani, Dawidi na Abusalomu?— Niba ico kintu ari ic’uwundi muntu, kucakira ata ruhusha kuba ari ukwiba. Woba wibuka ico wa musuma wa mbere Shetani yashatse?— Yashatse ko abantu bamusenga aho gusenga Imana. Ni co gituma Shetani yari yivye igihe yakwegakwega Adamu na Eva bakamugamburukira.
Igihe umuntu atunze ikintu, aba afise uburenganzira bwo kuvuga uwukwiye kugikoresha. Nk’akarorero, urashobora kuja gukina n’abandi bana mu nzu iwabo. None vyoba ari vyiza gukurayo ikintu ukakizana mu nzu iwanyu?— Ntivyoba ari vyiza, kiretse gusa se canke nyina w’abo bana abikwemereye. Uzanye ibintu i muhira utabisavye, uba wivye.
Ni kubera iki wohava usanga wohejwe kwiba?— Kubera yuko uba wipfuza ikintu kitari icawe. No mu gihe nyene ata wundi muntu yoba abona ingene ucakiriye, ni nde aba abibona?— Ni Yehova Imana. Turakwiye kwibuka yuko Imana yanka ingeso yo kwiba. Ni co gituma urukundo ukunda Imana n’abandi bantu ruzogufasha kugira ngo ntiwigere uba umusuma.
Bibiliya iratomora yuko ari bibi kwiba. Ndakwinginze usome Mariko 10:17-19; Abaroma 13:9; n’Abanyefeso 4:28.