Isirayeli mu gihe ca Dawidi na Salomo
IMANA yasezeranye guha urubuto rwa Aburamu igihugu ‘gihera ku ruzi rwo mu Misiri, gushika ku ruzi . . . Efurate’ (It 15:18; Kv 23:31; Gus 1:7, 8; 11:24). Yosuwa amaze kwinjira i Kanani, haraciye nk’ibinjana bine kugira ngo Igihugu c’Isezerano gishikire izo mbibe.
Umwami Dawidi yarigaruriye ubwami bw’Abaharameya bw’i Zoba, ubwashika kuri Efurate, mu Buraruko bwa Siriyaa. Mu Bumanuko, Dawidi yaranesheje Abafilisitiya bituma yagura akarere gushika ku rubibe rwa Misiri.—2Sm 8:3; 1Ng 18:1-3; 20:4-8; 2Ng 9:26.
Salomo yaciye atwara “uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa [Misiri]”, ivyo bikaba vyari igitutu c’ubutegetsi burangwa amahoro bwa Mesiya (1Abm 4:21-25; 8:65; 1Ng 13:5; Zb 72:8; Zk 9:10). Naho ari ukwo, akarere Isirayeli yigaruriye, mu bisanzwe vyavugwa ko ‘kahera i Dani kagashika i Beri-sheba’.—2Sm 3:10; 2Ng 30:5.
Umwami Salomo yaragambarariye Imana, yirundaniriza amafarasi n’imikogote (Gus 17:16; 2Ng 9:25). Ayo mafarasi n’imikogote yabicishije mu runyurangane rw’amabarabara be n’inzira z’ibirari (Yos 2:22; 1Abm 11:29; Yes 7:3; Mt 8:28). Makeyi muri ayo gusa ni yo tuzi amakuru y’ido n’ido ayerekeye, nk’ “inzira iva i Beteli ija i Shekemu, i bumanuko bg’i Lebona”.—Abc 5:6; 21:19.
Igitabu kimwe kivuga ivy’amabarabara be n’inzira z’ibirari vyo muri Isirayeli ya kera (The Roads and Highways of Ancient Israel), kigira giti: “Ingorane iboneka ko ihambaye cane mu bijanye n’ukugira itohoza ry’urunyurangane rw’amabarabara ya Isirayeli ya kera, ni uko ata makanda agaragara y’amabarabara y’ico gihugu yo mu gihe c’Isezerano rya Kera akiriho, kubera yuko [muri ico gihe] ayo mabarabara atari ashashemwo amabuye”. Yamara, itohoza rijanye n’imimerere y’ahantu be n’ibisigarira vyacukuwe vy’ibisagara birerekana aho amabarabara menshi yaca.
Akenshi amabarabara yarafasha ingabo kumenya iyo zijana (1Sm 13:17, 18; 2Abm 3:5-8). Kugira Abafilisitiya batere Isirayeli, bavuye i Ekuroni n’i Gati baja mu karere kari “hagati y’i Sokoho n’i Azeka”. Ingabo za Sauli zabasanze ngaho, “ku mwonga Ela”. Dawidi amaze kwica Goliyati, Abafilisitiya baciye bahunga basubira i Gati n’i Ekuroni, Dawidi na we aca aduga i Yeruzalemu.—1Sm 17:1-54.
Lakishi (D10), Azeka (D9) be na Beti-shemeshi (D9) vyari ku mabarabara y’inyamo yaca i Shefela akagenda yerekeza mu mirambi y’Ubuyuda. Gutyo, ivyo bisagara vyari ahantu heza umuntu yashobora gutangirira abansi baciye mu nzira yo ku mazi kugira ntibaze hagati na hagati mu gihugu c’Abisirayeli.—1Sm 6:9, 12; 2Abm 18:13-17.
[Akajambo k’epfo]
a Akarere k’aba Reyubeni kashika mu Bugaragwa bw’i Siriya, ku mpera yo mu Buseruko yabwo hakaba hari Efurate.—1Ng 5:9, 10.
[Uruzitiro ku rup. 16]
IBITABU VYA BIBILIYA VYO MURI ICO KIRINGO:
1 na 2 Samweli
Zaburi (igice)
Imigani (igice)
Indirimbo ya Salomo
Umusiguzi
[Amakarata ku rup. 17]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Akarere be n’amabarabara mu gihe Ubwami butari bwigabure
Imbibe (Mu gihe ca Salomo)
Tifusa
Hamati
Tadumori
Berotayi (Kuni?)
Sidoni
Damasiko
Tiro
Dani
Yeruzalemu
Gaza
Aroweri
Beri-sheba
Tamari
Esiyoni-geberi
Elati (Eloti)
[Inzuzi and streams]
Efurate
Mwg. wa Misiri
Dawidi na Salomo (roads)
B10 Gaza
C8 Yopa
C9 Ashidodi
C10 Ashikeloni
C11 Sikulagi
C12 UBUGARAGWA BW’I PARANI
D5 Dori
D6 Heferi
D8 Afeka
D8 Rama
D9 Shalubimu
D9 Gezeri
D9 Makasi
D9 Ekuroni
D9 Beti-shemeshi
D9 Gati
D9 Azeka
D10 Sokoho
D10 Adulamu
D10 Keyila
D10 Lakishi
D11 Yatira
D12 Beri-sheba
E2 Tiro
E4 Kabuli
E5 Yokineyamu (Yokimeyamu?)
E5 Megido
E6 Tanaki
E6 Aruboti
E7 Piratoni
E8 Lebona
E8 Sereda
E8 Beteli
E9 Beti-horoni ho hepfo
E9 Beti-horoni ho haruguru
E9 Geba
E9 Gibeyoni
E9 Gibeya
E9 Kireyati-yeyarimu
E9 Nobu
E9 Bayali-perasimu
E9 Yeruzalemu
E9 Betelehemu
E10 Tekowa
E10 Heburoni
E11 Zifu
E11 Horeshi?
E11 Karumeli
E11 Mayoni
E11 Eshitemowa
F5 Endori
F5 Shunemu
F5 Yezireli
F6 Beti-sheyani
F7 Tirusa
F7 Shekemu
F8 Saretani
F8 Shilo
F8 Ofura?
F9 Yeriko
F11 Eni-gedi
G2 Abeli-beti-mayaka
G2 Dani
G3 Hasori
G3 MAYAKA
G5 Lo-debari (Debira)
G5 Rogelimu
G6 Abeli-mehola
G7 Sukoti
G7 Mahanayimu
H1 SIRIYA
H4 GESHURI
H6 Ramoti-gileyadi
H8 Raba
H9 Medeba
H11 Aroweri
H12 MOWABU
I4 Helamu?
I9 AMONI
[Main Roads]
C10 Inzira yo ku mazi
H6 Inzira y’umwami
[Imosozi]
F5 Msz. Gilibowa
[Amazi]
C8 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
F10 Ikiyaga c’Umunyu
G4 Ikiyaga c’i Galilaya
[Spring or well]
E9 Eni-rogeli
[Amafoto ku rup. 16]
Iburyo: Umwonga Ela, uravye amaja mu Buseruko mu mirambi y’i Buyuda
Munsi: Urunyurangane rw’amabarabara rwatuma umuntu ashobora kugendagenda mu Gihugu c’Isezerano