Turaronka ububasha bwo gutsinda ibigeragezo n’ugucika intege
“Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako.”—IVYAK. 1:8.
1, 2. Ni imfashanyo iyihe Yezu yasezeraniye abigishwa biwe, kandi ni kubera iki bobaye bayikeneye?
YEZU yari azi yuko abigishwa biwe batari gushobora gukurikiza ivyo yari yarabategetse vyose bakoresheje inkomezi zabo bwite. Uravye ingene igikorwa co kwamamaza bari bashinzwe cangana, ingene ababarwanya bari bakomeye be n’ubugoyagoye bw’umubiri wabo, vyaragaragara ko bari bakeneye ububasha budasanzwe. Ni co gituma imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru yakuye amazinda abigishwa biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”—Ivyak. 1:8.
2 Ico kintu yari yarabasezeraniye catanguye kuranguka kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. igihe impwemu nyeranda yaha abayoboke ba Yezu Kristu ububasha bwo kwamamaza i Yeruzalemu hose. Nta kurwanywa na kumwe kwashoboye kubahagarika. (Ivyak. 4:20) “Imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi,” abayoboke ba Yezu b’abizigirwa, na twebwe turimwo, bobaye bakeneye bimwe vyihutirwa izo nkomezi nyene zitangwa n’Imana.—Mat. 28:20.
3. (a) Sigura itandukaniro riri hagati y’impwemu nyeranda n’ububasha. (b) Ububasha buva kuri Yehova bushobora kudufasha gukora iki?
3 Yezu yasezeraniye abigishwa biwe yuko ‘boronse ububasha impwemu nyeranda ibajeko.’ Amajambo “ububasha” be n’“impwemu” afise insobanuro zitandukanye. Impwemu y’Imana, ari zo nguvu zayo zikora akazi, ni inguvu zirungikwa ku bantu, canke ku bintu, maze zikabakoreramwo kugira ngo barangure ivyo Imana igomba. Ububasha bwobwo burashobora kuvugwa yuko ari “ubushobozi bwo kugira ico ukoze canke ushitseko.” Burashobora kwibika mu muntu canke mu kintu gushika bukenewe kugira ngo bugire ikintu kinaka bukoze. Ku bw’ivyo rero, impwemu nyeranda yoshobora kugereranywa n’umuyagankuba wongereza umucanwa mw’ibateri, mu gihe ububasha bwobwo bwogereranywa cane n’umucanwa utaboneka uca wibika muri iyo bateri. Ububasha Yehova aha abasavyi biwe abicishije ku mpwemu nyeranda buratuma umwe wese muri twebwe aronka ubushobozi bwo gushitsa ukwiyegura kwiwe kwa gikirisu, kandi igihe bikenewe bugatuma aronka ubushobozi bwo kunanira utwosho tubi agirwako.—Soma Mika 3:8; Abakolosayi 1:29.
4. Ni ibiki tugira twihweze muri iki kiganiro, kandi kubera iki?
4 None ububasha duhabwa n’impwemu nyeranda bwigaragaza gute? Impwemu nyeranda yoshobora kutuvyurira umutima wo gukora ibiki canke kuvyifatamwo gute mu bihe bitandukanye? Uko turondera gukorera Imana turi abizigirwa, turahura n’intambamyi zitari nke, zaba izo duterwa na Shetani, isi yiwe mbi, canke umubiri wacu munyagasembwa. Birahambaye ko dutsinda mwene izo ntambamyi kugira ngo tugume turi abakirisu, tugire uruhara mu busuku tudahorereza, twongere tugume dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Nimuze twihweze ukuntu impwemu nyeranda idufasha kunanira ibigeragezo no gutsinda ukudendebukirwa n’ugucika intege.
Iraduha ububasha bwo kunanira ibigeragezo
5. Isengesho rishobora gute kuturonsa ububasha?
5 Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha.” (Mat. 6:13) Yehova ntazoheba abasavyi biwe b’abizigirwa bamusaba ico kintu. Ikindi gihe, Yezu yavuze yuko “Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba.” (Luka 11:13) Ese ukuntu biduhumuriza kuba Yehova adusezeranira kuduha iyo nguvu idufasha gukora ibigororotse! Ego ni ko, ivyo ntibisobanura yuko Yehova azoturinda gushikirwa n’ibigeragezo. (1 Kor. 10:13) Mugabo igihe dushikiwe n’ibigeragezo, kiba ari co gihe co kurushiriza gusenga tubigiranye ubwira.—Mat. 26:42.
6. Inyishu Yezu yatanze igihe Shetani yariko aramugerageza yazishingiye ku ki?
6 Yezu yarasubiyemwo ivyanditswe mu kwishura Shetani igihe yariko aramugerageza. Yezu yaratahura neza Ijambo ry’Imana igihe yishura ati: “Vyanditswe ngo . . . Vyanditswe kandi ngo . . . Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’” Urukundo Yezu yakunda Yehova be n’urwo yakunda Ijambo ryiwe rwatumye yamirira kure ibintu bikwegakwega uwo Mugerageji yamushize imbere. (Mat. 4:1-10) Aho Yezu amariye kunanira ivyo bigeragezo akatari gake, Shetani yaramuretse.
7. Bibiliya idufasha gute kunanira ibigeragezo?
7 Kubera ko Yezu yishimikije Ivyanditswe kugira ngo ananire ibigeragezo vya Shetani, wumva none tudakwiye kurushiriza kubigenza gutyo! Mu vy’ukuri, kugira ngo dushobore kunanira Shetani n’abakozi biwe dutegerezwa kubanza kugira umwiyemezo wo kumenya ingingo mfatirwako z’Imana tukongera tukazisunga bimwe bishitse. Abantu benshi baravyuriwe umutima wo kubaho bisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya igihe biga Ivyanditswe maze bagatahura ubukerebutsi be n’ubugororotsi vy’Imana. Nkako, “ijambo ry’Imana” riragira ububasha bushobora kumenya “ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:12) Uko umuntu arushiriza gusoma Ivyanditswe no kubizirikanako, ni ko arushiriza kuronka ‘ugutahura kwimbitse mu bijanye n’ukuri kwa Yehova.’ (Dan. 9:13) Ko ari ukwo biri, vyoba vyiza tuzirikanye ku vyanditswe bijanye n’ubugoyagoye bwacu.
8. Dushobora kuronka impwemu nyeranda biciye ku ki?
8 Uretse ko Yezu yari azi Ivyanditswe, yarashoboye no kunanira ibigeragezo kubera ko yari “yuzuye impwemu nyeranda.” (Luka 4:1) Kugira ngo tugire inkomezi be n’ubushobozi nk’ivyo yari afise, turakeneye kwiyegereza Yehova mu kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zose yadushiriyeho kugira ngo turonke impwemu yiwe. (Yak. 4:7, 8) Muri izo ntunganyo harimwo kwiga Bibiliya, isengesho, no kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera. Benshi baratahuye kandi akamaro ko kuguma bafise vyinshi bakora mu bikorwa vya gitewokarasi, ivyo bikaba bibafasha kugumiza ubwenge ku vyiyumviro vyubaka bijanye n’ivy’impwemu.
9, 10. (a) Ni ibigeragezo ibihe bikunda gushika mu karere iwanyu? (b) Kuzirikana hamwe no gusenga bishobora gute kukuronsa ububasha bwo kunanira ibigeragezo n’igihe nyene uba wumva ko wadendebukiwe?
9 Ni ibigeragezo ibihe ubwirizwa kunanira? Woba warigeze kwumva ushaka kumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina mutubakanye? Nimba utubatse, woba warigeze kwumva wipfuza cane kwemera kugiranira imigenderanire y’ivy’urukundo n’umuntu mudasangiye ukwemera? Igihe abakirisu bariko bararaba televiziyo canke bariko barakoresha Internet, boshobora kwumva bashatse kuraba ikintu gihumanye kije batari bavyiteze. Ivyo vyoba bimaze kugushikira? Nimba bimaze kugushikira, wavyifashemwo gute? Vyoba biranga ubukerebutsi uzirikanye ku kuntu gukora ikintu kimwe kitabereye bishobora kugushikana ku gukora ikindi maze bigatuma ukora ikibi gikomeye. (Yak. 1:14, 15) Nuzirikane ku kuntu wobabaza Yehova, ishengero, be n’umuryango wawe uramutse uhemutse. Ariko rero, ijwi ryo mu mutima ryiza riva ku kuguma wumiye ku ngingo ngenderwako z’Imana. (Soma Zaburi 119:37; Imigani 22:3.) Igihe cose ushikiwe n’ibigeragezo nk’ivyo, niwiyemeze gusenga usaba inkomezi zo kubitsinda.
10 Hariho ikindi kintu ukwiye kwibuka ku bijanye n’ibigeragezo vya Shetani. Yegereye Yezu igihe yari amaze imisi 40 mu bugaragwa yisonzesha. Nta gukeka ko Shetani yabona yuko ako kari “akaryo keza” cane ko kugerageza ugutungana kwa Yezu. (Luka 4:13) Muri ubwo buryo nyene, Shetani ararondera uturyo twiza two kugerageza ugutungana kwacu. Birahambaye cane rero ko tuguma twikomeza mu buryo bw’impwemu. Akenshi Shetani atera umuntu igihe aba abona yuko agoyagoya cane. Ku bw’ivyo, igihe cose twumva ko tudendebukiwe canke ducitse intege, turakwiye kurushiriza kwiyemeza gutakambira Yehova tumusaba ngo adukingire yongere aturonse impwemu nyeranda.—2 Kor. 12:8-10.
Iraduha ububasha bwo gutsinda ukudendebukirwa n’ugucika intege
11, 12. (a) Ni kubera iki abantu benshi bacika intege muri iki gihe? (b) Ni igiki gishobora kuduha ububasha bwo kwihangana igihe twacitse intege?
11 Kubera ko turi abantu b’abanyagasembwa, birashika tugacika intege. Ivyo vyoshobora canecane kuba ari ukwo biri muri iki gihe kubera ko ikiringo tubayemwo kirimwo ibintu bitesha umutwe cane. Turiko turaca kumbure mu bihe bigoye kuruta ibindi vyose abantu bigeze gucamwo. (2 Tim. 3:1-5) Uko Harumagedoni yegereza, ni ko ingorane zijanye n’ivy’ubutunzi, inyiyumvo, be n’ibindi zongerekana. Ntibikwiye kudutangaza rero kuba bamwebamwe birushiriza kubagora gushitsa ibanga bajejwe ryo kwitwararika imiryango yabo no kuyironsa ivyo ikeneye. Barumva badendebukiwe, baremerewe, barushe, eka mbere basanzaye. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, ushobora gute none guhangana n’uwo mukazo?
12 Uribuka yuko Yezu yakuye amazinda abigishwa biwe ko yobahaye umufasha, ari yo mpwemu nyeranda y’Imana. (Soma Yohani 14:16, 17.) Iyo ni yo nguvu ifise ububasha kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru. Yehova ayikoresheje, arashobora kuduha inkomezi “[z]irengeye kure n’iyo” izo dukeneye kugira ngo twihanganire ikigeragezo ico ari co cose. (Ef. 3:20) Intumwa Paulo yavuze ko iyo twihetse kuri iyo mpwemu, turonka “ububasha burengeye ubusanzwe,” naho nyene “[du]tunatunwa mu buryo bwose.” (2 Kor. 4:7, 8) Yehova ntasezerana gukuraho ibintu bitesha umutwe, mugabo aradukura amazinda yuko biciye ku mpwemu yiwe, azoduha inkomezi zo kuvyihanganira.—Flp. 4:13.
13. (a) Uwukiri muto umwe yaronse gute ububasha bwo kwihanganira ibintu bigoye? (b) Woba uzi abandi bantu bashikiwe n’ibintu nk’ivyo?
13 Rimbura ivyashikiye uwitwa Stephanie, uno akaba ari umutsimvyi asanzwe w’imyaka 19. Igihe yari afise imyaka 12, yararwaye indwara yonona ubwonko kandi basanze afise ikivyimba mu bwonko. Kuva ico gihe, yarabazwe incuro zibiri, aravurwa hakoreshejwe imishwarara (ivyo bita radiothérapie) yongera ararwara izindi ndwara zibiri zonona ubwonko, bikaba vyatumye ibihimba vyiwe vy’umubiri vyo ku ruhande rw’ibubamfu bitaba bigikora neza, vyongera bituma ataba akibona neza. Stephanie abwirizwa kuziganya utuguvu twiwe kugira ngo adukoreshe ibintu abona ko bihambaye kuruta, nk’amakoraniro ya gikirisu n’ubusuku bwo mu ndimiro. Yamara, aribonera ukuntu ukuboko kwa Yehova kumufasha kwihangana mu buryo bwinshi. Ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyigana ibintu vyashikiye abakirisu bagenziwe vyaramuremesheje igihe yari adendebukiwe. Abo basangiye ukwemera baramufashe mu mugongo mu kumwandikira udukete canke mu kumubwira amajambo aremesha imbere n’inyuma y’amakoraniro. Abashimishijwe na bo nyene barerekanye ko bakenguruka ivyo Stephanie abigisha mu kumusanga i muhira kugira ngo bige Bibiliya. Stephanie arakengurukira cane Yehova ku bw’ivyo bintu vyose. Icanditswe akunda cane ni Zaburi 41:3, akaba abona ko carangutse ku bimwerekeye.
14. Ni igiki dukwiye kwirinda igihe twacitse intege, kandi kubera iki?
14 Igihe tudendebukiwe canke turi mu mukazo, ntidukwiye kwigera twiyumvira yuko uburyo bwo gutorera umuti ibintu nk’ivyo bitesha umutwe ari ukugabanya ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Hamwe twobigabanya twoba dukoze ikintu kibi kuruta ibindi vyose. Uti kubera iki? Kubera yuko mwene ibi bikorwa nko kwiyigisha Bibiliya no kuyiga mu muryango, umurimo wo mu ndimiro no kwitaba amakoraniro ari bwo buryo turonkeramwo impwemu nyeranda ituma dusubira kugira intege. Ibikorwa vya gikirisu vyama nantaryo bituruhurira. (Soma Matayo 11:28, 29.) Urazi ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bakunda gushika ku makoraniro bumva basanzaye, mugabo igihe co gutaha gishitse, ugasanga basubiye kugira inguvu, amabateri yabo yo mu buryo bw’impwemu yashizwemwo umuriro tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo!
15. (a) Yehova yoba asezerana yuko azotuma umukirisu abaho ata twigoro agira? Bisigure wisunze Ivyanditswe. (b) Ni igiki Imana idusezeranira, kandi ivyo bica bituma twibaza ikihe kibazo?
15 Ego ni ko, ivyo ntibisobanura yuko umutwaro wo kuba umwigishwa wa Kristu utaremereye. Bisaba akigoro kugira ngo umuntu abe umukirisu w’umwizigirwa. (Mat. 16:24-26; Luka 13:24) Ariko rero, Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda, arashobora guha inkomezi uwudendebukiwe. Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha. Bazodugisha amababa nk’inkona. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe.” (Yes. 40:29-31) Kubera ko ari ukwo biri, vyoba vyiza twibajije duti: Ni igiki vy’ukuri gituma twumva turuhijwe n’ibikorwa vy’impwemu?
16. Twokora iki kugira ngo twirinde ibintu bishobora gutuma turuha canke ducika intege?
16 Ijambo rya Yehova riduhimiriza “[kwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Flp. 1:10) Mu kugereranya ubuzima bwa gikirisu n’isiganwa rirerire ryo kwiruka n’amaguru, intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yahanuye ati: “Twiyambure kandi uburemere bwose . . . , kandi twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.” (Heb. 12:1) Yashaka kuvuga yuko dutegerezwa kwirinda ibikorwa bidakenewe, ni ukuvuga ibintu bidakenewe bituremera, bizotuma turuha. Bamwebamwe muri twebwe boshobora kuba bariko baragerageza gusa gukora ibikorwa vyinshi cane. Nimba rero ukunda kuruha no kwumva uri mu mukazo, woshobora kwungukira ku gusubira kwihweza inguvu ukoresha mu kazi kawe ka misi yose, incuro ufata ingendo uja kwinezereza, be n’inguvu ukoresha mu kwinonora imitsi canke mu bindi bikorwa vyo kwiruhura. Kugira ibitegereka be n’ukwifata ruto bikwiye gutuma twese twemera ko hari ivyo tudashoboye maze tukagabanya ibikorwa bidakenewe.
17. Ni kubera iki bamwebamwe boshobora gucika intege, mugabo Yehova adukura amazinda gute muri ivyo?
17 Bamwebamwe muri twebwe boshobora kandi gucika intege ku rugero runaka kubera ko iherezo ry’ivy’iyi si ritashitse ningoga nk’uko bari bavyiteze. (Imig. 13:12) Ariko rero, uwo wese abona ibintu gutyo arashobora kuremeshwa n’amajambo dusanga muri Habakuki 2:3 agira ati: “Ibintu vyerekanywe [biracarindiriye] igihe vyashingiwe, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.” Yehova aradukura amazinda yuko iherezo ry’ivy’iyi si rizoza ku gihe nyene yashinze!
18. (a) Ni ibiki dusezeranirwa bituma ugira inkomezi? (b) Ikiganiro gikurikira tuzocungukirako gute?
18 Mu vy’ukuri, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bose si bo bazobona harageze ko ukuruha n’ugucika intege bihera, igihe abazoba bariho bose bazogira ‘ingoga zo mu buto.’ (Yobu 33:25) Mbere n’ubu turashobora kugirwa abakomeye imbere muri twebwe biciye ku gukora kw’impwemu nyeranda uko tugira uruhara mu bikorwa vyo mu vy’impwemu bituma tugira ingoga. (2 Kor. 4:16; Ef. 3:16) Ntureke ngo uburuhe butume imihezagiro y’ibihe bidahera iguca mu myanya y’intoke. Ingorane iyo ari yo yose, yaba itewe n’ikigeragezo, ukuruha, canke ugucika intege, izohera; naho hatoba ubu nyene, izohera mw’isi nshasha. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ukuntu impwemu nyeranda iha abakirisu ububasha kugira ngo bashikame mu ruhamo, bananire akosho k’urunganwe, bongere bihanganire izindi ngorane zikomeye.
Wokwishura gute?
• Ni gute gusoma Bibiliya bituma turonka ububasha?
• Ni gute isengesho no kuzirikana bituma turonka ububasha?
• Wokwirinda gute ibintu vyoshobora gutuma ucika intege?
[Ifoto ku rup. 24]
Amakoraniro ya gikirisu arashobora gutuma tugira ingoga mu buryo bw’impwemu