ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 10-11
  • Isirayeli n’amahanga yari ayikikuje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isirayeli n’amahanga yari ayikikuje
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ivyo bijanye
  • ‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Isirayeli mu gihe ca Dawidi na Salomo
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ca Gihugu c’Isezerano
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • B4 Bigarurira Igihugu c’isezerano
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ibindi
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 10-11

Isirayeli n’amahanga yari ayikikuje

YEHOVA yabwiye Aburahamu ati: ‘Va i Uri muri Mezopotamiya uje mu gihugu nzokwereka’. Ico gihugu cari gisanzwe kibamwo abantu, kikaba kandi cari gikikujwe n’ayandi mahanga.​—⁠It 12:​1-3; 15:​17-21.

Igihe abasavyi b’Imana bava mu Misiri, bari bazi yuko boshoboye kurwanywa n’abansi, nk’akarorero “intōre z’i Mowabu” (Kv 15:​14, 15). Abamaleki, Abanyamowabu, Abamoni be n’Abamori baba aho Abisirayeli bociye bariko baja mu Gihugu c’Isezerano (Gh 21:​11-13; Gus 2:​17-33; 23:​3, 4). Kandi Abisirayeli botanye mu mitwe n’ayandi mahanga abanka mu gihugu Imana yari yarabasezeraniye.

Imana yavuze yuko Abisirayeli botegerejwe ‘gusohora amahanga agizwe n’abantu benshi’ agera ku ndwi yari akwiriye gusangangurwa, ayo na yo akaba yari Abaheti, Abagirugashi, Abamori, Abanyakanani, Abaferizi, Abahiwi be n’Abayebusi. Bari barataye inyifato runtu kandi barononekaye mu vy’idini. Mu mana zabo, harimwo Bayali (iyari izwi kubera inkingi z’amabuye zifise imero y’igitsina-gabo), Moleki (iyashikanirwa abana) be n’imanakazi y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi Ashitoreti (Asitarate).​—⁠Gus 7:⁠1-4; 12:​31; Kv 23:​23; Lw 18:​21-25; 20:​2-5; Abc 2:​11-14; Zb 106:​37, 38.

Rimwe na rimwe, akarere kose Imana yahaye Abisirayeli kǐtwa “Kanani”, kakaba kahera mu Buraruko bwa Sidoni gushika ku ‘mwonga wa Misiri’ (Gh 13:​2, 21; 34:​2-12; It 10:​19). Mu bindi bihe na ho, Bibiliya iravuga amazina y’amahanga atandukanye, amazina y’ibisagara bitandukanye be n’amazina y’abanyagihugu batandukanye vyo muri ico gihugu. Amwamwe aravugwa aho yari aherereye neza na neza. Nk’akarorero, Abafilisitiya baba ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane, Abayebusi na bo bakaba mu misozi iri hafi ya Yeruzalemu (Gh 13:​29; Yos 13:​3). Ayandi na yo yahavuye ahindura aho yari aherereye canke akarere yabamwo uko igihe carengana.​—⁠It 34:​1, 2; 49:​30; Yos 1:⁠4; 11:​3; Abc 1:⁠16, 23-26.

Muri ca gihe c’ukuva mu Misiri, biboneka ko Abamori ari wo wari umuryango ukomeyea (Gus 1:⁠19-21; Yos 24:​15). Bari barigaruriye igihugu c’Abanyamowabu gushika ku Mwonga Arunoni, naho akarere ko hakurya y’Uruzi Yorodani uvuye i Yeriko kari kacitwa ‘ibiyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu’. Abami b’Abamori baganza kandi Bashani na Gileyadi.​—⁠Gh 21:​21-23, 33-35; 22:​1; 33:​46-51.

Naho Abisirayeli bari bafashwe mu mugongo n’Imana, ntibashoboye guherengeteza ayo mahanga yose yari yaraciriweko iteka, ayahavuye abata mu mutego (Gh 33:​55; Yos 23:​13; Abc 2:​3; 3:​5, 6; 2Abm 21:​11). Egome, Abisirayeli baraguye mu mutego naho bari baragabishijwe ngo: “Ntimuze mugendanire izindi mana, zo mu mana z’amahanga abakikije”.​—⁠Gus 6:​14; 13:​7.

[Akajambo k’epfo]

a Nka kurya kw’ijambo ‘Umunyakanani’, ‘Umumori’ ryarashobora gukoreshwa bashaka kuvuga abo muri ico gihugu ubafatiye hamwe canke umuryango umwe ukwawo.​—⁠It 15:​16; 48:​22.

[Ikarata ku rup. 11]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Amahanga yabwirizwa kwirukanwa mu gihugu c’isezerano

UBUFILISITIYA (D8)

C8 Ashikeloni

C9 Gaza

D8 Ashidodi

D8 Gati

D9 Gerari

KANANI (D8)

B10 ABAMALEKI

C12 Hasaradari (Adari?)

C12 Kadeshi (Kadeshi-baruneya)

D8 Lakishi

D9 Beri-sheba

D10 ABAMORI

D11 NEGEBU

E4 Dori

E5 Megido

E5 Tanaki

E6 Afeka

E6 ABAHIWI

E7 ABAYEBUSI

E8 Beti-shemeshi

E8 Heburoni (Kiriyati-Araba)

E9 ABAHETI

E9 Debira

E10 Aradi (h’i Kanani)

E10 ABANYAKENI

E11 Akurabimu

F4 ABAGIRUGASHI

F6 Shekemu

F7 ABAFERIZI

F7 Gilugali

F7 Yeriko

F8 Yeruzalemu

G2 ABAHIWI

G2 Dani (Layishi)

G3 Hasori

FOYINIKE (F2)

E2 Tiro

F1 Sidoni

EDOMU (F12)

F11 SEYIRI

G11 Bosira

ABAMORI (SIHONI) (G8)

G6 GILEYADI

G7 Shitimu

G7 Heshiboni

G9 Aroweri

SIRIYA (H1)

G1 Bayali-gadi

G2 ABAHIWI

I1 Damasiko

MOWABU (H10)

ABAMORI (OGI) (I5)

G6 GILEYADI

H3 BASHANI

H4 Ashitaroti

H4 Edireyi

AMONI (I7)

H7 Raba

[Deserts]

H12 UBUGARARWA BWA ARABIYA

[Imosozi]

E4 Msz. Karumeli

E11 Msz. Hori

G1 Msz. Herumoni

G8 Msz. Nebo

[Amazi]

C6 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)

F9 Ikiyaga c’Umunyu

G4 Ikiyaga c’i Galilaya

[Inzuzi and streams]

B11 Mwg. wa Misiri

F6 Uruzi Yorodani

G6 Mwg. wa Yaboki

G9 Mwg. wa Arunoni

G11 Mwg. wa Zeredi

[Amafoto ku rup. 10]

Iburyo: Umwami w’Abamori Ogi yaganza Bashani, akaba yari azwi cane kubera amapfizi y’inka be n’intama yari atunze

Munsi: Mowabu, utereje amaso hakurya y’Ikiyaga c’Umunyu gushika mu bugaragwa bw’Ubuyuda

[Ifoto ku rup. 11]

Yehova yategetse Abisirayeli gusangangura amahanga yasenga imana z’ikinyoma, nka Bayali, Moleki be n’imanakazi y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi Ashitoreti (iyo yerekanywe)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika