‘Kugira ngo ntimuje mu mosha mabi’
“Ni mube maso, musenge, [kugira ngo] ntimuje mu mosha mabi”.—MATAYO 26:41.
YARI mu mukazo ukomeye, umukazo ata ho usa usana n’uwari warigeze kumushikira. Yezu Kirisitu, Umwana w’Imana, yari yegereje iherezo ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. Yezu yari azi yuko vuba yofashwe, agacirwa urwo gupfa, hanyuma akamanikwa ku giti co kubabarizwako. Yari azi yuko ingingo zose yari gufata be n’ivyo yari gukora vyose vyogize ico bikoze kw’izina rya Se. Yezu yari azi kandi yuko ivyizigiro vy’umuryango w’abantu vyo kuzobaho muri kazoza vyari kuhakirira canke bikahapfira. Igihe yari muri uwo mukazo wose none, yakoze iki?
2 Yezu yagiye mw’itongo ry’i Getsemane ari kumwe n’abigishwa biwe. Aho hari ahantu yakunda cane. Bashitseyo, yaravuye mu bigishwa biwe, yunguruza imbere gatoya. Ari wenyene, yarituye Se wiwe wo mw’ijuru amusaba inkomezi, amuserurira akari ku mutima mu kumutura isengesho n’ubwira bwinshi, atari rimwe gusa, mugabo gatatu kose. Naho ata gasembwa yari afise, Yezu ntiyiyumviriye yuko yari gushobora guhangana n’uwo mukazo ata wumufashije.—Matayo 26:36-44.
3 Muri iki gihe, na twebwe nyene turi mu mukazo. Mu mpapuro za mbere z’aka gatabu, twararimbuye ibintu bigaragaza yuko tubayeho mu misi ya nyuma y’uru runkwekwe rw’ibintu rubi. Inyosha mbi be n’imikazo biterwa n’isi ya Shetani biriko birushiriza kwongerekana. Ingingo umwumwe wese muri twebwe avuga ko asukurira Imana y’ukuri afata be n’ibikorwa akora, biragira ico bikoze kw’izina ry’Imana kandi bikagira akosho gakomeye ku vyizigiro dufise vyo kuzoba mw’isi nshasha yayo. Turakunda Yehova. Twipfuza ‘kwihagana gushitsa kw’iherezo’, ryaba ari iherezo ry’ubuzima bwacu canke iry’uru runkwekwe, iryo ari ryo ryose ryoshika ubwa mbere (Matayo 24:13). Ariko none dushobora gute kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa kandi tukama tugavye?
4 Kubera ko Yezu yari azi yuko abigishwa biwe, abo mu gihe ca kera n’abo muri iki gihe, na bo nyene boshikiwe n’imikazo, yabahimirije ati: “Ni mube maso, musenge, [kugira ngo] ntimuje mu mosha mabi” (Matayo 26:41). Ayo majambo asobanura iki kuri twebwe muri iki gihe? Ni inyosha mbi izihe uhangana na zo? Kandi ushobora gute ‘kuguma uri maso’ canke kwama ugavye?
Ni ibitwosha gukora iki?
5 Twese turahangana ku musi ku musi n’ibintu bitwosha kwirekerana ngo tugwe mu “mutego wa wa Murwanizi” (2 Timoteyo 2:26). Bibiliya itugabisha yuko Shetani yagiye aratera canecane abasavyi ba Yehova (1 Petero 5:8; Ivyahishuriwe 12:12, 17). Ku bw’iyihe ntumbero? Si ngombwa ngo ibe iyo kutwica. Shetani ntiyoba aronse intsinzi turamutse dupfuye turi abizerwa ku Mana. Shetani arazi yuko Yehova azokuraho urupfu biciye kw’izuka igihe yashinze nicagera.—Luka 20:37, 38.
