Kuva mu Misiri gushika mu Gihugu c’Isezerano
ABANTU bo mu mihingo yose barazi ivya kwa kuva mu Misiri. Mugabo none, ni igiki cari kirindiriye Musa be n’ihanga ry’Imana bamaze kujabuka Ikiyaga Gitukura? Ni hehe bagiye berekeza, kandi bashitse gute ku Ruzi Yorodani kugira ngo binjire mu Gihugu c’Isezerano?
Intumbero bari bafise yari iyo gushika i Kanani, yamara Musa ntiyafashe inzira ya hafi yareha n’ibilometero nka 400 yaca ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane irimwo umusenyi, iyari guca ibacisha mu Bufilisitiya, akarere umwansi yabamwo. Eka mbere ntiyabacishije hagati na hagati y’agace k’isi ka Sinayi kinjira mu kiyaga, aho ubushuhe bukaze bw’aho bwatuma itaba rigizwe n’urucekeri rw’amabuye be n’ingwa rishuha. Ahubwo, Musa yabacishije mu Bumanuko, mu kiyaya kitagutse co ku nkengera y’ikiyaga. Batanguye gucumbika i Mara, hamwe Yehova yatuma amazi y’umururazi ahinduka mezaa. Bamaze kuva i Elimu, abantu baridodomvye kubera ivyo kurya; Imana yaciye irungika inkware, mu nyuma na ho irungika manu. I Refidimu, amazi yarasubiye gutera ingorane, Abamaleki bari bateye baraneshejwe, kandi ni ho sebukwe wa Musa yamuhanuriye kurondera abagabo babishoboye bo kumufasha.—Kv, ikig. 15-18.
Musa yaciye arongora Abisirayeli yerekeza mu misozi ya kure mu Bumanuko, bacumbika ku Musozi Sinayi. Aho ni ho ihanga ry’Imana ryaherewe Ivyagezwe, rirubaka ihema ryongera rirashikana ibimazi. Mu mwaka ugira kabiri, bagiye berekeza mu Buraruko baciye mu “bugaragwa bunini buteye ubgoba”, bikaba biboneka ko urugendo bagize kugira bashike mu karere k’i Kadeshi (Kadeshi-baruneya) rwatwaye imisi 11 (Gus 1:1, 2, 19; 8:15). Kubera yuko abantu bagize ubwoba bivuye kuri raporo mbi yazanywe n’abatasi cumi, bategerejwe kuyerera mu bugaragwa imyaka 38 (Gh 13:1–14:34). Mu bibanza bagiye barahagararamwo, harimwo Aburona na Esiyoni-geberi, baraheza basubira i Kadeshi.—Gh 33:33-36.
Igihe amaherezo hashika aho Isirayeli yegereza Igihugu c’Isezerano, Abisirayeli ntibaciye bagenda berekeza mu Buraruko. Baciye muri Edomu ariko barakevya ntibaca hagati na hagati, maze badugana ‘inzira y’umwami’, ari yo nzira y’iroro y’umwami (Gh 21:22; Gus 2:1-8). Ihanga ryose ntivyaryoroheye guca muri iyo nzira kuko ryari rifise abana, ibitungwa be n’amahema. Babwirijwe guca mu nzira irimwo umuyaga, hanyuma bajabuka imyonga mininiminini ari yo Zeredi na Arunoni (yari ifise ubwimbike bungana hafi n’imetero 520).—Gus 2:13, 14, 24.
Amaherezo, Abisirayeli barashitse ku Musozi Nebo. Miriyamu yari yapfiriye i Kadeshi, Aroni na we apfira ku Musozi Hori. Ico gihe Musa yaciye apfira ku musozi urabana n’igihugu yari yaripfuje kwinjiramwo (Gus 32:48-52; 34:1-5). Yosuwa ni we yaciye ashingwa kurongora Abisirayeli akabashikana mu Gihugu c’Isezerano, aba asozereye urugendo bari bamazemwo imyaka 40.—Yos 1:1-4.
[Akajambo k’epfo]
a Vyinshi mu bibanza nyezina bacumbitsemwo ntibizwi.
[Uruzitiro ku rup. 8]
IBITABU VYA BIBILIYA VYO MURI ICO KIRINGO:
Itanguriro
Kuvayo
Abalewi
Guharūra
Gusubira mu vyagezwe
Yobu
Zaburi (igice)
[Ikarata ku rup. 9]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Exodus Route
Inzira Isirayeli yafashe
A7 MISIRI
A5 Ramesesi?
B5 Sukoti?
C5 Etamu?
C5 Pi-hahiroti
D6 Mara
D6 Elimu
E6 UBUGARAGWA BW’I SINI
E7 Dofuka
F8 Refidimu
F8 Msz. Sinayi (Horebu)
F8 UBUGARAGWA BW’I SINAYI
F7 Kiburoti-hatava
G7 Haseroti
G6 Rimoni-Peresi
G5 Risa
G3 Kadeshi
G3 Bene-yakani
G5 Hori-hagidigadi
H5 Yotibata
H5 Aburona
H6 Esiyoni-geberi
G3 Kadeshi
G3 UBUGARAGWA BW’I ZINI
H3 Msz. Hori
H3 Salumona
I3 Punoni
I3 Iye-abarimu
I2 MOWABU
I1 Diboni
I1 Alumoni-dibulatayimu
H1 Yeriko
[Other locations]
A3 GOSHENI
A4 Oni
A5 Mofu (Nofu)
B3 Sowani
B3 Tahapanesi
C5 Migidoli
D3 SHURA
D5 UBUGARAGWA BW’I ETAMU
F5 UBUGARAGWA BW’I PARANI
G1 UBUFILISITIYA
G1 Ashidodi
G2 Gaza
G2 Beri-sheba
G3 Asimoni
G3 NEGEBU
H1 Yeruzalemu
H1 Heburoni (Kiriyati-Araba)
H2 Aradi (h’i Kanani)
H4 SEYIRI
H4 EDOMU
I7 MIDIYANI
Amabarabara makurumakuru
Inzira ija mu gihugu c’Ubufilisitiya
Inzira ija i Shura
I4 Inzira y’umwami
Caravan Route
Ibarabara El Hadj
[Imosozi]
F8 Msz. Sinayi (Horebu)
H3 Msz. Hori
I1 Msz. Nebo
[Amazi]
E2 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
D7/G7 Ikiyaga Gitukura
I1 Ikiyaga c’Umunyu
[Inzuzi and streams]
A6 Uruzi Nili
F3 Mwg. wa Misiri
I2 Arunoni
I3 Zeredi
[Ifoto ku rup. 8]
Abadandaza bajabuka agace k’isi ka Sinayi kinjira mu kiyaga
[Ifoto ku rup. 8]
Isirayeli icumbitse imbere y’Umusozi Sinayi
[Ifoto ku rup. 9]
Amazi yaraboneka mu masoko yari i Kadeshi canke hafi y’aho
[Ifoto ku rup. 9]
Isirayeli uko yakabaye yabwirizwa kujabuka Umwonga Arunoni