Ubukirisu bukwiragira mu bindi bihugu
KU MUSOZI wa Elayono hafi y’i Betaniya, Yezu yashinze abigishwa biwe igikorwa co kwamamaza cogize ico gikoze kuri kahise k’isi. Categerezwa guhera nko ku bilometero bitatu uvuye ngaho, kigashika no mu Burengero, ni ukuvuga i Yeruzalemu. Ubwo butumwa bwokwiragijwe hafi yaho ari ho Yudaya na Samariya, amaherezo bugashika ku “mpera y’isi”.—Ivyk 1:4, 8, 12.
Hataraca n’igihe Yezu avuze ayo majambo, umusi mukuru wa Pentekote warahuje Abayuda n’abahindukiriye idini yabo bari baje bava mu mihingo yose y’inganji nganzabami y’Abaroma, ni ukuvuga uturere twerekanywe kw’ikarata iri aha munsi. Intumwa Petero yarabigishije uwo musi, bituma ubukirisu bukwiragira ningoga na ningoga.—Ivyk 2:9-11.
Uruhamo rwadutse i Yeruzalemu ntirwatevye gutuma abayoboke ba Kirisitu basabagira. Petero na Yohani barafashije Abasamariya kwumva inkuru nziza no kuyakira (Ivyk 8:1, 4, 14-16). Filipo amaze kubwira inkuru nziza Umunyetiyopiya kw’ibarabara ryaca mu bugaragwa ‘rivuye i Yeruzalemu rigashika i Gaza’, ubukirisu bwaciye bukwiragira muri Afirika (Ivyk 8:26-39). Nko muri ico gihe nyene, ubutumwa bwaramye ivyamwa i Luda haherereye mu Kiyaya ca Sharoni no ku kivuko c’i Yopa (Ivyk 9:35, 42). Petero avuye ngaho, yaciye aja i Kayisariya, hanyuma arafasha intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo, incuti ziwe be n’abagenzi biwe gucika abakirisu basizwe impwemu.—Ivyk 10:1-48.
Paulo, uwahora ahama abakirisu, yaracitse intumwa ku bo mu mahanga. Yaragize ingendo n’amaguru be no mu bwato mu gihe c’ingendo z’ubumisiyonari zitatu be no mu gihe c’urugendo yagize i Roma. Intumwa be n’abandi barakwiragije inkuru nziza mu dusagara tutari duke tw’inganji nganzabami y’Abaroma. Paulo yashaka gushika muri Esupanye (Raba urupapuro rwa 2.), Petero na we akorera mu gice ca kure co mu Buseruko, i Babiloni (1Pt 5:13). Mu vy’ukuri, abayoboke ba Kirisitu barongowe na we, barakwiragije ubukirisu mu bindi bihugu. Mu 60-61 G.C., ‘inkuru nziza yaravuzwe mu baremwe bose bo munsi y’ijuru’ (Kl 1:6, 23). Kuva ico gihe, iyo nkuru nziza yarashitse nya gushika ku “mpera y’isi”.
[Uruzitiro ku rup. 32]
BAJE BAVA . . .
Abayuda n’abahindukiriye idini yabo bumvise inkuru nziza kuri Pentekote mu 33 G.C., bari baje bava i Paritiya, mu Bumedi, muri Elamu, i Mezopotamiya, i Yudaya, i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya, i Furugiya, i Pamfiriya, mu Misiri, muri Libiya, i Roma, i Kirete no muri Arabiya. Benshi barabatijwe. Wibaza ko bakoze iki igihe basubira iwabo?
[Uruzitiro ku rup. 33]
AMASHENGERO INDWI
Yezu yarungikiye ubutumwa amashengero indwi yo muri Aziya Ntoya. Raba aho yari aherereye: Efeso na Simuruna yari ku nkengera y’ikiyaga, Perugamo, Filadelufiya na Lawodikiya yari mu gihugu hagati, Tuwatira ryari ku nkengera y’uruzi, Sarudi na ryo rikaba kw’ibarabara rikuru ry’ivy’ubudandaji. Ibisigarira vy’ivyo bisagara biremeza yuko Bibiliya ivuga ibibanza vyabayeho koko.
[Ikarata ku rup. 32]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ubukirisu bukwiragira ningoga na ningoga
Uturere inkuru nziza yashitsemwo ningoga na ningoga
B1 ILURIKO
B1 UBUTALIYANO
B1 Roma
C1 MAKEDONIYA
C2 UBUGIRIKI
C2 Atenayi
C2 KIRETE
C3 Kurene
C3 LIBIYA
D1 BITUNIYA
D2 GALATIYA
D2 AZIYA
D2 FURUGIYA
D2 PAMFILIYA
D2 KUPURO
D3 MISIRI
D4 ETIYOPIYA
E1 PONTO
E2 KAPADOKIYA
E2 KILIKIYA
E2 MEZOPOTAMIYA
E2 SIRIYA
E3 SAMARIYA
E3 Yeruzalemu
E3 YUDAYA
F2 UBUMEDI
F3 Babiloni
F3 ELAMU
F4 ARABIYA
G2 PARITIYA
[Amazi]
C2 Ikiyaga Mediterane
D1 Ikiyaga Cirabura
E4 Ikiyaga Gitukura
F3 Ikigobe c’Abarabu
[Ikarata ku rup. 32, 33]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ingendo Paulo yagize
Urugendo rwa mbere rw’ubumisiyonari (Ivyk 13:1–14:28)
H3 Antiyokiya (h’i Siriya)
H3 Seleyukiya
G4 KUPURO
G3 Salamini
G4 Pafo
G3 PAMFILIYA
F3 Peruga
F3 PISIDIYA
F2 Antiyokiya (h’i Pisidiya)
G2 Ikoniyo
G2 LUKAWONIYA
G2 Lusitira
G3 Derube
G2 Lusitira
G2 Ikoniyo
F2 Antiyokiya (h’i Pisidiya)
F3 PISIDIYA
G3 PAMFILIYA
F3 Peruga
F3 Ataliya
H3 Antiyokiya (h’i Siriya)
Urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari (Ivyk 15:36–18:22)
H3 Antiyokiya (h’i Siriya)
H3 SIRIYA
H3 KILIKIYA
H3 Taruso
G3 Derube
G2 Lusitira
G2 Ikoniyo
F2 Antiyokiya (h’i Pisidiya)
F2 FURUGIYA
G2 GALATIYA
E2 MUSIYA
E2 Tirowa
E1 SAMOTIRAKE
D1 Neyapoli
D1 Filipi
C1 MAKEDONIYA
D1 Amfipoli
D1 Tesalonike
D1 Beroya
C2 UBUGIRIKI
D2 Atenayi
D2 Korinto
D3 AKAYA
E2 Efeso
G4 Kayisariya
H5 Yeruzalemu
H3 Antiyokiya (h’i Siriya)
Urugendo rwa gatatu rw’ubumisiyonari (Ivyk 18:22–21:19)
H3 SIRIYA
H3 Antiyokiya (h’i Siriya)
G2 GALATIYA
F2 FURUGIYA
H3 KILIKIYA
H3 Taruso
G3 Derube
G2 Lusitira
G2 Ikoniyo
F2 Antiyokiya (h’i Pisidiya)
E2 Efeso
E2 AZIYA
E2 Tirowa
D1 Filipi
C1 MAKEDONIYA
D1 Amfipoli
D1 Tesalonike
D1 Beroya
C2 UBUGIRIKI
D2 Atenayi
D2 Korinto
D1 Beroya
D1 Tesalonike
D1 Amfipoli
D1 Filipi
E2 Tirowa
E2 Aso
E2 Mitulene
E2 KIYO
E2 SAMO
E3 Mileto
E3 Kosi
E3 RODO
F3 Patara
H4 Tiro
H4 Putolemayi
G4 Kayisariya
H5 Yeruzalemu
Urugendo yagize i Roma (Ivyk 23:11–28:31)
H5 Yeruzalemu
G4 Kayisariya
H4 Sidoni
F3 Mura
F3 LUKIYA
E3 Kinido
D3 KIRETE
D4 KILAWUDA
A3 MELITA
A3 SISILE
A3 Surakusa
A1 UBUTALIYANO
B2 Regiyo
A1 Puteyoli
A1 Roma
Amabarabara makurumakuru (See publication)
[Amashengero indwi]
E2 Perugamo
E2 Tuwatira
E2 Sarudi
E2 Simuruna
E2 Efeso
F2 Filadelufiya
F2 Lawodikiya
[Other locations]
E3 PATIMO
F2 Kolosayi
F5 Alegizandiriya
F5 MISIRI
G1 BITUNIYA
G5 Yopa
G5 Luda
G5 Gaza
H1 PONTO
H2 KAPADOKIYA
H4 Damasiko
H4 Pela
[Amazi]
D4 Ikiyaga Mediterane
[Ifoto ku rup. 33]
Inyubakwa y’ivy’inkino y’i Mileto, ca gisagara Paulo yahuriramwo n’abakurambere bavuye i Efeso
[Ifoto ku rup. 33]
Igicaniro ca Zeyu cari i Perugamo. Abakirisu bo muri ico gisagara baba ‘aho intebe ya Shetani’ yari—Ivyh 2:13