Ikigabane ca 32
Ingene Yezu yakingiwe
YEHOVA rimwe na rimwe arakora ibintu mu buryo butangaje kugira ngo akingire abakiri bato badashobora kwikingira. Uriko uratembera mu gahinga, woshobora kubona uburyo bumwe Yehova agira ivyo. Mugabo hari aho utoca utahura vy’ukuri ibiriko biraba.
Urashobora kubona inyoni iguye hasi iruhande yawe. Umenga irakomeretse. Igenda ikwega hasi ibaba rimwe, uko uyegera ikaguma yigirwa hirya. Uko ukurikira iyo nyoni, ibandanya yigira hirya. Maze, ukaza ubona nya nyoni iragurutse ikigira. Ibaba ryayo ntiryari ryakomeretse na gato! Woba uzi ico nya nyoni yariko irakora?—
Urumva, iyo nyoni yaguye iruhande yawe, hakaba ari hafi y’ibisaka vyari binyegejemwo utwana twayo. Nyina watwo yatinye yuko wohava ubona nya twana maze ukatugirira nabi. Ni co gituma yigirishije nk’iyikomeretse kugira ngo ikujane kure y’utwana twayo. None woba uzi uwushobora kudukingira nka kurya inyoni ikingira utwana twayo?— Muri Bibiliya, Yehova agereranywa n’inyoni yitwa inkukuma, ifasha utwana twayo.—Gusubira mu Vyagezwe 32:11, 12.
Iyi nyoni iriko ikingira utwana twayo gute?
Umwana wa Yehova afise agaciro kuruta abandi bose ni Umwana wiwe mukundwa, ari we Yezu. Igihe Yezu yari mw’ijuru, yari umuntu w’umunyabubasha afise umubiri w’impwemu nka Se wiwe. Yarashobora kwibungabunga. Mugabo igihe Yezu yavuka ari uruyoya kw’isi, nta co yari yishoboje. Yari akeneye gukingirwa.
Kugira ngo Yezu akore ivyo Imana yagomba ko akora kw’isi, yategerezwa gukura maze akaba umugabo kandi atagira agasembwa. Ariko rero, Shetani yaragerageje kwica Yezu imbere y’uko agera mu bigero. Ukuntu bagerageje kwica Yezu akiri umwana be n’ukuntu Yehova yagiye aramukingira ni inkuru yeza umutima. Woba ushaka kuyumva?—
Haciye igihe gitoya Yezu avutse, Shetani yaratumye ikintu kimeze nk’inyenyeri caka mu kirere mu Buseruko. Abagabo baragura bakoresheje inyenyeri, bakaba ari abatohoza ivyerekeye inyenyeri, barakurikiye iyo nyenyeri bagira urugendo rurerure gushika i Yeruzalemu. Ngaho, babaza aho uwuzoba umwami w’Abayuda ategerezwa kuvukira. Babajije abantu bazi ivyo Bibiliya ivuga ku biraba aho yovukiye, bishura bati: “N’i Betelehemu”.—Matayo 2:1-6.
Aho ba bagabo baragura bakoresheje inyenyeri bamariye kugendera Yezu, ni imburizi iyihe Imana yabahaye, ivyo bikaba vyarakijije Yezu?
Herode wa mwami mubi w’i Yeruzalemu amaze kwumva ivyerekeye uwo mwami mushasha aheruka kuvukira mu gisagara begeranye c’i Betelehemu, abwira ba bagabo baragura bakoresheje inyenyeri ati: ‘Murondere uwo mwana. Nimwamubona muce muza kumbarira’. Woba uzi igituma Herode ashaka kumenya aho yosanga Yezu?— Ni kubera ko Herode afise ishari, bigatuma ashaka kumwica!
None Imana yakingiye Umwana wayo gute?— Urumva, igihe nya bagabo baragura bakoresheje inyenyeri baboneye Yezu, bamushikanira ingabirano. Mu nyuma Imana iburira mu ndoto abo bagabo ngo ntibasubire kwa Herode. Baca rero basubira i muhira iwabo baciye mu yindi nzira, batarinze gusubiza i Yeruzalemu. Herode amenye ko ba bagabo bagiye, aca arashavura cane. Kugira ngo Herode agerageze kwica Yezu, yicisha abana b’abahungu bose b’i Betelehemu batarashikana imyaka ibiri! Mugabo ico gihe, Yezu si ho yari ari.
None woba uzi ingene Yezu yamucitse?— Aho ba bagabo baragura bakoresheje inyenyeri basubiriye i muhira, Yehova yaciye aburira umugabo wa Mariya ari we Yozefu, ngo avyuke maze ahungire kure mu Misiri. Aho mu Misiri Yezu ntashobora kugirirwa nabi na Herode. Haciye imyaka, aho Mariya na Yozefu baviriye mu Misiri bari kumwe na Yezu, Imana yongera kuburira Yozefu. Ibicishije mu ndoto, imubwira ngo aje i Nazareti, aho Yezu yobaye ata nkomanzi.—Matayo 2:7-23.
Yezu akiri muto, yasubiye gukingirwa gute?
Woba ubona ingene Yehova yakingiye Umwana wiwe?— Wovuga ko ari nde ameze nka twa tunyoni nyina yari yanyegeje mu bisaka canke ko ari nde ameze nka Yezu igihe yari umwana mutoyi? None si wewe umeze gutyo?— Na wewe hariho abashaka kukugirira nabi. Woba ubazi none?—
Bibiliya ivuga yuko Shetani ameze nk’intambwe yivuga irondera kuturya. Kandi nka kurya intambwe irondera udukoko dutoduto, Shetani be n’amadayimoni yiwe akenshi barondera abana (1 Petero 5:8). Mugabo Yehova arakomeye kuruta Shetani. Yehova arashobora gukingira abana biwe canke agakuraho ikintu cose kibi Shetani abagirira.
Mu Kigabane c’10 c’iki gitabu, woba wibuka ivyo havuga ko Shetani be n’amadayimoni yiwe bagerageza gutuma dukora?— Bagerageza gutuma duhuza ibitsina n’abantu Imana ivuga ko atari vyiza kubigirana na bo. Mugabo ni bande bonyene bakwiye guhuza ibitsina?— Emwe, ni umugore n’umugabo babiranye.
Ariko rero, ikibabaje ni uko hari abantu bakuze bakunda gusambanya abana. Igihe abantu bakuze basambanya uduhungu n’udukobwa, duca dushobora gutangura gukora ibintu biranga ubuhumbu twigiye kuri abo bantu bakuze. Duca dutangura kandi gukoresha ibihimba vyabo vy’irondoka mu buryo bubi. Ivyo ni vyo vyashitse kera mu gisagaca c’i Sodomu. Bibiliya ivuga yuko abantu baba muri ico gisagara, ‘uhereye ku bakiri bato gushika no ku bakuze’, bagerageje gusambanya abagabo bari bagendeye Loti.—Itanguriro 19:4, 5.
Rero, nka kurya nyene Yezu yari akeneye gukingirwa, na wewe nyene urakeneye gukingirwa abantu bakuze, mbere ugakingirwa n’abandi bana, aboshobora kugerageza kugusambanya. Kenshi na kenshi, abo bantu bazogerageza kwerekana ko ari abagenzi bawe. Barashobora mbere kukwemerera kuguha ikintu kanaka ubasezeraniye yuko ata co uzobwira abandi ku vyerekeye ivyo bashaka ko mukora. Mugabo abo bantu barikunda gusa, nka kumwe kwa Shetani be n’amadayimoni yiwe, kandi ico bashaka gusa ni ukwiryoherererwa. Kandi bagerageza kwiryoherererwa mu gusambanya utwana. Ivyo ni bibi cane!
Woba uzi ico boshobora gukora kugira ngo biryoherererwe?— Urumva, barashobora kugerageza gukorakora ibihimba vyawe vy’irondoka. Canke barashobora mbere kuja barakoza ibihimba vyabo vy’irondoka ku vyawe. Mugabo ntukwiye kwigera na rimwe ureka umuntu n’umwe ngo akinishe igihimba cawe c’irondoka. Naho yoba ari musazawe canke mushikawe, nyoko wawe canke so wawe.
Ukwiye kuvuga no gukora iki mu gihe hari umuntu agerageje kugukorakora mu buryo bubi?
None ni gute umubiri wawe ushobora kuwurinda abantu bakora ibintu bibi nk’ivyo?— Imbere ya vyose, ntureke ngo hagire umuntu n’umwe akinisha ibihimba vyawe vy’irondoka. Nimba hari umuntu agerageje kubikinisha, nuvuge udatinya n’ijwi ryumvikana uti: “Sigaho! Ndakurega!”. Nimba na ho nya muntu aciye avuga yuko ari wewe watumye akora ivyo bintu, ntuvyemere. Si vyo. Ca ugenda umurege, naho yoba ari nde! Urakwiye kubivuga naho nyene yokubwira yuko ivyo muriko murakora ari akabanga hagati yawe na we. Naho uwo muntu yogusezeranira kuguha ibintu vyiza canke akagutera ubwoba, ukwiye kuva iruhande yiwe kandi ukabivuga.
Ntutinye, mugabo wiyubare. Mu gihe abavyeyi bawe bakuburiye ngo wirinde abantu bashobora kukugirira nabi canke ibibanza ushobora kugirirwamwo nabi, urakwiye kubumvira. Niwabumvira, uzoba utumye abantu babi bataronka uturyo two kukugirira nabi.
Soma ivyerekeye ukuntu wokwikingira ibikorwa bibi bijanye n’igitsina, mw’Itanguriro 39:7-12; mu Migani 4:14-16; 14:15, 16; mu 1 B’i Korinto 6:18; no muri 2 Petero 2:14.