ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 4-5
  • Ibihugu bivugwa muri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibihugu bivugwa muri Bibiliya
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ivyo bijanye
  • Ihanga ry’Imana risubira mu gihugu caryo
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ubugiriki n’Uburoma bigira akosho ku Bayuda
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ubukirisu bukwiragira mu bindi bihugu
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Inganji nganzabami zitera Igihugu c’Isezerano
    ‘Raba ca gihugu ciza’
Ibindi
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 4-5

Ibihugu bivugwa muri Bibiliya

IGIHE Isirayeli yari yiteguriye kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, Musa yaraseruriye Imana icipfuzo gikomeye yari afise agira ati: “Ndakwinginze, nyemerera njabuke ndābe ico gihugu ciza co hakurya ya Yorodani, n’uriya mugamba waho mwiza”.​—⁠Gus 3:​25.

Kuri Musa, ivyo ntivyoshobotse, mugabo yaraduze umusozi urabana n’i Yeriko hanyuma aca yihweza ico gihugu, uhereye ‘i Gileyadi gushitsa i Dani n’igihugu c’Ubuyuda cose gushitsa ku kiyaga c’i Burengerazuba, abona n’i Negebu n’ikiyaya co kuri Yorodani’ (Gus 3:​27; 34:​1-4). Woba urumva ayo mazina? Woba uzi aho aherereye?

Bakeyi mu basavyi ba Yehova muri kino gihe ni bo bashoboye kugendera ibibanza basoma ivyavyo muri Bibiliya. Ntibashobora gukora ivyo Imana yabwiye Aburahamu ko yokoze, ni ukuvuga kugendura Igihugu c’Isezerano iyo kiva kikagera (It 13:​14-17). Naho ari ukwo, abakirisu b’ukuri barashashaye kumenya ivyerekeye ibibanza bivugwa muri Bibiliya no kubona ukuntu bifitaniye isano hagati yavyo.

Aka gatabu kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’ ni igikoresho ushobora gukoresha kugira urushirize gutahura Ivyanditswe. Karimwo amafoto y’ibibanza vyo muri kino gihe, nka Gileyadi, aherekanwa ku gipfukisho. Harimwo mbere n’amakarata arimwo amakuru menshi ashobora gutuma urushiriza kumenya cane ibibanza bivugwa muri Bibiliya.

Ikarata iri ku rupapuro rwa 2 n’urwa 3 yerekana canecane ibihugu canke uturere nyamukuru. Nk’akarorero, umaze kubona aho Ashuri na Misiri vyari biherereye ugereranije n’Igihugu c’Isezerano, urashobora kurushiriza gutahura neza ubuhanuzi buvuga ivyo bihugu (Yes 7:​18; 27:​13; Hs 11:​11; Mk 7:​12). Akarere kitwa Igihugu c’Isezerano kari ihuriro ry’amabarabara ya kera, kandi ayandi mahanga yarondera kwiganzira imirima yako yimbuka y’ingano, y’imizabibu n’iy’imyelayo.​—⁠Gus 8:​8; Abc 15:5.

Rimwe na rimwe uzoshima kugereranya amakarata. Nk’akarorero, Yona yarungitswe ku murwa mukuru wa Ashuri, ariko aca yiyuririra ubwato buja i Tarushishi (Yn 1:⁠1-3). Woba ubona utwo turere kw’ikarata ya mbere? Mugabo ntiwitiranye Tarushishi na Taruso, aho intumwa Paulo yavukiye. Uzobona aho Taruso be n’ibindi bisagara bikomakomeye biherereye kuri iyi karata.

Umaze kubona aho Uri, Harani be na Yeruzalemu biri, nuce wiyumvira urugendo Aburahamu yagize ukuntu rwareha be n’inzira yaciyemwo mu gihe carwo. Yehova amaze kumubwira ngo ave muri Uri, yaciye agerera i Harani hanyuma abona kwimukira mu Gihugu c’Isezerano (It 11:​28–12:​1; Ivyk 7:⁠2-5). Uko wiga ahavuga ngo “Igihugu ca ba sokuruza” ku rupapuro rwa 6-7, uzorushiriza kubona neza urugendo Aburahamu yagize.

Ikarata ya mbere hamwe n’iyi ubona hano, ntizerekeye igihe kanaka. Uretse izo zibiri, ayandi makarata mu bisanzwe ari mu rutonde rw’ukuntu ibihe vyakurikiranye. Ibisagara canke utundi tuntu tw’ido n’ido biri ku makarata, bijanye n’ibintu vyabaye mu kiringo kinaka. Naho Ironderero (urupapuro rwa 34-35) ridashiramwo ibibanza vyose vyavuzwe ku makarata, mu bisanzwe rirashobora kugufasha gutora amakarata yerekeye ahantu uriko urarondera.

Ikarata iri ku mpapuro zo hagati na hagati (urupapuro rwa 18-19), irimwo icegeranyo kinini c’ibisagara vyo mu Gihugu c’Isezerano. Insiguro y’ikarata izogufasha kubona vya bisagara vy’Abalewi na vya bisagara bitandatu vy’ubuhungiro wongere umenye niba ikibanza kanaka caravuzwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo, mu Vyanditswe vy’ikigiriki canke aho hompi.

Aho ibibanza bimwebimwe vyo muri Bibiliya biherereye ntihazwi muri iki gihe. Ku bw’ivyo, menshi muri ayo mazina ntari kuri iyo karata. Ntivyashobotse kandi ko igisagara cose gishirwako, nk’akarorero ibisagara vyose biri kuri rwa rutonde rw’amashamvu umuryango umwumwe wose wari warakebewe (Yos, ikig. 15-19). Yamara, usanga mu bisanzwe iyo karata irimwo ibisagara vyo mu micungararo, gutyo bigatuma ushobora kugereranya aho igisagara cari giherereye. Imice imwimwe y’indondabihugu (imisozi, inzuzi be n’imyonga) iraboneka neza, kandi ubukiruruke bw’imisozi be n’isi butaka vyerekanwa n’amabara. Utuntu nk’utwo turashobora kugufasha kwiha ishusho y’imice y’ivyabaye bivugwa muri Bibiliya.

Ayandi makuru yerekeye ibibanza vyo muri Bibiliya araboneka muri ca gitabu Étude perspicace des Écritures, kikaba kiboneka mu ndimi nyinshia. Uko ukoresha ico gitabu be n’ibindi bitabu bifasha kwiga Bibiliya, nugumize hafi aka gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’. Nuze uraraba muri ako gatabu uko wiga Ivyanditswe vyose bikugirira ikimazi cane mu buzima bwawe.​—⁠2Tm 3:​16, 17.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 5]

IBITABU VYA BIBILIYA VYANDIKIWE

I Babiloni

I Kayisariya

I Korinto

Mu Misiri

I Efeso

I Yeruzalemu

I Makedoniya

I Mowabu

I Patimo

Mu Gihugu c’Isezerano

I Roma

I Shushani

[Ikarata ku rup. 4, 5]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ibihugu bivugwa muri Bibiliya n’ibisagara bikurubikuru

A1 UBUTALIYANO

A2 ROMA

A3 SISILE

A3 MELITA

C2 MAKEDONIYA

C2 Filipi

C2 UBUGIRIKI

C3 ATENAYI

C3 Korinto

C3 KIRETE

C4 LIBIYA

D3 Antiyokiya (h’i Pisidiya)

D3 Efeso

D3 PATIMO

D3 RODO

D4 MOFU

D5 MISIRI

E2 AZIYA NTOYA

E3 Taruso

E3 Antiyokiya (h’i Siriya)

E3 KUPURO

E4 Sidoni

E4 Damasiko

E4 Tiro

E4 Kayisariya

E4 IGIHUGU C’ISEZERANO

E4 YERUZALEMU

E4 MOWABU

E4 Kadeshi

E4 EDOMU

F3 Itongo ry’i Edeni?

F3 ASHURI

F3 Harani

F3 SIRIYA

F5 ARABIYA

G3 NINEWE

G4 BABILONI

G4 KALUDAYA

G4 Shushani

G4 Uri

H3 UBUMEDI

[Imisozi]

E5 Msz. Sinayi

G2 MSZ. ARARATI

[Amazi]

C3 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)

E1 Ikiyaga Cirabura

E5 Ikiyaga Gitukura

H2 Ikiyaga Kasupiyene

H5 Ikigobe c’Abarabu

[Inzuzi]

D5 Uruzi Nili

F3 Uruzi Efurate

G3 Uruzi Tigiri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika