Ibihugu bivugwa muri Bibiliya
IGIHE Isirayeli yari yiteguriye kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, Musa yaraseruriye Imana icipfuzo gikomeye yari afise agira ati: “Ndakwinginze, nyemerera njabuke ndābe ico gihugu ciza co hakurya ya Yorodani, n’uriya mugamba waho mwiza”.—Gus 3:25.
Kuri Musa, ivyo ntivyoshobotse, mugabo yaraduze umusozi urabana n’i Yeriko hanyuma aca yihweza ico gihugu, uhereye ‘i Gileyadi gushitsa i Dani n’igihugu c’Ubuyuda cose gushitsa ku kiyaga c’i Burengerazuba, abona n’i Negebu n’ikiyaya co kuri Yorodani’ (Gus 3:27; 34:1-4). Woba urumva ayo mazina? Woba uzi aho aherereye?
Bakeyi mu basavyi ba Yehova muri kino gihe ni bo bashoboye kugendera ibibanza basoma ivyavyo muri Bibiliya. Ntibashobora gukora ivyo Imana yabwiye Aburahamu ko yokoze, ni ukuvuga kugendura Igihugu c’Isezerano iyo kiva kikagera (It 13:14-17). Naho ari ukwo, abakirisu b’ukuri barashashaye kumenya ivyerekeye ibibanza bivugwa muri Bibiliya no kubona ukuntu bifitaniye isano hagati yavyo.
Aka gatabu kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’ ni igikoresho ushobora gukoresha kugira urushirize gutahura Ivyanditswe. Karimwo amafoto y’ibibanza vyo muri kino gihe, nka Gileyadi, aherekanwa ku gipfukisho. Harimwo mbere n’amakarata arimwo amakuru menshi ashobora gutuma urushiriza kumenya cane ibibanza bivugwa muri Bibiliya.
Ikarata iri ku rupapuro rwa 2 n’urwa 3 yerekana canecane ibihugu canke uturere nyamukuru. Nk’akarorero, umaze kubona aho Ashuri na Misiri vyari biherereye ugereranije n’Igihugu c’Isezerano, urashobora kurushiriza gutahura neza ubuhanuzi buvuga ivyo bihugu (Yes 7:18; 27:13; Hs 11:11; Mk 7:12). Akarere kitwa Igihugu c’Isezerano kari ihuriro ry’amabarabara ya kera, kandi ayandi mahanga yarondera kwiganzira imirima yako yimbuka y’ingano, y’imizabibu n’iy’imyelayo.—Gus 8:8; Abc 15:5.
Rimwe na rimwe uzoshima kugereranya amakarata. Nk’akarorero, Yona yarungitswe ku murwa mukuru wa Ashuri, ariko aca yiyuririra ubwato buja i Tarushishi (Yn 1:1-3). Woba ubona utwo turere kw’ikarata ya mbere? Mugabo ntiwitiranye Tarushishi na Taruso, aho intumwa Paulo yavukiye. Uzobona aho Taruso be n’ibindi bisagara bikomakomeye biherereye kuri iyi karata.
Umaze kubona aho Uri, Harani be na Yeruzalemu biri, nuce wiyumvira urugendo Aburahamu yagize ukuntu rwareha be n’inzira yaciyemwo mu gihe carwo. Yehova amaze kumubwira ngo ave muri Uri, yaciye agerera i Harani hanyuma abona kwimukira mu Gihugu c’Isezerano (It 11:28–12:1; Ivyk 7:2-5). Uko wiga ahavuga ngo “Igihugu ca ba sokuruza” ku rupapuro rwa 6-7, uzorushiriza kubona neza urugendo Aburahamu yagize.
Ikarata ya mbere hamwe n’iyi ubona hano, ntizerekeye igihe kanaka. Uretse izo zibiri, ayandi makarata mu bisanzwe ari mu rutonde rw’ukuntu ibihe vyakurikiranye. Ibisagara canke utundi tuntu tw’ido n’ido biri ku makarata, bijanye n’ibintu vyabaye mu kiringo kinaka. Naho Ironderero (urupapuro rwa 34-35) ridashiramwo ibibanza vyose vyavuzwe ku makarata, mu bisanzwe rirashobora kugufasha gutora amakarata yerekeye ahantu uriko urarondera.
Ikarata iri ku mpapuro zo hagati na hagati (urupapuro rwa 18-19), irimwo icegeranyo kinini c’ibisagara vyo mu Gihugu c’Isezerano. Insiguro y’ikarata izogufasha kubona vya bisagara vy’Abalewi na vya bisagara bitandatu vy’ubuhungiro wongere umenye niba ikibanza kanaka caravuzwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo, mu Vyanditswe vy’ikigiriki canke aho hompi.
Aho ibibanza bimwebimwe vyo muri Bibiliya biherereye ntihazwi muri iki gihe. Ku bw’ivyo, menshi muri ayo mazina ntari kuri iyo karata. Ntivyashobotse kandi ko igisagara cose gishirwako, nk’akarorero ibisagara vyose biri kuri rwa rutonde rw’amashamvu umuryango umwumwe wose wari warakebewe (Yos, ikig. 15-19). Yamara, usanga mu bisanzwe iyo karata irimwo ibisagara vyo mu micungararo, gutyo bigatuma ushobora kugereranya aho igisagara cari giherereye. Imice imwimwe y’indondabihugu (imisozi, inzuzi be n’imyonga) iraboneka neza, kandi ubukiruruke bw’imisozi be n’isi butaka vyerekanwa n’amabara. Utuntu nk’utwo turashobora kugufasha kwiha ishusho y’imice y’ivyabaye bivugwa muri Bibiliya.
Ayandi makuru yerekeye ibibanza vyo muri Bibiliya araboneka muri ca gitabu Étude perspicace des Écritures, kikaba kiboneka mu ndimi nyinshia. Uko ukoresha ico gitabu be n’ibindi bitabu bifasha kwiga Bibiliya, nugumize hafi aka gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’. Nuze uraraba muri ako gatabu uko wiga Ivyanditswe vyose bikugirira ikimazi cane mu buzima bwawe.—2Tm 3:16, 17.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro ku rup. 5]
IBITABU VYA BIBILIYA VYANDIKIWE
I Babiloni
I Kayisariya
I Korinto
Mu Misiri
I Efeso
I Yeruzalemu
I Makedoniya
I Mowabu
I Patimo
Mu Gihugu c’Isezerano
I Roma
I Shushani
[Ikarata ku rup. 4, 5]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ibihugu bivugwa muri Bibiliya n’ibisagara bikurubikuru
A1 UBUTALIYANO
A2 ROMA
A3 SISILE
A3 MELITA
C2 MAKEDONIYA
C2 Filipi
C2 UBUGIRIKI
C3 ATENAYI
C3 Korinto
C3 KIRETE
C4 LIBIYA
D3 Antiyokiya (h’i Pisidiya)
D3 Efeso
D3 PATIMO
D3 RODO
D4 MOFU
D5 MISIRI
E2 AZIYA NTOYA
E3 Taruso
E3 Antiyokiya (h’i Siriya)
E3 KUPURO
E4 Sidoni
E4 Damasiko
E4 Tiro
E4 Kayisariya
E4 IGIHUGU C’ISEZERANO
E4 YERUZALEMU
E4 MOWABU
E4 Kadeshi
E4 EDOMU
F3 Itongo ry’i Edeni?
F3 ASHURI
F3 Harani
F3 SIRIYA
F5 ARABIYA
G3 NINEWE
G4 BABILONI
G4 KALUDAYA
G4 Shushani
G4 Uri
H3 UBUMEDI
[Imisozi]
E5 Msz. Sinayi
G2 MSZ. ARARATI
[Amazi]
C3 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
E1 Ikiyaga Cirabura
E5 Ikiyaga Gitukura
H2 Ikiyaga Kasupiyene
H5 Ikigobe c’Abarabu
[Inzuzi]
D5 Uruzi Nili
F3 Uruzi Efurate
G3 Uruzi Tigiri