ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 8 rup. 47-51
  • Hariho abandi baturengeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hariho abandi baturengeye
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Adamu na Eva bagambararira Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igituma Birukanywe
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ni kuki umuntu apfa?
    Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 8 rup. 47-51

Ikigabane ca 8

Hariho abandi baturengeye

NDAZI neza ko wemera yuko hariho abandi baturuta, canke bakomeye kuturuta twe nawe. Ni nde wovuga ko aturengeye?— Ni Yehova Imana. Tuvuge iki ku Mwana wiwe, ari we wa Mwigisha Ahambaye? Na we yoba aturengeye?— Cane nyene, araturengeye.

Yezu yari yarabanye n’Imana mw’ijuru. Yari Umwana wo mu buryo bw’impwemu, canke umumarayika. Imana yoba yararemye abandi bamarayika, ari bo bana bo mu buryo bw’impwemu?— Egome, yararemye abashika amamiliyoni menshi. Abo bamarayika na bo nyene baraturengeye, kandi bari n’ububasha kuturusha.—Zaburi 104:4; Daniyeli 7:10.

Woba wibuka izina ry’umumarayika yavuganye na Mariya?— Yari Gaburiyeli. Yabwiye Mariya yuko uruyoya rwiwe rwobaye Umwana w’Imana. Imana yimuriye ubuzima bw’Umwana wiwe wo mu buryo bw’impwemu mu nda ya Mariya, ku buryo Yezu yashoboye kuvuka ari uruyoya kw’isi.—Luka 1:26, 27.

Mariya na Yozefu bashobora kuba barabwiye iki Yezu?

Woba wemera ico gitangaro? Woba wemera yuko Yezu yari yarabanye n’Imana mw’ijuru?— Yezu yavuze yuko yari yarabanye na yo. Yezu yamenye gute ivyo bintu? Urumva, igihe yari akiri agahungu gatoyi, Mariya kumbure yaramubwiye ivyo Gaburiyeli yavuze. Vyongeye, Yozefu bisa n’uko yabwiye Yezu yuko Imana yari yo Se wiwe w’ukuri.

Igihe Yezu yabatizwa, Imana mbere yaravuze iri mw’ijuru, iti: ‘Uyu ni Umwana wanje’ (Matayo 3:17). Mw’ijoro buca apfa na ho, Yezu yasenze ati: “Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa” (Yohana 17:5). Egome, Yezu yasavye gusubizwa kubana n’Imana mw’ijuru. None yari gushobora kubayo gute?— Vyari gushoboka gusa Yehova Imana asubiye kumugira umuntu wo mu buryo bw’impwemu ataboneka, ni ukuvuga umumarayika.

Ubu na ho, nshaka kukubaza ikibazo gihambaye. Mbega abamarayika bose ni beza? Uvyiyumvirako iki?— Urumva, harabaye igihe abamarayika bose bari beza. Ivyo ni kubera ko Yehova ari we yari yarabaremye, kandi ikintu cose arema kikaba ari ciza. Mugabo rero, umwe muri abo bamarayika yarabaye mubi. Ivyo vyashitse gute?

Kugira ngo turonke inyishu, dutegerezwa gusubira kuri ca gihe Imana yarema umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva. Abantu bamwebamwe bavuga yuko iyo nkuru yerekeye Adamu na Eva ari umugani gusa, ngo si ivyabaye. Mugabo wa Mwigisha Ahambaye we yari azi ko ari iy’ukuri.

Igihe Imana yarema Adamu na Eva, yabashize mw’itongo ryiza cane ahantu hitwa Edeni. Bwari ubusitani, iparadizo. Bari kugira abana benshi cane, umuryango munini, kandi bakibera mw’Iparadizo ibihe bidahera. Mugabo hariho icigwa gihambaye bari bakeneye kwiga. Ico cigwa twamaze kukivuga. Reka turabe ko tucibuka.

Vyari gushoboka gute ngo Adamu na Eva babeho ibihe bidahera mw’Iparadizo?

Yehova yabwiye Adamu na Eva yuko bari kurya ivyamwa vyose bashaka vyo ku biti vyari muri nya tongo. Mugabo hariho igiti batari kuryako. Imana yarababwiye ivyoshitse baramutse bakiriyeko. Yavuze iti: “Muzopfa nta kabuza” (Itanguriro 2:17). None ico cigwa Adamu na Eva bari bakeneye kwiga cari ikihe?—

Cari icigwa c’ukugamburuka. Egome, ubuzima buva ku kugamburukira Yehova Imana! Ntivyari bihagije ko Adamu na Eva bapfa gusa kuvuga yuko boyigamburukiye. Babwirizwa kwerekana ko boyigamburukiye mu bintu bakora. Iyo bagamburukira Imana, bari kuba berekanye ko bayikunda be n’uko bashaka ko ibabera Umutware. Maze bari gushobora kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Mugabo baramutse bariye kuri nya giti, vyokwerekanye iki?—

Vyokwerekanye ko badakenguruka vy’ukuri ivyo Imana yari yabahaye. Wewe none wari kugambukira Yehova iyo uza kuba ari ho uri?— Ubwa mbere, Adamu na Eva baramugamburukira. Mugabo mu nyuma haza umuntu abarengeye, ahenda Eva. Amaze kumuhenda, Eva agambararira Yehova. None uwo yari nde?—

Ni nde yariko aratuma inzoka ivugisha Eva?

Bibiliya ivuga yuko inzoka yavuganye na Eva. Mugabo urazi ko inzoka idafise ubushobozi bwo kuvuga nk’umuntu. None vyagenze gute ngo ishobore kuvuga?— Umumarayika umwe yatumye biboneka nk’aho nya nzoka yoba yariko iravuga. Mugabo mu vy’ukuri ni nya mumarayika yariko aravuga. Nya mumarayika yari yatanguye kwiyumvira ibintu bibi. Yashaka ko Adamu na Eva bamusenga. Yashaka ko bamugamburukira. Yashaka kuja mu kibanza c’Imana.

Uwo mumarayika mubi rero yashize ivyiyumviro bibi mu bwenge bwa Eva. Biciye kuri nya nzoka, yamubwiye ati: ‘Imana ntiyababwiye ukuri. Ntimuzopfa nimwarya kuri ico giti. Muzogira ubwenge nk’Imana’. Wewe woba wari kwemera ivyo iryo jwi ryavuze?—

Eva yaciye atangura gushaka ikintu Imana itari yamuhaye. Yarariye nya camwa co kuri nya giti cari kibujijwe. Maze ahako Adamu. Adamu ntiyemeye ivyo inzoka yari yavuze. Mugabo icipfuzo yari afise co kubana na Eva cari gikomeye kuruta urukundo yakunda Imana. Nuko na wene ararya kuri nya giti.—Itanguriro 3:1-6; 1 Timoteyo 2:14.

None vyavuyemwo iki?— Adamu na Eva bacitse abanyagasembwa, barasaza, hanyuma barapfa. Kubera ko babaye abanyagasembwa, abana babo bose na bo nyene barabaye abanyagasembwa, amaherezo barasaza hanyuma barapfa. Imana ntiyari yababeshe! Ubuzima buva ku kugamburukira Imana (Abaroma 5:12). Bibiliya itubwira yuko wa mumarayika yahenda Eva yitwa Shetani Mucokoranyi, hanyuma abandi bamarayika babaye babi na bo bakitwa amadayimoni.—Yakobo 2:19; Ivyahishuriwe 12:9.

Ni ibiki vyashikiye Adamu na Eva aho bamariye kugambararira Imana?

Ubu na ho none woba ushoboye kwumva igituma umumarayika mwiza Imana yari yararemye yacitse mubi?— Ni kubera yuko yatanguye kwiyumvira ibintu bibi. Yashaka kuba Uw’Imbere. Yari azi yuko Imana yabwiye Adamu na Eva kuvyara abana, nya mumarayika na we aca ashaka ko abo bose bomusenga. Shetani ashaka gutuma abantu bose bagambararira Yehova. Ni co gituma agerageza gushira ivyiyumviro bibi mu bwenge bwacu.—Yakobo 1:13-15.

Shetani avuga yuko ata n’umwe akunda Yehova vy’ukuri. Avuga yuko wewe nanje tudakunda Imana, be n’uko tudashaka vy’ukuri gukora ivyo Imana ivuga. Avuga yuko tugamburukira Yehova igihe gusa ibintu vyose bitugendera neza. None Shetani wumva avuga vyo? Twoba ari ukwo tumeze?

Wa Mwigisha Ahambaye yavuze yuko Shetani ari umubeshi! Yezu yaragaragaje yuko yakunda Yehova vy’ukuri, mu kumugamburukira. Kandi Yezu ntiyagamburukira Imana igihe gusa vyaba bimworohera. Yagamburuka igihe cose, no mu gihe abandi bantu batuma bimugora. Gushika ku gupfa kwiwe, yaragaragaje yuko Yehova ari umunyakuri. Ni co catumye Imana isubira kumugira muzima kugira ngo abeho ibihe bidahera.

Ni nde none wovuga ko ari we mwansi wacu ahambaye kuruta bose?— Emwe, ni Shetani wa Mucokoranyi. Woba ushobora kumubona?— Birumvikana ko udashobora kumubona! Mugabo turazi yuko ariho be n’uko aturengeye akaba kandi afise inguvu kuturusha. Yamara, ni nde aturengeye kuruta Shetani?— Ni Yehova Imana. Turazi rero yuko Imana ishobora kudukingira.

Soma ivyerekeye uwo dukwiye gusenga: Gusubira mu Vyagezwe 30:19, 20; Yosuwa 24:14, 15; Imigani 27:11; na Matayo 4:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika