‘Igihe Yehova yahagurutsa abacamanza’
USHOBORA guca ubona aho Umusozi Tabora (F4) uherereye kw’ikarata, hakaba ari mu Bumanuko bushira Uburengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya, mu Mwonga wa Yezireli. Ihe ishusho y’ingabo 10.000 zikoraniye kw’isonga ry’umusozi. Yehova yakoresheje Umucamanza Baraki be n’umuhanuzikazi Debora kugira ngo bakoranirize hamwe Abisirayeli batere Yabina Umwami w’Umunyakanani, yari amaze imyaka 20 abacura bufuni na buhoro. Imikogote ya Yabina 900, iyariko imiheto y’ivyuma iteye ubwoba, iyobowe n’intwazangabo Sisera, yaravuye i Harosheti gushika aho uruzi Kishoni rwahora ruca, hagati ya Megido n’Umusozi Tabora.
Umucamanza Baraki yarayoboye ingabo z’Abisirayeli bamanuka mu mwonga kugira barwane n’ingabo za Sisera. Yehova yarabahaye intsinzi mu kugwisha imvura y’isegenya yatumye imikogote ya Sisera ishaya, ivyo bikaba vyarateye ubwoba Abanyakanani (Abc 4:1–5:31). Iyo yari intsinzi imwe gusa mu ntsinzi nyinshi Imana yahaye Abisirayeli mu gihe c’Abacamanza.
Kanani imaze kwigarurirwa, ico gihugu caciye kigaburirwa imiryango ya Isirayeli. Raba aho imiryango itandukanye itari iy’Abalewi yaba. Umuryango mutoyi w’aba Simeyoni waronse ibisagara mu karere k’Abayuda. Yosuwa amaze gupfa, iryo hanga ry’Abisirayeli ryarasubiye inyuma mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu, “bituma baja mu vyago bikomeye”, bacurwa bufuni na buhoro n’abansi babo. Yehova abigiranye imbabazi, ‘yarabahagurukirije abacamanza’, bakaba bari abagabo 12 bafise ukwizera n’umutima rugabo, barokoye Abisirayeli mu binjana bitatu.—Abc 2:15, 16, 19.
Umucamanza Gideyoni yakoresheje ingabo 300 gusa zitwaje uturwanisho dukeyi mugabo zifise ishaka kugira ngo zineshe abarwanyi b’Abamidiyani 135.000. Barwaniye hagati y’Umusozi Gilibowa n’Umusozi More. Gideyoni amaze kuronka intsinzi ya mbere, yarakinagije umwansi amaja mu Buseruko, amushikana mu bugaragwa.—Abc 6:1–8:32.
Yefuta, Umunyagileyadi wo mu muryango w’aba Manase, yarabohoje ibisagara vy’Abisirayeli vyo mu Buseruko bwa Yorodani, abikura mu maboko y’Abamoni babakandamiza. Kugira ngo Yefuta ashike ku gutsinda, ashobora kuba yaciye mu nzira y’umwami, iyahuza Ramoti-gileyadi n’akarere ka Aroweri.—Abc 11:1–12:7.
Ibikorwa biranga ubuhizi Samusoni yakoze vyo kurwanya Abafilisitiya vyabereye mu karere ko ku nkengera y’ikiyaga kari mu micungararo y’i Gaza n’i Ashikeloni. Gaza hari haherereye mu karere karimwo amazi menshi kari kazwi cane kubera uburimyi bwaho. Samusoni yakoresheje imbwebwe 300 kugira ziyigize imirima y’ingano, imirima y’imizabibu be n’imirima y’imyelayo y’Abafilisitiya.—Abc 15:4, 5.
Nk’uko bibonekera mu nkuru zo muri Bibiliya canke nk’uko bivugwa n’imiryango bakomokamwo, abacamanza barakoranye umwete mu Gihugu c’Isezerano. Aho ibintu vyabera hose, Yehova yaritwararika mu bihe vy’ivyago ihanga ryiwe ryigaye.
[Ikarata ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Imiryango n’abacamanza
Abacamanza
1. Otiniyeli (umuryango wa Manase)
2. Ehudi (umuryango wa Yuda)
3. Shamugari (umuryango wa Yuda)
4. Baraki (umuryango wa Nafutali)
5. Gideyoni (umuryango wa Isakari)
6. Tola (umuryango wa Manase)
7. Yayiri (umuryango wa Manase)
8. Yefuta (umuryango wa Gadi)
9. Ibusani (umuryango wa Asheri)
10. Eloni (umuryango wa Zebuloni)
11. Abudoni (umuryango wa Efurayimu)
12. Samusoni (umuryango wa Yuda)
Aho imiryango yahawe (See publication)
Udusagara twegukira aba Manase
E4 Dori
E5 Megido
E5 Tanaki
F4 Endori
F5 Beti-sheyani (Beti-shani)
F5 Ibuleyamu (Gati-rimoni)
Udusagara twegukira aba Simeyoni
C9 Sharuheni (Shayarayimu) (Shiluhimu)
C10 Beti-lebayoti (Beti-biri)
D8 Eteri (Tokeni)
D9 Sikulagi
D9 Ayini
D9 Hasari-susa?
D9 Ashanu(i)
D9 Beri-sheba
D10 Hasari-shuwali
E9 Etamu
E9 Beti-marakaboti
E9 Betuweli? (Kesili?)
E9 Sheba? (Yeshuwa)
E10 Balati-beri (Bayali)
E10 Esemu
Ibisagara vy’ubuhungiro vy’Abalewi
E8 Heburoni
F3 Kedeshi
F6 Shekemu
H4 Golani
H5 Ramoti-gileyadi
H8 Beseri
Amabarabara makurumakuru
B10 Inzira yo ku mazi
G10 Inzira y’umwami
Imiryango ya Isirayeli
DANI (D7)
D7 Yopa
E8 Sora
YUDA (D9)
C8 Ashikeloni
C9 Gaza
C9 Sharuheni (Shayarayimu) (Shiluhimu)
C10 Beti-lebayoti (Beti-biri)
C12 Asimoni
C12 Kadeshi
D7 Yabuneli
D8 Eteri (Tokeni)
D9 Sikulagi
D9 Ayini
D9 Hasari-susa?
D9 Ashanu(i)
D9 Beri-sheba
D10 Hasari-shuwali
E8 Lehi
E8 Betelehemu
E8 Heburoni
E9 Etamu
E9 Beti-marakaboti
E9 Betuweli? (Kesili?)
E9 Sheba? (Yeshuwa)
E10 Balati-beri (Bayali)
E10 Esemu
F8 Yeruzalemu
ASHERI (E3)
E2 Tiro
E4 Harosheti
E4 Dori
F1 Sidoni
MANASE (E5)
E6 Shamiri (Samariya)
E6 Piratoni
F6 Shekemu
G5 Abeli-mehola
EFURAYIMU (E7)
E7 Timunati-sera
F6 Tapuwa
F6 Shilo
F7 Beteli (Luzi)
NAFUTALI (F3)
F2 Beti-anati
F3 Kedeshi
G3 Hasori
ZEBULONI (F4)
E4 Betelehemu
ISAKARI (F5)
E5 Megido
E5 Kedeshi (Kishiyoni)
E5 Tanaki
F4 Endori
F5 Betishita
F5 Beti-sheyani (Beti-shani)
F5 Ibuleyamu (Gati-rimoni)
BENYAMINI (F7)
F7 Gilugali
DANI (G2)
G2 Dani (Layishi)
MANASE (H3)
H4 Golani
REYUBENI (H8)
G7 Heshiboni
G9 Aroweri
H7 Miniti
H8 Beseri
GADI (I6)
G6 Sukoti
G6 Peniyeli
G6 Misipa (Misipe)
G7 Yogibeha
H5 Ramoti-gileyadi
H7 Raba
H7 Abeli-keramimu
[Other locations]
I1 Damasiko
[Imosozi]
F4 Msz. Tabora
F4 More
F6 Msz. Ebalu
F5 Msz. Gilibowa
F6 Msz. Gerizimu
[Amazi]
C5 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
F9 Ikiyaga c’Umunyu
G4 Ikiyaga c’i Galilaya
[Inzuzi and streams]
B11 Mwg. wa Misiri
F6 Uruzi Yorodani
G6 Mwg. Yaboki
G9 Mwg. Arunoni
G11 Mwg. Zeredi
[Ifoto ku rup. 14]
Umusozi Tabora wo mu karere k’Abisakari, wari hejuru y’Umwonga wa Yezireli
[Ifoto ku rup. 14]
Uruzi Kishoni rwari rwasheshe, rwatumye imikogote ya Sisera ishaya