ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 14-15
  • ‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ivyo bijanye
  • Isirayeli mu gihe ca Dawidi na Salomo
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Ca Gihugu c’Isezerano
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Isirayeli n’amahanga yari ayikikuje
    ‘Raba ca gihugu ciza’
  • Yezu “mu gihugu c’Abayuda”
    ‘Raba ca gihugu ciza’
Ibindi
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 14-15

‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’

USHOBORA guca ubona aho Umusozi Tabora (F4) uherereye kw’ikarata, hakaba ari mu Bumanuko bushira Uburengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya, mu Mwonga wa Yezireli. Ihe ishusho y’ingabo 10.000 zikoraniye kw’isonga ry’umusozi. Yehova yakoresheje Umucamanza Baraki be n’umuhanuzikazi Debora kugira ngo bakoranirize hamwe Abisirayeli batere Yabina Umwami w’Umunyakanani, yari amaze imyaka 20 abacura bufuni na buhoro. Imikogote ya Yabina 900, iyariko imiheto y’ivyuma iteye ubwoba, iyobowe n’intwazangabo Sisera, yaravuye i Harosheti gushika aho uruzi Kishoni rwahora ruca, hagati ya Megido n’Umusozi Tabora.

Umucamanza Baraki yarayoboye ingabo z’Abisirayeli bamanuka mu mwonga kugira barwane n’ingabo za Sisera. Yehova yarabahaye intsinzi mu kugwisha imvura y’isegenya yatumye imikogote ya Sisera ishaya, ivyo bikaba vyarateye ubwoba Abanyakanani (Abc 4:​1–5:​31). Iyo yari intsinzi imwe gusa mu ntsinzi nyinshi Imana yahaye Abisirayeli mu gihe c’Abacamanza.

Kanani imaze kwigarurirwa, ico gihugu caciye kigaburirwa imiryango ya Isirayeli. Raba aho imiryango itandukanye itari iy’Abalewi yaba. Umuryango mutoyi w’aba Simeyoni waronse ibisagara mu karere k’Abayuda. Yosuwa amaze gupfa, iryo hanga ry’Abisirayeli ryarasubiye inyuma mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu, “bituma baja mu vyago bikomeye”, bacurwa bufuni na buhoro n’abansi babo. Yehova abigiranye imbabazi, ‘yarabahagurukirije abacamanza’, bakaba bari abagabo 12 bafise ukwizera n’umutima rugabo, barokoye Abisirayeli mu binjana bitatu.​—⁠Abc 2:​15, 16, 19.

Umucamanza Gideyoni yakoresheje ingabo 300 gusa zitwaje uturwanisho dukeyi mugabo zifise ishaka kugira ngo zineshe abarwanyi b’Abamidiyani 135.000. Barwaniye hagati y’Umusozi Gilibowa n’Umusozi More. Gideyoni amaze kuronka intsinzi ya mbere, yarakinagije umwansi amaja mu Buseruko, amushikana mu bugaragwa.​—⁠Abc 6:​1–8:​32.

Yefuta, Umunyagileyadi wo mu muryango w’aba Manase, yarabohoje ibisagara vy’Abisirayeli vyo mu Buseruko bwa Yorodani, abikura mu maboko y’Abamoni babakandamiza. Kugira ngo Yefuta ashike ku gutsinda, ashobora kuba yaciye mu nzira y’umwami, iyahuza Ramoti-gileyadi n’akarere ka Aroweri.​—⁠Abc 11:​1–12:​7.

Ibikorwa biranga ubuhizi Samusoni yakoze vyo kurwanya Abafilisitiya vyabereye mu karere ko ku nkengera y’ikiyaga kari mu micungararo y’i Gaza n’i Ashikeloni. Gaza hari haherereye mu karere karimwo amazi menshi kari kazwi cane kubera uburimyi bwaho. Samusoni yakoresheje imbwebwe 300 kugira ziyigize imirima y’ingano, imirima y’imizabibu be n’imirima y’imyelayo y’Abafilisitiya.​—⁠Abc 15:​4, 5.

Nk’uko bibonekera mu nkuru zo muri Bibiliya canke nk’uko bivugwa n’imiryango bakomokamwo, abacamanza barakoranye umwete mu Gihugu c’Isezerano. Aho ibintu vyabera hose, Yehova yaritwararika mu bihe vy’ivyago ihanga ryiwe ryigaye.