6 Shetani ashaka gusenyura ikintu mbere gihambaye kuruta ubuzima dufise ubu, na co kikaba ari ukutadohoka kwacu ku Mana. Shetani arita ku rutare kugira ngo agaragaze yuko ashobora kudukura kuri Yehova. Ku bw’ico, bishobotse ko twoshwa tugahemuka, ni ukuvuga tugaheba kwamamaza inkuru nziza canke tugaheba kubaho twisunga ingingo mfatirwako zigenga abakirisu, Shetani yoba atsinze (Abanyefeso 6:11-13)! Ni co gituma uwo “Mugeragezi” ashira inyosha mbi imbere yacu.—Matayo 4:3.
7 “Amayeri y’uruhendo” ya Shetani usanga atandukanye (Abanyefeso 6:11, Jewish New Testament). Yoshobora kutwosha akoresheje amaronko, ugutinya, ugukekeranya canke ukwironderera ibinezereza. Mugabo bumwe mu buryo akoresha bukamugendera neza cane ni ugucika intege. Bwa muntu w’umunyarwenge atagisha akaryo na kamwe, arazi yuko ukwihebura gushobora gutuma tugoyagoya, bigatuma turushiriza gukarirwa n’inyosha mbi (Imigani 24:10). Rero, igihe canecane ‘twajanjaguritse’ umutima, aratwosha ngo duteshwe dute.—Zaburi 38:8.
8 Uko turushiriza gucokera mu misi y’iherezo, biboneka yuko ibintu bituma abantu bacika intege bitera vyongerekana, kandi ntitwatewe urucanco rudukingira ivyo bintu (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ibintu bimwebimwe bituma umuntu acika intege”.). Ugucika intege kwaba gutewe n’iki, kurashobora gutuma inkomezi zacu zigabanuka. ‘Kugura uburyo ubugwiza’ ari kwo kwicungurira umwanya ubereye ku bw’ibintu ubwirizwa gukora mu vy’impwemu, aho hakaba harimwo kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kugira uruhara mu busuku, birashobora kuba urugamba mu gihe urushe ku mubiri, mu bwenge no mu mutima (Abanyefeso 5:15, 16). Uribuka yuko Umugerageji ashaka ko woteshwa ugata. Mugabo iki si igihe co guhororokerwa canke co kureka kubona yuko ibintu vyihutirwa ku vyerekeye ibihe tubayemwo (Luka 21:34-36)! Ushobora gute kunanira inyosha mbi no kuguma ugavye? Rimbura ibintu bine ugiriwe inama bishobora gufasha.
‘Nushishikare gusenga’
9 Niwiheke kuri Yehova biciye kw’isengesho. Niwibuke ka karorero ka Yezu igihe yari mw’itongo ry’i Getsemane. None igihe yari mu mukazo ukomeye, yakoze iki? Yarituye Yehova amusaba imfashanyo, asengana ubwira bwinshi gushika n’aho “icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi” (Luka 22:44). Vyiyumvire. Yezu yari azi Shetani neza. Yezu yari yarihweje ari mw’ijuru inyosha mbi zose Shetani akoresha mu twigoro twiwe two gutega abasavyi b’Imana. Yamara, Yezu ntiyiyumvira yuko yari gushobora kunanira bitamugoye inyosha mbi iyo ari yo yose wa Mugerageji yari kumushira imbere. Nimba Umwana w’Imana atagira agasembwa yarabona ko akeneye gusenga asaba imfashanyo be n’inkomezi biva ku Mana, wumva none twebwe tudakwiye kurushiriza kubigira gutyo!—1 Petero 2:21.
10 Uribuka kandi yuko Yezu amaze guhimiriza abigishwa biwe gushishikara ‘gusenga’ yavuze ati: “Umutima ni wo ukunze, arik’umubiri ufise intege nke” (Matayo 26:41). Yezu yariko avuga umubiri wa nde? Nta nkeka ko atariko avuga uwiwe. Nta bugoyagoye namba bwari mu mubiri wiwe w’umuntu utagira agasembwa (1 Petero 2:22). Mugabo si uko vyari bimeze ku bigishwa biwe. Kubera agasembwa be n’impengamiro zo gukora icaha bari bararazwe, bokeneye mu buryo budasanzwe gufashwa kugira ngo bananire inyosha mbi (Abaroma 7:21-24). Ico ni co catumye ahimiriza abo bigishwa biwe, be n’abobaye abakirisu b’ukuri bose inyuma yabo, gusenga basaba imfashanyo yo guhangana n’inyosha mbi (Matayo 6:13). Yehova arishura mwene ayo masengesho (Zaburi 65:2). Uti gute? N’imiburiburi mu buryo bubiri.
11 Ubwa mbere, Imana iradufasha kumenya inyosha mbi. Inyosha mbi za Shetani zimeze nk’imitego ikwiragijwe mu nzira iri mu mwiza. Mu gihe utayibonye, woshobora kuyigwamwo. Yehova abicishije kuri Bibiliya no ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, arashira ahabona imitego ya Shetani, gutyo agatuma dushobora kwirinda gutwarwa n’inyosha mbi. Mu myaka n’iyindi, ibisohokayandikiro bicapuwe be n’amaporogarama y’amahwaniro n’ay’amateraniro vyaratugabishije incuro nyinshi ku ngeramizi zimwezimwe nk’ugutinya abantu, ubushegabo, uguhahamira amaronko be n’izindi nyosha mbi ziva kuri Shetani (Imigani 29:25; 1 Ab’i Korinto 10:8-11; 1 Timoteyo 6:9, 10). Ntukurira ubwatsi none Yehova kubona atugabisha ku migabo ya Shetani (2 Ab’i Korinto 2:11)? Mwene izo ngabisho zose ni inyishu ku masengesho utura usaba imfashanyo kugira unanire inyosha mbi.
12 Ubugira kabiri, Yehova arishura amasengesho yacu mu kuduha inkomezi zo kwihanganira inyosha mbi. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Imana . . . ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo” (1 Ab’i Korinto 10:13). Imana ntizokwigera ireka ngo inyosha mbi kanaka iturengere rwose gushika n’aho tubura inkomezi zo mu vy’impwemu zo kuyinanira nitwashishikara kuyihekako. None “[idu]cira icanzo” gute? ‘Iraha impwemu yera abayiyisavye’ (Luka 11:13). Iyo mpwemu yoshobora kudufasha kwibuka ingingo ngenderwako za Bibiliya zishobora gukomeza umwiyemezo twafashe wo gukora ibigororotse kandi ikadufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi (Yohana 14:26; Yakobo 1:5, 6). Irashobora kudufasha kugaragaza kamere nyene dukeneye kugira ngo dutsinde impengamiro mbi (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Impwemu y’Imana yoshobora mbere gutuma abo dusangiye ukwemera ‘batubera imfashanyo ikomeza’ (Ab’i Kolosayi 4:11, NW). Ntukenguruka none kubona Yehova yishura muri mwene ubwo buryo buranga urukundo amasengesho umutura umusaba imfashanyo?
Ntiwitege ibidashoboka
13 Kugira ngo twame tugavye, turakeneye kwirinda kwitega ibidashoboka. Bitumwe n’imikazo yo mu buzima, birashika twese tugacika intege. Mugabo dutegerezwa kwibuka yuko Imana itigeze isezerana yuko twogize ubuzima butarimwo ingorane muri uru runkwekwe rushaje. Mbere no mu bihe vya Bibiliya, abasavyi b’Imana barashikirwa n’ivyago, ushizemwo n’uruhamo, ubukene, intimba hamwe n’indwara.—Ivyakozwe 8:1; 2 Ab’i Korinto 8:1, 2; 1 Ab’i Tesalonike 5:14; 1 Timoteyo 5:23.
14 Muri iki gihe, na twebwe nyene turashikirwa n’ingorane. Twoshobora gushikirwa n’uruhamo, tukagira imyitwarariko mu vy’amahera, tukanyinyana n’intimba, tukarwara canke tugacumukura mu bundi buryo. Hamwe Yehova yoza aradukingira ku gitangaro ikintu cose kibabaje codushikira, Shetani ntiyoca none afatiraho mu gutuka Yehova (Imigani 27:11)? Yehova arareka abasavyi biwe bagashikirwa n’inyosha mbi be n’ibigeragezo, mbere mu bihe bimwebimwe bigashika n’aho bicwa bivuye ku bikorwa vy’ababarwanya.—Yohana 16:2.
15 Ni igiki none Yehova yasezeranye? Nk’uko twamaze kubivuga, yasezeranye yuko azotuma dushobora kunanira inyosha mbi iyo ari yo yose twoshobora guhura, dukire gusa kumwizigira n’umutima wacu wose (Imigani 3:5, 6). Biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, aradukingira mu buryo bw’impwemu, akadufasha kurinda ubucuti dufitaniye na we. Ubwo bucuti bugumye butononekaye, naho vyoshika tugapfa, tuba dutsinze. Nta kintu na kimwe, eka mbere n’urupfu, gishobora kubuza Imana guha impera abasavyi bayo b’abizerwa (Abaheburayo 11:6). N’ikindi kandi, mw’isi nshasha ubu yegereje, Yehova ntazobura gushitsa imihango yose isigaye mu mihango myiza igitangaza yatanze yo guhezagira abamukunda.—Zaburi 145:16.
Uribuka vya bibazo
16 Kugira ngo twihangane gushitsa kw’iherezo, dutegerezwa kwibuka vya bibazo bihambaye vyatumye Imana ireka ubukozi bw’ikibi bukabandanya. Nimba rimwe na rimwe ingorane zacu bwite ziboneka nk’aho umenga ziraturengeye ku buryo twumva twoteshwa tugata, vyoba vyiza twiyibukije yuko Shetani yahigishije ivy’uko Yehova ari we akwiriye kuba Segaba. Uwo Muhendanyi yarakekeranije kandi ivy’uko abasavyi b’Imana bashobora kuyiyobokera no kuguma ari intadohoka kuri yo (Yobu 1:8-11; 2:3, 4). Ivyo bibazo be n’uburyo Yehova yahisemwo kubitorera umuti birahambaye kuruta uwo ari we wese muri twebwe. Uti gute?
17 Ukuba Imana yabaye iraretse amagume vyatumye abandi baronka akaryo ko kwakira ukuri. Zirikana kuri iki kintu: Yezu yaracumukuye kugira ngo dushobore kuronka ubuzima (Yohana 3:16). None ntidukura ubwatsi ku bw’ico kintu? Mugabo none, twoba dufise umutima ukunze wo kwihanganira amagume kandi gatoyi kugira ngo n’abandi bashobore kuronka ubuzima? Kugira ngo twihangane gushitsa kw’iherezo, dutegerezwa kwemera icese yuko ubukerebutsi bwa Yehova buruta kure n’iyo ubwacu (Yesaya 55:9). Azorangiza ubukozi bw’ikibi igihe kigeze c’uko atorera umuti ivyo bibazo rimwe rizima kandi ku bw’ineza yacu y’ibihe bidahera. Tuvugishije ukuri, wumva none hari ukundi yokora? Imana ntirenganya!—Abaroma 9:14-24.
“Mwiyegereze Imana”
18 Kugira ngo tugume tubona ko ibintu vyihutirwa, turakeneye kuguma twiyegereje Yehova. Ntitwigere twibagira yuko Shetani ariko akora ivyo ashoboye vyose kugira ngo asambure ubucuti bwiza dufitaniye na Yehova. Shetani ashaka ko twemera yuko umuhero utazokwigera uza be n’uko kwamamaza inkuru nziza canke kubaho twisunga ingingo mfatirwako za Bibiliya ata co bimaze. Mugabo ni “umunyabinyoma, kand[i ni] we se wavyo” (Yohana 8:44). Dutegerezwa kwiyemeza “[k]urwany[a uwo] Murwanizi”. Ubucuti dufitaniye na Yehova ni ikintu tudakwiye kwigera dufata minenegwe. Bibiliya iduhimiriza mu buryo buranga urukundo iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra” (Yakobo 4:7, 8). Ushobora gute kurushiriza kwiyegereza Yehova?
19 Kuzirikana ujanisha n’isengesho birahambaye. Igihe imikazo yo mu buzima isa n’iyikurengeye, nusuke ibiri mu mutima wawe imbere ya Yehova. Uko urushiriza kuba uwudomako, ni ko bizorushiriza kworoha kubona inyishu atanga ku vyo umusaba. Hari aho iyo nyishu itokwama ihuye neza na neza n’iyo wari ufise ku muzirikanyi, mugabo nimba icipfuzo cawe ari ico kumuninahaza no kuguma uri intadohoka, azokuronsa imfashanyo ukeneye kugira ngo ushobore kwihangana (1 Yohana 5:14). Uko ubona yuko akurongora mu buzima bwawe, uzorushiriza kumwiyegereza. Gusoma ivyerekeye kamere za Yehova be n’inzira ziwe nk’uko bihishurwa muri Bibiliya hamwe no kubizirikanako, na vyo nyene birahambaye. Bene ukwo kuzirikana kuragufasha kumumenya neza kuruta; kuragushwangamura umutima kandi kugatuma urukundo umukunda rurushiriza kwongerekana (Zaburi 19:14). N’ikindi kandi, kuruta ikindi kintu cose, urwo rukundo ruzogufasha kunanira inyosha mbi no kwama ugavye.—1 Yohana 5:3.
20 Kugira ngo tugume twiyegereje Yehova, birahambaye kandi ko tuguma twiyegereje abo dusangiye ukwizera. Ivyo ni vyo biganirwako mu gihimba ca nyuma c’aka gatabu.
IBIBAZO VY’INYIGISHO
• Yezu yakoze iki igihe yari mu mukazo ukomeye ari mu kurangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi, kandi yahimirije abigishwa biwe gukora iki? (Ing. 1-4)
• Ni kubera iki Shetani yagiye aratera canecane abasavyi ba Yehova, kandi ni mu buryo butandukanye ubuhe agerageza kutwosha nabi? (Ing. 5-8)
• Kugira ngo tunanire inyosha mbi, ni kubera iki dutegerezwa gushishikara gusenga (Ing. 9-12), kwirinda kwitega ibidashoboka (Ing. 13-15), kwibuka vya bibazo (Ing. 16-17), no ‘kwiyegereza Imana’ (Ing. 18-20)?
[Uruzitiro ku rup. 25]
Ibintu bimwebimwe bituma umuntu acika intege
Amagara/ubusaza. Iyo turwaye indwara idakira canke iyo ukuba twitereye mu myaka bituma haba ivyo tudashobora gukora, twoshobora kwihebura kubera ko tudashobora gukora vyinshi mu gusukurira Imana.—Abaheburayo 6:10.
Ukuvunika umutima. Twoshobora kuvunika umutima mu gihe tubona abantu bitabira buhoro utwigoro tugira mu kwamamaza Ijambo ry’Imana.—Imigani 13:12.
Kwumva ko ata gaciro ufise. Kubera imyaka myinshi umuntu aba yaramaze afatwa nabi, yoshobora gushika ku ciyumviro c’uko ata wumukunda, mbere ko na Yehova atamukunda.—1 Yohana 3:19, 20.
Akababaro. Mu gihe umuntu kanaka yababajwe bimwe bigera kure n’uwo basangiye ukwizera, yoshobora kubabara rwose gushika n’aho yiyumvira ko yohagarika kwitaba amakoraniro ya gikirisu canke kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro.—Luka 17:1.
Uruhamo. Abandi mudasangiye ukwizera boshobora kukurwanya, kuguhama canke kugutyekeza.—2 Timoteyo 3:12; 2 Petero 3:3, 4.
[Ifoto ku rup. 26]
Yezu yaduhimirije ‘gushishikara gusenga’ dusaba imfashanyo yo guhangana n’inyosha mbi