ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 6-7
  • Igihugu ca ba sokuruza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihugu ca ba sokuruza
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ivyo bijanye
  • B2 Itanguriro n’ingendo za ba sekuruza b’imiryango
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Inganji nganzabami zitera Igihugu c’Isezerano
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Yehova, “ya Mana itanga amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ihanga ry’Imana risubira mu gihugu caryo
    ‘Raba ca gihugu ciza’
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 6-7

Igihugu ca ba sokuruza

SITEFANO yatanguye insiguro rurangiranwa yiwe avuga ibintu bimwebimwe bijanye n’indondabihugu ati: ‘Yehova yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ari i Mezopotamiya ataraja kugerera i Harani, aramubarira, ati: “Ja mu gihugu nzokwereka” ’ (Ivyk 7:⁠1-4). Iryo tegeko ni ryo ryabaye ryo shimikiro ry’ibintu nyamukuru vyabaye mu Gihugu c’Isezerano vyerekeye Aburahamu, Isaka na Yakobo, ivyo bintu bikaba vyari bifitaniye isano n’umugambi w’Imana wo guhezagira umuryango w’abantu.​—⁠It 12:​1-3; Yos 24:​3.

Imana yabwiye Aburahamu (ari we Aburamu) kuva i Uri h’i Bukaludaya, kikaba cari igisagara giteye imbere cari ku nkengera yo mu Buseruko y’Uruzi Efurate. Aburahamu yofashe iyihe nzira? Uvuye i Bukaludaya, akarere kitwa kandi Shinari, bisa n’uko vyari vyoroshe guca ugenda mu Burengero. Ni kubera iki yarinze kuzigura agaca i Harani?

Uri hari haherereye nko ku mpera y’Ubuseruko bw’Akarere Kimbuka, akarere kari kameze nk’igice c’umuzingi kahera i Palesitina gushika mu kiyaya c’Uruzi Tigiri n’Uruzi Efurate. Ako karere gashobora kuba kahora kadashushe cane canke ngo kagaduke. Amaja epfo y’aho ako karere kihetera hari ubugaragwa bwava i Siriya bugashika muri Arabiya, ubwo bugaragwa bukaba bwarangwa n’imirambi y’ingwa be n’ibiyaya vy’umusenyi. Igitabu kimwe (The Encyclopædia Britannica) kivuga yuko ubwo bugaragwa bwari “urubibe rw’intamenwa” rwari hagati y’inkengera ya Mediterane be na Mezopotamiya. Abadandaza bamwebamwe bavuye mu karere ka Efurate, bashobora kuba bajabuka ubwo bugaragwa kugira bashike i Tadumori, maze bakabona gushika i Damasiko, mugabo Aburahamu ntiyacishije umuryango wiwe n’amasho yiwe muri ubwo bugaragwa.

Ahubwo, Aburahamu yaduganye umwonga w’Uruzi Efurate gushika i Harani. Avuye ngaho, yarashoboye gufata inzira abadandaza bacamwo gushika kw’ijabukiro ry’i Karikeme(i)shi, hanyuma aca agenda yerekeza mu Bumanuko aciye i Damasiko, maze arabandanya gushika ku cahavuye citwa Ikiyaga c’i Galilaya. Inzira yo ku mazi canke “inzira yo ku kiyaga” yaca i Megido, ikabandanya gushika mu Misiri. Ariko rero, Aburahamu yaciye mu misozi y’i Samariya, amaherezo aba mu mahema i Shekemu. Mu nyuma, yarabandanije kumanukana iyo nzira yo mu misozi. Numukurikire uko usoma Itanguriro 12:​8–​13:​4. Nurabe ibindi bibanza biri mu bintu bitandukanye yagiye yibonera: Dani, Damasiko, Hoba, Mamure, Sodomu, Gerari, Beri-sheba na Moriya (Yeruzalemu).​—⁠It 14:​14-16; 18:​1-16; 20:​1-18; 21:​25-34; 22:​1-19.

Gutahura ibintu bimwebimwe vyo mu ndondabihugu bituma umuntu arushiriza kumenya ivyabaye mu buzima bwa Isaka na Yakobo. Nk’akarorero, igihe Aburahamu yari i Beri-sheba, ni hehe yarungitse umusuku wiwe kuronderera Isaka umugore? Yamurungitse kure cane i Mezopotamiya (bisigura “Igihugu kiri hagati y’inzuzi”), mu karere k’i Padan-aramu. Ca wiha ishusho y’urugendo ruruhisha Rebeka yagize ari ku ndogoba aja i Negebu, kumbure hafi y’i Kadeshi, kugira ahure na Isaka.​—⁠It 24:​10, 62-64.

Mu nyuma, umuhungu wabo Yakobo (ari we Isirayeli) yaragize urugendo rurerure nk’urwo kugira yubakane n’uwusenga Yehova. Yakobo asa n’uwafashe iyindi nzira mu gusubira mu gihugu c’iwabo. Amaze kujabuka uruzi Yaboki hafi y’i Peniyeli, yaranyinyanye n’umumarayika (It 31:​21-25; 32:​2, 22-30). Aho ni ho Esau yamusanze, maze umwe wese aja kuba mu karere gatandukanye n’ak’uwundi.​—⁠It 33:​1, 15-20.

Inyuma y’aho Dina umukobwa wa Yakobo afatiwe ku nguvu i Shekemu, Yakobo yaciye yimukira i Beteli. Ariko rero, woba ushobora kwiha ishusho y’iyo abahungu ba Yakobo baja kuragira amasho yiwe be n’aho Yozefu amaherezo yabasanze? Iyi karata (be n’iyiri ku rupapuro rwa 18-​19) yoshobora kugufasha kubona agatambuko kari hagati ya Heburoni na Dotani (It 35:​1-8; 37:​12-17). Benewabo na Yozefu bamugurishije ku badandaza bariko baja mu Misiri. Wiyumvira ko bariko bafata iyihe nzira Abisirayeli bohavuye bacamwo mu kuja mu Misiri no mu kuvayo?​—⁠It 37:​25-28.

[Amakarata ku rup. 7]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ingendo Aburahamu yagize (see publication)

Ingendo Isaka yagize (see publication)

Ingendo Yakobo yagize (see publication)

Amabarabara makurumakuru (see publication)

Patriarchs (incamake)

A4 GOSHENI

A5 MISIRI

B4 SHURA

B5 PARANI

C3 Damasiko

C3 Dani (Layishi)

C4 Shekemu

C4 Beteli

C4 Heburoni (Kiriyati-Araba)

C4 Gerari

C4 Beri-sheba

C4 SEYIRI

C4 Kadeshi

C5 EDOMU

D1 Karikeme(i)shi

D2 Tadumori

D2 Hoba

E1 PADAN-ARAMU

E1 Harani

F2 MEZOPOTAMIYA

G1 Ninewe

G2 AKARERE KIMBUKA

G3 Babiloni

H4 KALUDAYA

H4 Uri

[Imosozi]

C4 Moriya

[Amazi]

B3 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)

[Inzuzi]

E2 Efurate

G2 Tigiri

Patriarchs (in Promised Land)

KANANI

Megido

GILEYADI

Dotani

Shekemu

Sukoti

Mahanayimu

Peniyeli

Beteli (Luzi)

Hayi

Yeruzalemu (Salemu)

Betelehemu (Efurata)

Mamure

Heburoni (Makipela)

Gerari

Beri-sheba

Sodomu?

NEGEBU

Rehoboti?

Lahayi-royi

Kadeshi

Amabarabara makurumakuru

Inzira yo ku mazi

Inzira y’umwami

[Imosozi]

Moriya

[Amazi]

Ikiyaga c’Umunyu

[Inzuzi and streams]

Yaboki

Yorodani

[Ifoto ku rup. 6]

Uruzi Efurate hafi ya Babiloni

[Ifoto ku rup. 6]

Aburahamu yaba i Beri-sheba hanyuma akaragira amasho mu micungararo

[Ifoto ku rup. 6]

Umwonga Yaboki

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika