Igihugu ca ba sokuruza
SITEFANO yatanguye insiguro rurangiranwa yiwe avuga ibintu bimwebimwe bijanye n’indondabihugu ati: ‘Yehova yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ari i Mezopotamiya ataraja kugerera i Harani, aramubarira, ati: “Ja mu gihugu nzokwereka” ’ (Ivyk 7:1-4). Iryo tegeko ni ryo ryabaye ryo shimikiro ry’ibintu nyamukuru vyabaye mu Gihugu c’Isezerano vyerekeye Aburahamu, Isaka na Yakobo, ivyo bintu bikaba vyari bifitaniye isano n’umugambi w’Imana wo guhezagira umuryango w’abantu.—It 12:1-3; Yos 24:3.
Imana yabwiye Aburahamu (ari we Aburamu) kuva i Uri h’i Bukaludaya, kikaba cari igisagara giteye imbere cari ku nkengera yo mu Buseruko y’Uruzi Efurate. Aburahamu yofashe iyihe nzira? Uvuye i Bukaludaya, akarere kitwa kandi Shinari, bisa n’uko vyari vyoroshe guca ugenda mu Burengero. Ni kubera iki yarinze kuzigura agaca i Harani?
Uri hari haherereye nko ku mpera y’Ubuseruko bw’Akarere Kimbuka, akarere kari kameze nk’igice c’umuzingi kahera i Palesitina gushika mu kiyaya c’Uruzi Tigiri n’Uruzi Efurate. Ako karere gashobora kuba kahora kadashushe cane canke ngo kagaduke. Amaja epfo y’aho ako karere kihetera hari ubugaragwa bwava i Siriya bugashika muri Arabiya, ubwo bugaragwa bukaba bwarangwa n’imirambi y’ingwa be n’ibiyaya vy’umusenyi. Igitabu kimwe (The Encyclopædia Britannica) kivuga yuko ubwo bugaragwa bwari “urubibe rw’intamenwa” rwari hagati y’inkengera ya Mediterane be na Mezopotamiya. Abadandaza bamwebamwe bavuye mu karere ka Efurate, bashobora kuba bajabuka ubwo bugaragwa kugira bashike i Tadumori, maze bakabona gushika i Damasiko, mugabo Aburahamu ntiyacishije umuryango wiwe n’amasho yiwe muri ubwo bugaragwa.
Ahubwo, Aburahamu yaduganye umwonga w’Uruzi Efurate gushika i Harani. Avuye ngaho, yarashoboye gufata inzira abadandaza bacamwo gushika kw’ijabukiro ry’i Karikeme(i)shi, hanyuma aca agenda yerekeza mu Bumanuko aciye i Damasiko, maze arabandanya gushika ku cahavuye citwa Ikiyaga c’i Galilaya. Inzira yo ku mazi canke “inzira yo ku kiyaga” yaca i Megido, ikabandanya gushika mu Misiri. Ariko rero, Aburahamu yaciye mu misozi y’i Samariya, amaherezo aba mu mahema i Shekemu. Mu nyuma, yarabandanije kumanukana iyo nzira yo mu misozi. Numukurikire uko usoma Itanguriro 12:8–13:4. Nurabe ibindi bibanza biri mu bintu bitandukanye yagiye yibonera: Dani, Damasiko, Hoba, Mamure, Sodomu, Gerari, Beri-sheba na Moriya (Yeruzalemu).—It 14:14-16; 18:1-16; 20:1-18; 21:25-34; 22:1-19.
Gutahura ibintu bimwebimwe vyo mu ndondabihugu bituma umuntu arushiriza kumenya ivyabaye mu buzima bwa Isaka na Yakobo. Nk’akarorero, igihe Aburahamu yari i Beri-sheba, ni hehe yarungitse umusuku wiwe kuronderera Isaka umugore? Yamurungitse kure cane i Mezopotamiya (bisigura “Igihugu kiri hagati y’inzuzi”), mu karere k’i Padan-aramu. Ca wiha ishusho y’urugendo ruruhisha Rebeka yagize ari ku ndogoba aja i Negebu, kumbure hafi y’i Kadeshi, kugira ahure na Isaka.—It 24:10, 62-64.
Mu nyuma, umuhungu wabo Yakobo (ari we Isirayeli) yaragize urugendo rurerure nk’urwo kugira yubakane n’uwusenga Yehova. Yakobo asa n’uwafashe iyindi nzira mu gusubira mu gihugu c’iwabo. Amaze kujabuka uruzi Yaboki hafi y’i Peniyeli, yaranyinyanye n’umumarayika (It 31:21-25; 32:2, 22-30). Aho ni ho Esau yamusanze, maze umwe wese aja kuba mu karere gatandukanye n’ak’uwundi.—It 33:1, 15-20.
Inyuma y’aho Dina umukobwa wa Yakobo afatiwe ku nguvu i Shekemu, Yakobo yaciye yimukira i Beteli. Ariko rero, woba ushobora kwiha ishusho y’iyo abahungu ba Yakobo baja kuragira amasho yiwe be n’aho Yozefu amaherezo yabasanze? Iyi karata (be n’iyiri ku rupapuro rwa 18-19) yoshobora kugufasha kubona agatambuko kari hagati ya Heburoni na Dotani (It 35:1-8; 37:12-17). Benewabo na Yozefu bamugurishije ku badandaza bariko baja mu Misiri. Wiyumvira ko bariko bafata iyihe nzira Abisirayeli bohavuye bacamwo mu kuja mu Misiri no mu kuvayo?—It 37:25-28.
[Amakarata ku rup. 7]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ingendo Aburahamu yagize (see publication)
Ingendo Isaka yagize (see publication)
Ingendo Yakobo yagize (see publication)
Amabarabara makurumakuru (see publication)
Patriarchs (incamake)
A4 GOSHENI
A5 MISIRI
B4 SHURA
B5 PARANI
C3 Damasiko
C3 Dani (Layishi)
C4 Shekemu
C4 Beteli
C4 Heburoni (Kiriyati-Araba)
C4 Gerari
C4 Beri-sheba
C4 SEYIRI
C4 Kadeshi
C5 EDOMU
D1 Karikeme(i)shi
D2 Tadumori
D2 Hoba
E1 PADAN-ARAMU
E1 Harani
F2 MEZOPOTAMIYA
G1 Ninewe
G2 AKARERE KIMBUKA
G3 Babiloni
H4 KALUDAYA
H4 Uri
[Imosozi]
C4 Moriya
[Amazi]
B3 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
[Inzuzi]
E2 Efurate
G2 Tigiri
Patriarchs (in Promised Land)
KANANI
Megido
GILEYADI
Dotani
Shekemu
Sukoti
Mahanayimu
Peniyeli
Beteli (Luzi)
Hayi
Yeruzalemu (Salemu)
Betelehemu (Efurata)
Mamure
Heburoni (Makipela)
Gerari
Beri-sheba
Sodomu?
NEGEBU
Rehoboti?
Lahayi-royi
Kadeshi
Amabarabara makurumakuru
Inzira yo ku mazi
Inzira y’umwami
[Imosozi]
Moriya
[Amazi]
Ikiyaga c’Umunyu
[Inzuzi and streams]
Yaboki
Yorodani
[Ifoto ku rup. 6]
Uruzi Efurate hafi ya Babiloni
[Ifoto ku rup. 6]
Aburahamu yaba i Beri-sheba hanyuma akaragira amasho mu micungararo
[Ifoto ku rup. 6]
Umwonga Yaboki