[Ikarata ku rup. 15]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Imiryango n’abacamanza

Abacamanza

1. Otiniyeli (umuryango wa Manase)

2. Ehudi (umuryango wa Yuda)

3. Shamugari (umuryango wa Yuda)

4. Baraki (umuryango wa Nafutali)

5. Gideyoni (umuryango wa Isakari)

6. Tola (umuryango wa Manase)

7. Yayiri (umuryango wa Manase)

8. Yefuta (umuryango wa Gadi)

9. Ibusani (umuryango wa Asheri)

10. Eloni (umuryango wa Zebuloni)

11. Abudoni (umuryango wa Efurayimu)

12. Samusoni (umuryango wa Yuda)

Aho imiryango yahawe (See publication)

Udusagara twegukira aba Manase

E4 Dori

E5 Megido

E5 Tanaki

F4 Endori

F5 Beti-sheyani (Beti-shani)

F5 Ibuleyamu (Gati-rimoni)

Udusagara twegukira aba Simeyoni

C9 Sharuheni (Shayarayimu) (Shiluhimu)

C10 Beti-lebayoti (Beti-biri)

D8 Eteri (Tokeni)

D9 Sikulagi

D9 Ayini

D9 Hasari-susa?

D9 Ashanu(i)

D9 Beri-sheba

D10 Hasari-shuwali

E9 Etamu

E9 Beti-marakaboti

E9 Betuweli? (Kesili?)

E9 Sheba? (Yeshuwa)

E10 Balati-beri (Bayali)

E10 Esemu

Ibisagara vy’ubuhungiro vy’Abalewi

E8 Heburoni

F3 Kedeshi

F6 Shekemu

H4 Golani

H5 Ramoti-gileyadi

H8 Beseri

Amabarabara makurumakuru

B10 Inzira yo ku mazi

G10 Inzira y’umwami

Imiryango ya Isirayeli

DANI (D7)

D7 Yopa

E8 Sora

YUDA (D9)

C8 Ashikeloni

C9 Gaza

C9 Sharuheni (Shayarayimu) (Shiluhimu)

C10 Beti-lebayoti (Beti-biri)

C12 Asimoni

C12 Kadeshi

D7 Yabuneli

D8 Eteri (Tokeni)

D9 Sikulagi

D9 Ayini

D9 Hasari-susa?

D9 Ashanu(i)

D9 Beri-sheba

D10 Hasari-shuwali

E8 Lehi

E8 Betelehemu

E8 Heburoni

E9 Etamu

E9 Beti-marakaboti

E9 Betuweli? (Kesili?)

E9 Sheba? (Yeshuwa)

E10 Balati-beri (Bayali)

E10 Esemu

F8 Yeruzalemu

ASHERI (E3)

E2 Tiro

E4 Harosheti

E4 Dori

F1 Sidoni

MANASE (E5)

E6 Shamiri (Samariya)

E6 Piratoni

F6 Shekemu

G5 Abeli-mehola

EFURAYIMU (E7)

E7 Timunati-sera

F6 Tapuwa

F6 Shilo

F7 Beteli (Luzi)

NAFUTALI (F3)

F2 Beti-anati

F3 Kedeshi

G3 Hasori

ZEBULONI (F4)

E4 Betelehemu

ISAKARI (F5)

E5 Megido

E5 Kedeshi (Kishiyoni)

E5 Tanaki

F4 Endori

F5 Betishita

F5 Beti-sheyani (Beti-shani)

F5 Ibuleyamu (Gati-rimoni)

BENYAMINI (F7)

F7 Gilugali

DANI (G2)

G2 Dani (Layishi)

MANASE (H3)

H4 Golani

REYUBENI (H8)

G7 Heshiboni

G9 Aroweri

H7 Miniti

H8 Beseri

GADI (I6)

G6 Sukoti

G6 Peniyeli

G6 Misipa (Misipe)

G7 Yogibeha

H5 Ramoti-gileyadi

H7 Raba

H7 Abeli-keramimu

[Other locations]

I1 Damasiko

[Imosozi]

F4 Msz. Tabora

F4 More

F6 Msz. Ebalu

F5 Msz. Gilibowa

F6 Msz. Gerizimu

[Amazi]

C5 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)

F9 Ikiyaga c’Umunyu

G4 Ikiyaga c’i Galilaya

[Inzuzi and streams]

B11 Mwg. wa Misiri

F6 Uruzi Yorodani

G6 Mwg. Yaboki

G9 Mwg. Arunoni

G11 Mwg. Zeredi

[Ifoto ku rup. 14]

Umusozi Tabora wo mu karere k’Abisakari, wari hejuru y’Umwonga wa Yezireli

[Ifoto ku rup. 14]

Uruzi Kishoni rwari rwasheshe, rwatumye imikogote ya Sisera ishaya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika