Isirayeli n’amahanga yari ayikikuje
YEHOVA yabwiye Aburahamu ati: ‘Va i Uri muri Mezopotamiya uje mu gihugu nzokwereka’. Ico gihugu cari gisanzwe kibamwo abantu, kikaba kandi cari gikikujwe n’ayandi mahanga.—It 12:1-3; 15:17-21.
Igihe abasavyi b’Imana bava mu Misiri, bari bazi yuko boshoboye kurwanywa n’abansi, nk’akarorero “intōre z’i Mowabu” (Kv 15:14, 15). Abamaleki, Abanyamowabu, Abamoni be n’Abamori baba aho Abisirayeli bociye bariko baja mu Gihugu c’Isezerano (Gh 21:11-13; Gus 2:17-33; 23:3, 4). Kandi Abisirayeli botanye mu mitwe n’ayandi mahanga abanka mu gihugu Imana yari yarabasezeraniye.
Imana yavuze yuko Abisirayeli botegerejwe ‘gusohora amahanga agizwe n’abantu benshi’ agera ku ndwi yari akwiriye gusangangurwa, ayo na yo akaba yari Abaheti, Abagirugashi, Abamori, Abanyakanani, Abaferizi, Abahiwi be n’Abayebusi. Bari barataye inyifato runtu kandi barononekaye mu vy’idini. Mu mana zabo, harimwo Bayali (iyari izwi kubera inkingi z’amabuye zifise imero y’igitsina-gabo), Moleki (iyashikanirwa abana) be n’imanakazi y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi Ashitoreti (Asitarate).—Gus 7:1-4; 12:31; Kv 23:23; Lw 18:21-25; 20:2-5; Abc 2:11-14; Zb 106:37, 38.
Rimwe na rimwe, akarere kose Imana yahaye Abisirayeli kǐtwa “Kanani”, kakaba kahera mu Buraruko bwa Sidoni gushika ku ‘mwonga wa Misiri’ (Gh 13:2, 21; 34:2-12; It 10:19). Mu bindi bihe na ho, Bibiliya iravuga amazina y’amahanga atandukanye, amazina y’ibisagara bitandukanye be n’amazina y’abanyagihugu batandukanye vyo muri ico gihugu. Amwamwe aravugwa aho yari aherereye neza na neza. Nk’akarorero, Abafilisitiya baba ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane, Abayebusi na bo bakaba mu misozi iri hafi ya Yeruzalemu (Gh 13:29; Yos 13:3). Ayandi na yo yahavuye ahindura aho yari aherereye canke akarere yabamwo uko igihe carengana.—It 34:1, 2; 49:30; Yos 1:4; 11:3; Abc 1:16, 23-26.
Muri ca gihe c’ukuva mu Misiri, biboneka ko Abamori ari wo wari umuryango ukomeyea (Gus 1:19-21; Yos 24:15). Bari barigaruriye igihugu c’Abanyamowabu gushika ku Mwonga Arunoni, naho akarere ko hakurya y’Uruzi Yorodani uvuye i Yeriko kari kacitwa ‘ibiyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu’. Abami b’Abamori baganza kandi Bashani na Gileyadi.—Gh 21:21-23, 33-35; 22:1; 33:46-51.
Naho Abisirayeli bari bafashwe mu mugongo n’Imana, ntibashoboye guherengeteza ayo mahanga yose yari yaraciriweko iteka, ayahavuye abata mu mutego (Gh 33:55; Yos 23:13; Abc 2:3; 3:5, 6; 2Abm 21:11). Egome, Abisirayeli baraguye mu mutego naho bari baragabishijwe ngo: “Ntimuze mugendanire izindi mana, zo mu mana z’amahanga abakikije”.—Gus 6:14; 13:7.
[Akajambo k’epfo]
a Nka kurya kw’ijambo ‘Umunyakanani’, ‘Umumori’ ryarashobora gukoreshwa bashaka kuvuga abo muri ico gihugu ubafatiye hamwe canke umuryango umwe ukwawo.—It 15:16; 48:22.
[Ikarata ku rup. 11]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Amahanga yabwirizwa kwirukanwa mu gihugu c’isezerano
UBUFILISITIYA (D8)
C8 Ashikeloni
C9 Gaza
D8 Ashidodi
D8 Gati
D9 Gerari
KANANI (D8)
B10 ABAMALEKI
C12 Hasaradari (Adari?)
C12 Kadeshi (Kadeshi-baruneya)
D8 Lakishi
D9 Beri-sheba
D10 ABAMORI
D11 NEGEBU
E4 Dori
E5 Megido
E5 Tanaki
E6 Afeka
E6 ABAHIWI
E7 ABAYEBUSI
E8 Beti-shemeshi
E8 Heburoni (Kiriyati-Araba)
E9 ABAHETI
E9 Debira
E10 Aradi (h’i Kanani)
E10 ABANYAKENI
E11 Akurabimu
F4 ABAGIRUGASHI
F6 Shekemu
F7 ABAFERIZI
F7 Gilugali
F7 Yeriko
F8 Yeruzalemu
G2 ABAHIWI
G2 Dani (Layishi)
G3 Hasori
FOYINIKE (F2)
E2 Tiro
F1 Sidoni
EDOMU (F12)
F11 SEYIRI
G11 Bosira
ABAMORI (SIHONI) (G8)
G6 GILEYADI
G7 Shitimu
G7 Heshiboni
G9 Aroweri
SIRIYA (H1)
G1 Bayali-gadi
G2 ABAHIWI
I1 Damasiko
MOWABU (H10)
ABAMORI (OGI) (I5)
G6 GILEYADI
H3 BASHANI
H4 Ashitaroti
H4 Edireyi
AMONI (I7)
H7 Raba
[Deserts]
H12 UBUGARARWA BWA ARABIYA
[Imosozi]
E4 Msz. Karumeli
E11 Msz. Hori
G1 Msz. Herumoni
G8 Msz. Nebo
[Amazi]
C6 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
F9 Ikiyaga c’Umunyu
G4 Ikiyaga c’i Galilaya
[Inzuzi and streams]
B11 Mwg. wa Misiri
F6 Uruzi Yorodani
G6 Mwg. wa Yaboki
G9 Mwg. wa Arunoni
G11 Mwg. wa Zeredi
[Amafoto ku rup. 10]
Iburyo: Umwami w’Abamori Ogi yaganza Bashani, akaba yari azwi cane kubera amapfizi y’inka be n’intama yari atunze
Munsi: Mowabu, utereje amaso hakurya y’Ikiyaga c’Umunyu gushika mu bugaragwa bw’Ubuyuda
[Ifoto ku rup. 11]
Yehova yategetse Abisirayeli gusangangura amahanga yasenga imana z’ikinyoma, nka Bayali, Moleki be n’imanakazi y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi Ashitoreti (iyo yerekanywe)