ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 21 rup. 24
  • Yezu ni muzima!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ni muzima!
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Intumwa zamamaza ata bwoba
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Imana iribuka Umwana wayo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu azuka
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 21 rup. 24
Yezu ariko araduga mw’ijuru

IGIHIMBA CA 21

Yezu ni muzima!

Yezu ariyereka abayoboke biwe kugira ngo abahe ubuyobozi yongere abaremeshe

KU MUSI ugira gatatu inyuma y’urupfu rwa Yezu, abagore bamwe bari basanzwe ari abigishwa biwe, barabonye yuko ikibuye cari cugaje imva yari yahambwemwo cari catembagarijwe nka hariya. Ba barinzi bari baravye. N’ikindi kandi, imva yaragaragara!

Abamarayika babiri baciye babiyereka. Umwe muri bo yavuze ati: “Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, . . . Yazuwe.” (Mariko 16:6) Abo bagore baciye ubwo nyene biruka kubibwira intumwa. Bakiri mu nzira, barahuye na Yezu. Yababwiye ati: “Ntimutinye! Nimugende muvyiganire abavukanyi banje, kugira ngo baje i Galilaya; ni ho bazombonera.”—Matayo 28:10.

Mu nyuma kuri uwo musi nyene, hari abigishwa babiri bariko baja mu gisagara c’i Emawusi bavuye i Yeruzalemu. Umuntu batari bazi yarifatanije na bo muri urwo rugendo maze ababaza ivyo bariko baravuga. Mu vy’ukuri, uwo muntu yari Yezu uwari amaze kuzuka, uno akaba yabiyeretse ari mu mero yatumye badashoka bamumenya. Bamwishuye bijiriwe mu maso yuko bariko bavuga ivyerekeye Yezu. Uwo muntu yaciye atangura kubasobanurira ibintu vyerekeye Mesiya bivugwa mu Vyanditswe vyose. Mu vy’ukuri, Yezu yari yashikije akantu kose kajanye n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya.a Aho abo bigishwa bamenyeye ko nya muntu yari Yezu, uwari yazutse afise umubiri w’impwemu, yaciye akamangana.

Abo bigishwa babiri baciye ubwo nyene basubira i Yeruzalemu. Basanze intumwa zikoraniye hamwe ziyugaranye. Magingo abo bigishwa babiri bariko barigana ivyo babonye, Yezu yaciye ahaseruka. Abayoboke biwe baratangaye cane birabagora gutegera! Yezu yababajije ati: “Kubera iki inkeka ziza mu mitima yanyu? . . . Vyanditswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu.”—Luka 24:38, 46.

Inyuma y’aho Yezu azukiye, yamaze imisi 40 yiyereka abigishwa biwe mu bihe bitandukanye. Igihe kimwe, yariyeretse abarenga 500! Bishoboka ko muri ico gihe ari ho yabashinga iki gikorwa gihambaye, ati: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha gukurikiza ibintu vyose nabategetse. Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”—Matayo 28:19, 20.

Igihe Yezu yakoranira hamwe n’intumwa ziwe z’intahemuka 11 ari bwo bwa nyuma, yabasezeraniye ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabashikako, kandi muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibikorwa 1:8) Yezu yaciye aduzwa, maze ariko araduga mw’ijuru, igicu kiramupfuka ntibaba bakimubona.

​—Bivugwa muri Matayo ikigabane ca 28; Mariko ikigabane ca 16; Luka ikigabane ca 24; Yohani ikigabane ca 20 n’ica 21; 1 Abakorinto 15:5, 6.

a Nimba wipfuza kumenya bumwebumwe mu buhanuzi bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu, raba ibivugwa mu Gihimba ca 14, mu Gihimba ca 15, no mu Gihimba ca 16 muri aka gatabu nyene, hamwe n’ibivugwa mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? mu mayagwa y’inyongera ahavuga ngo “Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe.”

  • Abigishwa ba Yezu bamenye gute ko Imana yari yamuzuye?

  • Ni ibiki Yezu yasiguriye ba bigishwa babiri bariko baja i Emawusi?

  • Ni ibiki Yezu yategetse abigishwa biwe imbere y’uko aduga mw’ijuru?

IMPWEMU NYERANDA

Impwemu nyeranda y’Imana ni yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru. Yehova Imana yarakoresheje impwemu yiwe, ari yo nguvu ikora akazi, kugira ngo areme ijuru n’isi no kugira ngo ayobore igikorwa co kwandika Bibiliya. Iyo mpwemu ni yo yatumye ibitangaro vyose tumaze gusoma bikorwa, harimwo na kimwe gihambaye kuruta ibindi vyose, na co kikaba kijanye n’izuka rya Yezu Kristu ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha.—Itanguriro 1:2; 2 Samweli 23:2; Ibikorwa 10:38; 1 Petero 3:18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika